Yeremiya 38:1-28

38  Nuko Shefatiya mwene Matani, na Gedaliya mwene Pashuri, na Yukali+ mwene Shelemiya, na Pashuri mwene Malikiya+, bumva amajambo Yeremiya yariko abwira abantu bose+ ati:  “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Uwuzoguma muri iki gisagara ni we azokwicwa n’inkota+, n’ikigoyi+ be n’ikiza+. Mugabo uwuzosohoka akaja ku Bakaludaya ni we azobandanya kubaho; azonyaga amagara yiwe, abeho+.’  Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Iki gisagara kizotangwa ata kabuza mu kuboko kw’inteko za gisirikare z’umwami wa Babiloni, na we azogifata+.’”  Nuko abaganwa babwira umwami bati: “Turakwinginze uyu mugabo yicwe+, kuko ukwo ari ko atuma amaboko y’abarwanyi basigaye muri iki gisagara n’amaboko y’abantu bose aba goyigoyi, mu kubabwira ayo majambo+. Kuko uwu mugabo ataronderera amahoro aba bantu, mugabo abaronderera ivyago.”  Umwami Zedekiya avuga rero ati: “Ehe ari mu maboko yanyu! Kuko ata kintu na kimwe umwami ashobora kubabuza+.”  Bafata rero Yeremiya bamuterera mw’itangi rya Malikiya+ umuhungu w’umwami, iryari mu Kigo c’Abarinzi+. Bamanura Yeremiya bakoresheje imigozi. Ico gihe muri iryo tangi nta mazi yariyo, atari urwondo; nuko Yeremiya atangura kunyika muri nya rwondo+.  Ebedi-meleki Umunyetiyopiya+, umugabo yari inkone* kandi yaba mu nzu y’umwami, yumva ko bashize Yeremiya muri nya tangi; kandi umwami yari yicaye mw’Irembo rya Benyamini+.  Ebedi-meleki arasohoka rero avuye mu nzu y’umwami maze abwira umwami ati:  “Ewe mukama wanje umwami, abo bagabo bagize nabi mu vyo bagiriye Yeremiya umuhanuzi vyose, uwo batereye mw’itangi kugira ngo apfire+ aho ari yishwe n’ikigoyi+. Kuko ata mukate ugisigaye mu gisagara.” 10  Nuko umwami ategeka Ebedi-meleki Umunyetiyopiya ati: “Tora aha hantu abagabo mirongo itatu uza guha amategeko, hanyuma uduze Yeremiya umuhanuzi umukure muri nya tangi atarapfa+.” 11  Ebedi-meleki atora rero nya bagabo ari buhe amategeko hanyuma yinjira mu nzu y’umwami, aja munsi y’ikigega+, atorayo imishambara n’ibipande vy’impuzu vy’imishire, abimanurira Yeremiya muri nya tangi+ akoresheje imigozi. 12  Maze Ebedi-meleki Umunyetiyopiya abwira Yeremiya ati: “Ndakwinginze ushire iyo mishambara n’ivyo bipande vy’impuzu mu maha yawe munsi y’imigozi.” Nuko Yeremiya agira kuno+. 13  Amaherezo bakwegesha Yeremiya nya migozi, baramuduza bamukuye muri nya tangi. Nuko Yeremiya abandanya kuba mu Kigo c’Abarinzi+. 14  Umwami Zedekiya rero atuma abantu gutora Yeremiya umuhanuzi ngo bamuzane aho ari+ ku rwinjiriro rugira gatatu+ ruri mu nzu ya Yehova+, maze umwami abwira Yeremiya ati: “Hari ico ngira nkubaze. Ntihagire ico unyegeza+.” 15  Mugabo Yeremiya abwira Zedekiya ati: “Ninakiguhishurira, ubwo ntuhava unyica? Kandi naho nokugira inama, nturi bunyumvirize+.” 16  Nuko Umwami Zedekiya arahira Yeremiya mu bwihisho ati: “Ndahiye ukubaho kwa Yehova, we yaduhaye ubu buzima+, sindakwica, kandi sindagutanga mu kuboko kw’abo bagabo bariko barondera ubuzima bwawe+.” 17  Yeremiya abwira rero Zedekiya ati: “Ibi ni vyo Yehova Imana nyen’ingabo+, Imana ya Isirayeli+, avuze: ‘Niwasohoka koko ukaja ku baganwa b’umwami wa Babiloni+, ntuzobura rero kubandanya kubaho kandi iki gisagara ntikizoturizwa umuriro, kandi wewe n’urugo rwawe muzobandanya kubaho ata kabuza+. 18  Mugabo nutasohoka ngo uje ku baganwa b’umwami wa Babiloni, emwe, iki gisagara kizotangwa rero mu kuboko kw’Abakaludaya, na bo bazogituriza umuriro+, kandi wewe ntuzokira ukuboko kwabo+.’” 19  Maze Umwami Zedekiya abwira Yeremiya ati: “Ndatinya Abayuda bishikanye ku Bakaludaya+, kuko bohava bantanga mu kuboko kwabo na bo bakangirira nabi+.” 20  Mugabo Yeremiya avuga ati: “Ntibazogutanga. Ndakwinginze ugamburuke ijwi rya Yehova mu vyo nkubwira, maze bizokugendera neza+, ubandanye kubaho. 21  Mugabo niwanka gusohoka+, iki ni co kintu Yehova anyeretse: 22  Ehe abagore bose basigaye mu nzu y’umwami wa Yuda+ bajanywe ku baganwa b’umwami wa Babiloni+, kandi bariko bavuga bati:‘Abagabo mufitaniye amahoro baguhendahenze+ urahendeka+.Banyikije ikirenge cawe mu rwondo; basubiye inyuma bajana iyindi nzira+.’ 23  Abagore bawe bose n’abana bawe bose barabasohoye babajana ku Bakaludaya, kandi wewe ntuzokira ukuboko kwabo+, mugabo uzofatwa n’ukuboko kw’umwami wa Babiloni, kandi kubera wewe, iki gisagara kizoturizwa umuriro+.” 24  Nuko Zedekiya abwira Yeremiya ati: “Ntihagire umuntu n’umwe agira ico amenya kuri ivyo bintu, kugira ntupfe. 25  Abaganwa+ nibumva yuko navuganye nawe hanyuma bakaza koko aho uri, bakakubwira bati: ‘Turakwinginze utubwire: Wabwiye iki umwami? Ntihagire ico utunyegeza, natwe ntitukwica. Kandi umwami yakubwiye iki?’, 26  ubabwire rero uti: ‘Nariko nisabira ubutoni imbere y’umwami, kugira ngo ntansubize mu nzu ya Yehonatani+ ngo mpfireyo.’” 27  Mu nyuma abaganwa bose baza aho Yeremiya ari, batangura kumubaza. Na we ababwira yisunze ayo majambo yose umwami yari yamutegetse+. Nuko baracereza imbere yiwe, kuko ata wari yumvise ico kintu. 28  Maze Yeremiya abandanya kuba mu Kigo c’Abarinzi+ gushika umusi Yeruzalemu yafatwa+. Vyabaye igihe Yeruzalemu yafatwa+.

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.