Yeremiya 38:1-28
38 Nuko Shefatiya mwene Matani, na Gedaliya mwene Pashuri, na Yukali+ mwene Shelemiya, na Pashuri mwene Malikiya+, bumva amajambo Yeremiya yariko abwira abantu bose+ ati:
2 “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Uwuzoguma muri iki gisagara ni we azokwicwa n’inkota+, n’ikigoyi+ be n’ikiza+. Mugabo uwuzosohoka akaja ku Bakaludaya ni we azobandanya kubaho; azonyaga amagara yiwe, abeho+.’
3 Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Iki gisagara kizotangwa ata kabuza mu kuboko kw’inteko za gisirikare z’umwami wa Babiloni, na we azogifata+.’”
4 Nuko abaganwa babwira umwami bati: “Turakwinginze uyu mugabo yicwe+, kuko ukwo ari ko atuma amaboko y’abarwanyi basigaye muri iki gisagara n’amaboko y’abantu bose aba goyigoyi, mu kubabwira ayo majambo+. Kuko uwu mugabo ataronderera amahoro aba bantu, mugabo abaronderera ivyago.”
5 Umwami Zedekiya avuga rero ati: “Ehe ari mu maboko yanyu! Kuko ata kintu na kimwe umwami ashobora kubabuza+.”
6 Bafata rero Yeremiya bamuterera mw’itangi rya Malikiya+ umuhungu w’umwami, iryari mu Kigo c’Abarinzi+. Bamanura Yeremiya bakoresheje imigozi. Ico gihe muri iryo tangi nta mazi yariyo, atari urwondo; nuko Yeremiya atangura kunyika muri nya rwondo+.
7 Ebedi-meleki Umunyetiyopiya+, umugabo yari inkone* kandi yaba mu nzu y’umwami, yumva ko bashize Yeremiya muri nya tangi; kandi umwami yari yicaye mw’Irembo rya Benyamini+.
8 Ebedi-meleki arasohoka rero avuye mu nzu y’umwami maze abwira umwami ati:
9 “Ewe mukama wanje umwami, abo bagabo bagize nabi mu vyo bagiriye Yeremiya umuhanuzi vyose, uwo batereye mw’itangi kugira ngo apfire+ aho ari yishwe n’ikigoyi+. Kuko ata mukate ugisigaye mu gisagara.”
10 Nuko umwami ategeka Ebedi-meleki Umunyetiyopiya ati: “Tora aha hantu abagabo mirongo itatu uza guha amategeko, hanyuma uduze Yeremiya umuhanuzi umukure muri nya tangi atarapfa+.”
11 Ebedi-meleki atora rero nya bagabo ari buhe amategeko hanyuma yinjira mu nzu y’umwami, aja munsi y’ikigega+, atorayo imishambara n’ibipande vy’impuzu vy’imishire, abimanurira Yeremiya muri nya tangi+ akoresheje imigozi.
12 Maze Ebedi-meleki Umunyetiyopiya abwira Yeremiya ati: “Ndakwinginze ushire iyo mishambara n’ivyo bipande vy’impuzu mu maha yawe munsi y’imigozi.” Nuko Yeremiya agira kuno+.
13 Amaherezo bakwegesha Yeremiya nya migozi, baramuduza bamukuye muri nya tangi. Nuko Yeremiya abandanya kuba mu Kigo c’Abarinzi+.
14 Umwami Zedekiya rero atuma abantu gutora Yeremiya umuhanuzi ngo bamuzane aho ari+ ku rwinjiriro rugira gatatu+ ruri mu nzu ya Yehova+, maze umwami abwira Yeremiya ati: “Hari ico ngira nkubaze. Ntihagire ico unyegeza+.”
15 Mugabo Yeremiya abwira Zedekiya ati: “Ninakiguhishurira, ubwo ntuhava unyica? Kandi naho nokugira inama, nturi bunyumvirize+.”
16 Nuko Umwami Zedekiya arahira Yeremiya mu bwihisho ati: “Ndahiye ukubaho kwa Yehova, we yaduhaye ubu buzima+, sindakwica, kandi sindagutanga mu kuboko kw’abo bagabo bariko barondera ubuzima bwawe+.”
17 Yeremiya abwira rero Zedekiya ati: “Ibi ni vyo Yehova Imana nyen’ingabo+, Imana ya Isirayeli+, avuze: ‘Niwasohoka koko ukaja ku baganwa b’umwami wa Babiloni+, ntuzobura rero kubandanya kubaho kandi iki gisagara ntikizoturizwa umuriro, kandi wewe n’urugo rwawe muzobandanya kubaho ata kabuza+.
18 Mugabo nutasohoka ngo uje ku baganwa b’umwami wa Babiloni, emwe, iki gisagara kizotangwa rero mu kuboko kw’Abakaludaya, na bo bazogituriza umuriro+, kandi wewe ntuzokira ukuboko kwabo+.’”
19 Maze Umwami Zedekiya abwira Yeremiya ati: “Ndatinya Abayuda bishikanye ku Bakaludaya+, kuko bohava bantanga mu kuboko kwabo na bo bakangirira nabi+.”
20 Mugabo Yeremiya avuga ati: “Ntibazogutanga. Ndakwinginze ugamburuke ijwi rya Yehova mu vyo nkubwira, maze bizokugendera neza+, ubandanye kubaho.
21 Mugabo niwanka gusohoka+, iki ni co kintu Yehova anyeretse:
22 Ehe abagore bose basigaye mu nzu y’umwami wa Yuda+ bajanywe ku baganwa b’umwami wa Babiloni+, kandi bariko bavuga bati:‘Abagabo mufitaniye amahoro baguhendahenze+ urahendeka+.Banyikije ikirenge cawe mu rwondo; basubiye inyuma bajana iyindi nzira+.’
23 Abagore bawe bose n’abana bawe bose barabasohoye babajana ku Bakaludaya, kandi wewe ntuzokira ukuboko kwabo+, mugabo uzofatwa n’ukuboko kw’umwami wa Babiloni, kandi kubera wewe, iki gisagara kizoturizwa umuriro+.”
24 Nuko Zedekiya abwira Yeremiya ati: “Ntihagire umuntu n’umwe agira ico amenya kuri ivyo bintu, kugira ntupfe.
25 Abaganwa+ nibumva yuko navuganye nawe hanyuma bakaza koko aho uri, bakakubwira bati: ‘Turakwinginze utubwire: Wabwiye iki umwami? Ntihagire ico utunyegeza, natwe ntitukwica. Kandi umwami yakubwiye iki?’,
26 ubabwire rero uti: ‘Nariko nisabira ubutoni imbere y’umwami, kugira ngo ntansubize mu nzu ya Yehonatani+ ngo mpfireyo.’”
27 Mu nyuma abaganwa bose baza aho Yeremiya ari, batangura kumubaza. Na we ababwira yisunze ayo majambo yose umwami yari yamutegetse+. Nuko baracereza imbere yiwe, kuko ata wari yumvise ico kintu.
28 Maze Yeremiya abandanya kuba mu Kigo c’Abarinzi+ gushika umusi Yeruzalemu yafatwa+. Vyabaye igihe Yeruzalemu yafatwa+.
Amakuru yiyongereye
^ Raba Inyongera ya 21.