Yeremiya 36:1-32

36  Nuko mu mwaka ugira kane wa Yehoyakimu+ mwene Yosiya, umwami wa Yuda, iri jambo riza kuri Yeremiya rivuye kuri Yehova riti:  “Niwironse umuzingo w’igitabu+, hanyuma uwandikemwo amajambo yose+ nakubwiye kuri Isirayeli no kuri Yuda+ no ku mahanga yose+, kuva umusi navugana nawe, kuva mu misi ya Yosiya gushika n’uyu musi+.  Hari aho ab’inzu ya Yuda bokwumviriza ivyago vyose niyumvira kubateza+, bagahindukira+, umwe wese akava mu nzira yiwe mbi, nanje nkabababarira koko ikosa ryabo n’igicumuro cabo+.”  Yeremiya ahamagara rero Baruki+ mwene Neriya kugira ngo Baruki yandike amajambo yose ya Yehova, ayo yari yabwiye Yeremiya, ayandike ku muzingo w’igitabu ayakuye mu kanwa ka Yeremiya+.  Maze Yeremiya ategeka Baruki ati: “Jewe ndugaranywe. Sinshobora kwinjira mu nzu ya Yehova+.  Wewe niwinjire maze usome n’ijwi rirenga amajambo ya Yehova muri uwo muzingo wanditse bivuye mu kanwa kanje+, uyasomere mu matwi y’abantu mu nzu ya Yehova, ku musi w’ukwisonzesha+; wongere uyasomere n’ijwi rirenga mu matwi y’abo muri Yuda bose baza bavuye mu bisagara vyabo+.  Hari aho ugusaba ubutoni kwabo kwoshika imbere ya Yehova+ maze bagahindukira, umwe wese akava mu nzira yiwe mbi+, kuko ishavu n’ubushangashirwe Yehova yavuze kuri aba bantu ari vyinshi+.”  Nuko Baruki+ mwene Neriya akora yisunze ivyo Yeremiya umuhanuzi yari yamutegetse vyose, ngo asome n’ijwi rirenga muri nya gitabu+ amajambo ya Yehova, mu nzu ya Yehova+.  Nuko mu mwaka ugira gatanu wa Yehoyakimu+ mwene Yosiya, umwami wa Yuda, mu kwezi kugira icenda+, abantu bose b’i Yeruzalemu n’abantu bose bariko baza i Yeruzalemu bavuye mu bisagara vya Yuda batangaza ukwisonzesha imbere ya Yehova+. 10  Maze Baruki atangura gusoma n’ijwi rirenga muri nya gitabu amajambo ya Yeremiya, ayasomera mu nzu ya Yehova, mu cumba c’uburiro+ ca Gemariya+ mwene Shafani+ umwimuzi+, mu kigo co haruguru, ku bwinjiriro bw’irembo rishasha ry’inzu ya Yehova+, mu matwi y’abantu bose. 11  Maze Mikaya mwene Gemariya, Gemariya mwene Shafani+, yumva amajambo yose ya Yehova yo muri nya gitabu. 12  Aca amanuka ku nzu y’umwami, ku cumba c’uburiro c’umunyamabanga, asanga abaganwa bose bicayeyo, ari bo Elishama+ umunyamabanga, na Delaya+ mwene Shemaya, na Elinatani+ mwene Akibori+, na Gemariya+ mwene Shafani+, na Zedekiya mwene Hananiya n’abandi baganwa bose. 13  Nuko Mikaya+ ababwira amajambo yose yari yumvise igihe Baruki yasomera n’ijwi rirenga nya gitabu mu matwi y’abantu+. 14  Maze abaganwa bose batuma Yehudi+ mwene Netaniya, Netaniya mwene Shelemiya, Shelemiya mwene Kushi, bamutuma kuri Baruki+, bati: “Uwo muzingo wasomeye n’ijwi rirenga mu matwi y’abantu, nuwutore uheze uze.” Nuko Baruki mwene Neriya atora nya muzingo, aza aho bari+. 15  Maze bamubwira bati: “Turakwinginze wicare, uwusomere n’ijwi rirenga mu matwi yacu.” Nuko Baruki+ awusomera n’ijwi rirenga mu matwi yabo. 16  Bakimara kwumva nya majambo yose, barabana bafise ubwoba, maze babwira Baruki bati: “Turabwira ata kabuza umwami ayo majambo yose+.” 17  Nuko babaza Baruki bati: “Turakwinginze utubwire: Ayo majambo yose wayanditse gute uyakuye mu kanwa kiwe+?” 18  Maze Baruki ababwira ati: “Yaguma ambwira ayo majambo yose ayakuye mu kanwa kiwe, nanje nkaza ndandika mu gitabu n’irangi+.” 19  Amaherezo nya baganwa babwira Baruki bati: “Genda wihishe, wewe na Yeremiya, kugira ngo ntihagire uwumenya aho muri+.” 20  Maze baza aho umwami ari, mu kigo+; nya muzingo basiga bawubikije mu cumba c’uburiro+ ca Elishama+ umunyamabanga; hanyuma batangura kwigana nya majambo yose mu matwi y’umwami. 21  Nuko umwami atuma Yehudi+ kuzana nya muzingo. Awutora rero mu cumba c’uburiro ca Elishama+ umunyamabanga+. Maze Yehudi atangura kuwusomera n’ijwi rirenga mu matwi y’umwami no mu matwi y’abaganwa bose bari bahagaze iruhande y’umwami. 22  Umwami yari yicaye mu nzu yo mu rushana+, mu kwezi kugira icenda+, imbabura+ iriko iraka imbere yiwe. 23  Yehudi akimara gusoma impapuro* zitatu canke zine, umwami aca atangura kuwutabuza imbugita y’umunyamabanga, aza arawuta mu muriro wari mu mbabura gushika nya muzingo wose urangiriye mu muriro wari muri nya mbabura+. 24  Ntibagira ubwoba+; eka kandi umwami n’abasuku biwe bose, abariko bumviriza ayo majambo yose, ntibatantamuye impuzu zabo+. 25  Mbere Elinatani+ na Delaya+ na Gemariya+ batakambira umwami ngo ntaturire nya muzingo, mugabo ntiyabumviriza+. 26  Vyongeye, umwami ategeka Yerahimeyeli umuhungu w’umwami na Seraya mwene Aziriyeli na Shelemiya mwene Abudeyeli gufata Baruki umunyamabanga na Yeremiya umuhanuzi+. Mugabo Yehova aguma abahishije+. 27  Ijambo rya Yehova ryongera kuza kuri Yeremiya, aho umwami amariye guturira nya muzingo warimwo amajambo Baruki+ yari yanditse ayakuye mu kanwa ka Yeremiya+, riti: 28  “Niwongere wironse umuzingo, uwundi, maze uwandikeko amajambo yose ya mbere yari ku muzingo wa mbere, uwo Yehoyakimu umwami wa Yuda yaturiye+. 29  Kandi uvuge ku bijanye na Yehoyakimu umwami wa Yuda uti: ‘Ibi ni vyo Yehova avuze: “Wewe waturiye uwo muzingo+, uvuga uti: ‘Kubera iki wanditse kuri wo+ ngo: “Umwami wa Babiloni azoza ata kabuza kandi azohonya koko iki gihugu, azimanganye kuri co umuntu n’igikoko+”?’ 30  Ibi rero ni vyo Yehova avuze kuri Yehoyakimu umwami wa Yuda: ‘Ntazoronka uwicara ku ntebe y’ubwami ya Dawidi+, kandi umuvyimba wiwe uzoshiburirwa hanze+ mu bushuhe ku murango no mu gikonyozi mw’ijoro. 31  Kandi nzogira ico ndamubaza+, we n’uruvyaro rwiwe be n’abasuku biwe ku bijanye n’ikosa ryabo+, kandi nzozana kuri bo no ku baba i Yeruzalemu no ku bagabo ba Yuda ivyago vyose nabavuzeko+, bakaba batumvirije+.’”’” 32  Nuko Yeremiya atora uwundi muzingo maze awuha Baruki mwene Neriya, umunyamabanga+, uno na we atangura kuwandikako amajambo yose yo mu gitabu Yehoyakimu umwami wa Yuda yari yatuririye mu muriro+, ayandika ayakuye mu kanwa+ ka Yeremiya; kandi yongerwako ayandi majambo menshi nk’ayo.

Utujambo tw'epfo

Canke, “impapuro-nkingi.”