Yeremiya 35:1-19

35  Ijambo ryaje kuri Yeremiya rivuye kuri Yehova mu misi ya Yehoyakimu+ mwene Yosiya, umwami wa Yuda, riti:  “Genda ku nzu y’Abarekabu+, uvugane na bo maze ubazane mu nzu ya Yehova, muri kimwe mu vyumba vy’uburiro; uheze ubahe umuvinyu banywe.”  Ntora rero Yayazaniya mwene Yeremiya, Yeremiya mwene Habaziniya na bene wabo, n’abahungu biwe bose, n’urugo rwose rw’Abarekabu,  ndabazana mu nzu ya Yehova, mu cumba c’uburiro+ ca bene Hanane mwene Igidaliya, umuntu w’Imana y’ukuri, icari iruhande y’icumba c’uburiro c’abaganwa cari hejuru y’icumba c’uburiro ca Mayaseya mwene Shalumu+ umurinzi w’umuryango.  Maze nshira imbere y’abahungu b’inzu y’Abarekabu ibikombe vyuzuye umuvinyu be n’amakalisi hanyuma ndababwira nti: “Nimunywe umuvinyu.”  Mugabo bavuga bati: “Nta muvinyu tunywa, kuko Yonadabu mwene Rekabu+, sogokuruza wacu, ari we yadutegetse ati: ‘Ntimuze munywe umuvinyu, yaba mwebwe canke abahungu banyu, gushika igihe kitagira urugero+.  Kandi ntimuze mwubake inzu canke ngo mubibe imbuto; ntimuze mutere umurima w’imizabibu canke ngo ubegukire. Mugabo muze mube mu mahema imisi yanyu yose, kugira ngo mubandanye kubaho imisi myinshi ku buringanire bw’ubutaka mubayeko muri ba kavamahanga+.’  Turabandanya rero kugamburuka ijwi rya Yehonadabu mwene Rekabu sogokuruza wacu mu vyo yadutegetse vyose+, mu kutanywa umuvinyu imisi yacu yose, twebwe, abagore bacu, abahungu bacu n’abakobwa bacu+,  no mu kutubaka amazu tubamwo, kandi nta murima w’imizabibu canke itongo canke imbuto bitwegukira. 10  Kandi turabandanya kuba mu mahema, no kugamburuka, no gukora twisunze ivyo Yonadabu+ sogokuruza wacu yadutegetse vyose+. 11  Mugabo igihe Nebukadirezari umwami wa Babiloni yaduga gutera igihugu+, twavuze duti: ‘Nimuze twinjire muri Yeruzalemu kubera inteko za gisirikare z’Abakaludaya no kubera inteko za gisirikare z’Abasiriya, maze tube i Yeruzalemu+.’” 12  Nuko ijambo rya Yehova riza kuri Yeremiya riti: 13  “Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo, Imana ya Isirayeli, avuze: ‘Genda ubwire abagabo ba Yuda n’ababa i Yeruzalemu uti: “Mbega ntimwagumye muhimirizwa kugamburuka amajambo yanje+?”, ni ko Yehova avuze. 14  “Amajambo ya Yehonadabu mwene Rekabu+ yarashikijwe, ayo yategetse abana biwe, yo kutanywa umuvinyu, kandi nta wo banyoye gushika n’uyu musi, kuko bagamburutse ibwirizwa rya sekuruza wabo+. Ariko jewe narababwiye, nkazinduka nkavuga+, mugabo ntimwangamburukiye+. 15  Nagumye ndabatumako abasavyi banje bose, abahanuzi+, nkazinduka nkabatuma, nti: ‘Enda nimuhindukire, umwe wese ave mu nzira yiwe mbi+, kandi ibikorwa vyanyu mubigire vyiza+, kandi ntimukurikire izindi mana ngo muzikorere+. Maze mubandanye kuba ku butaka nabahaye, mwe na ba sogokuruza banyu+.’ Ariko ntimwateze ugutwi canke ngo munyumvirize+. 16  Mugabo bene Yehonadabu mwene Rekabu+ barashikije ibwirizwa rya sekuruza wabo, iryo yabategetse+; ariko aba bantu bo ntibanyumvirije+.”’” 17  “Ibi rero ni vyo Yehova, Imana nyen’ingabo, Imana ya Isirayeli, avuze: ‘Ehe ngira nzane kuri Yuda no ku baba i Yeruzalemu bose ivyago vyose nabavuzeko+, kuko nababwiye mugabo ntibumviriza, nkaguma ndabahamagara mugabo ntibanyitabe+.’” 18  Yeremiya abwira inzu y’Abarekabu ati: “Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo, Imana ya Isirayeli, avuze: ‘Ko mwagamburutse ibwirizwa rya Yehonadabu+ sogokuruza wanyu, mukabandanya kugumya amabwirizwa yiwe yose no gukora mwisunze ivyo yabategetse vyose+, 19  ibi rero ni vyo Yehova nyen’ingabo, Imana ya Isirayeli, avuze: “Ntihazobura umugabo wo kuri Yonadabu mwene Rekabu wo kwama ahagarara+ imbere yanje+.”’”

Utujambo tw'epfo