Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Yeremiya 33:1-26

33  Ijambo rya Yehova riza kuri Yeremiya ubugira kabiri, igihe yari acugaraniwe mu Kigo c’Abarinzi+, riti:  “Ibi ni vyo Yehova wa Muhinguzi+ w’isi avuze, Yehova Umwe yayibumba+ akayishimangira+, Yehova rikaba ari ryo zina ryiwe+,  ati: ‘Mpamagara, nanje ndakwitaba+, ndakubwire n’umutima ukunze ibintu bihambaye kandi bidatahurika utari uzi+.’”  “Kuko ibi ari vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze ku bijanye n’amazu y’iki gisagara no ku bijanye n’amazu y’abami ba Yuda yasituriwe hasi ku bwo kwikingira ibikuta vyo kugisugereza be n’inkota+,  no ku bijanye n’abaza kurwanya Abakaludaya no kwuzuza ibibanza imivyimba y’abantu nasasitse mw’ishavu ryanje no mu bushangashirwe bwanje+, no kubera abantu bose batumye mpisha iki gisagara mu maso hanje bitumwe n’ububi bwabo+,  egome, avuze ati: ‘Ehe ngira ndamuzanire ugusubirana be n’amagara+; nzobakiza nongere ndabahishurire amahoro n’ukuri vy’umurengera+.  Nzogarukana abagizwe imbohe ba Yuda n’abagizwe imbohe ba Isirayeli+, kandi nzobubaka nko mu ntango+.  Nzobatyorora ikosa ryabo ryose bancumuyeko+, kandi nzobaharira amakosa yabo yose bancumuyeko bakongera bakangabitanyako+.  Azombera ata kabuza izina ry’umwigino+, ishemezo n’ubwiza ku mahanga yose yo kw’isi azokwumva ineza yose ngira ndabagirire+. Ayo mahanga azogira koko ubwoba+ yongere ahagarike umutima+ kubera ineza yose no kubera amahoro yose ngira ndamuhe+.’” 10  “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Aha hantu, aho muzoba muvuga ko ari igiharabuga kitagiramwo umuntu n’igitungwa, mu bisagara vya Yuda no mu mabarabara ya Yeruzalemu vyacitse umusaka+, bitagiramwo umuntu n’uwuhaba n’igitungwa, hazosubira kwumvikana+ 11  ijwi ry’umwigino n’ijwi ry’umunezero+, ijwi ry’umukwe n’ijwi ry’umugeni, ijwi ry’abavuga bati: “Nimuhaye Yehova nyen’ingabo, kuko Yehova ari mwiza+; kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero+!”’ “‘Bazozana mu nzu ya Yehova ishikanwa ry’ugukenguruka+, kuko nzogarukana abagizwe imbohe b’iki gihugu nko mu ntango+,’ ni ko Yehova avuze.” 12  “Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo avuze: ‘Aha hantu h’igiharabuga hatagira umuntu n’igitungwa+, no mu bisagara vyaho vyose, hazosubira kubaho itongo ry’uburagiriro ry’abungere bavyagiza umukuku+.’ 13  “‘Mu bisagara vyo mu karere k’imisozi, mu bisagara vyo mu ntara yo hasi+, no mu bisagara vyo mu bumanuko+, no mu gihugu ca Benyamini+, no mu micungararo ya Yeruzalemu+, no mu bisagara vya Yuda+, imikuku izosubira guca munsi y’amaboko y’uwuyiharura+,’ ni ko Yehova avuze.” 14  “‘Ehe imisi iraje+,’ ni ko Yehova avuze, ‘kandi nzoshitsa koko ijambo ryiza navuze+ ku nzu ya Isirayeli+ no ku nzu ya Yuda. 15  Muri iyo misi no muri ico gihe nzonagiriza Dawidi umunago ugororotse+, kandi azoshitsa koko ubutungane n’ubugororotsi mu gihugu+. 16  Muri iyo misi Yuda izokizwa+ kandi Yeruzalemu izokwibera mu mutekano+. Kandi uku ni ko Yeruzalemu azokwitwa: Yehova ni ubugororotsi bwacu+.’” 17  “Kuko ibi ari vyo Yehova avuze: ‘Ku bijanye na Dawidi, ntihazokwigera habura umugabo wo kwicara ku ntebe y’ubwami y’inzu ya Isirayeli+. 18  Kandi ku bijanye n’abaherezi, Abalewi, ntihazokwigera habura umugabo imbere yanje wo gushikana ishikanwa riturirwa uko ryakabaye no gufumbisha umwotsi hakoreshejwe ishikanwa ry’intete no gushikana ibimazi nantaryo+.’” 19  Ijambo rya Yehova ryongera kuza kuri Yeremiya riti: 20  “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Nimba mwoshobora guhagarika isezerano ryanje ry’umurango n’isezerano ryanje ry’ijoro, kugira ngo umurango n’ijoro ntibize mu gihe cavyo+, 21  n’isezerano ryanje nagiranye na Dawidi umusavyi wanje+ rero ryoshobora guhagarikwa, ku buryo ataronka umuhungu aganza ku ntebe yiwe y’ubwami+; n’iryo nagiranye n’Abalewi, abaherezi, abasuku banje+. 22  Nk’uko ingabo zo mu majuru zidashobora guharurwa, canke ngo umusenyi w’ikiyaga ugerwe+, ni ko nzogwiza uruvyaro rwa Dawidi umusavyi wanje n’Abalewi bankorera+.’” 23  Ijambo rya Yehova ryongera kuza kuri Yeremiya riti: 24  “Mbega ntiwabonye ivyo abo muri aba bantu bavuze, ngo: ‘Ya miryango ibiri Yehova yatora+, na yo nyene azoyiheba’? Kandi baguma bagaya abantu banje+, kugira ngo ntibabandanye kuba ihanga imbere yabo. 25  “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Iyo bitaba ari ivy’ukuri yuko nashizeho isezerano ryanje ry’umurango n’ijoro+, ivyagezwe bigenga ijuru n’isi+, 26  nohevye rero n’uruvyaro rwa Yakobo n’urwa Dawidi umusavyi wanje+, kugira ngo sintore mu ruvyaro rwiwe abatware bo kuganza uruvyaro rwa Aburahamu na Izahaki na Yakobo. Kuko nzokoranya abagizwe imbohe babo+, kandi nzobumvira ikigongwe+.’”

Amakuru yiyongereye