Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Yeremiya 32:1-44

32  Ijambo ryaje kuri Yeremiya rivuye kuri Yehova mu mwaka ugira cumi wa Zedekiya umwami wa Yuda+, ari wo mwaka ugira cumi n’umunani wa Nebukadirezari+.  Ico gihe inteko za gisirikare z’umwami wa Babiloni zari zisugereje Yeruzalemu+; nayo Yeremiya umuhanuzi, yari apfungiwe mu Kigo c’Abarinzi+ kiri mu nzu y’umwami wa Yuda;  kuko Zedekiya umwami wa Yuda yari yamupfunze+, mu kuvuga ati: “Kubera iki uvuga ubuhanuzi+ ngo: ‘Ibi ni vyo Yehova avuze: “Ehe ngira ntange iki gisagara mu kuboko kw’umwami wa Babiloni, na we azogifata koko+;  kandi na Zedekiya umwami wa Yuda ntazokira ukuboko kw’Abakaludaya, kuko atazobura gutangwa mu kuboko kw’umwami wa Babiloni, kandi akanwa kiwe kazovugana koko n’akanwa k’uwo, n’amaso yiwe abone koko amaso y’uwo+”’;  ‘azotwara Zedekiya i Babiloni, kandi ni ho azoguma gushika niteho ivyiwe+,’ ni ko Yehova avuze; ‘naho muguma murwanya Abakaludaya, ntimuzororanirwa+’?”  Nuko Yeremiya avuga ati: “Ijambo rya Yehova ryanjeko riti:  ‘Ehe Hanameli mwene Shalumu sowanyu aje aho uri kukubwira ati: “Niwigurire itongo ryanje riri i Anatoti+, kuko uburenganzira bw’ugucungura ari ubwawe kugira ngo urigure+.”’”  Mu nyuma Hanameli mwene datawacu aza aho ndi mu Kigo c’Abarinzi+, nk’uko ijambo rya Yehova ryari ryavuze, maze ambwira ati: “Ndakwinginze ugure itongo ryanje riri i Anatoti+ ho mu gihugu ca Benyamini+, kuko uburenganzira bw’intoranwa ari ubwawe, kandi n’uburenganzira bw’ugucungura ni ubwawe. Nuryigurire.” Nca menya ko ryari ijambo rya Yehova+.  Nuko ngura na Hanameli+ mwene datawacu nya tongo ryari i Anatoti+. Maze ntangura kumupimira amahera+: shekeli indwi n’ibice cumi vy’ifeza. 10  Maze nandika ku cete+, nshirako ikidodo+ kandi ntora ivyabona+ igihe nariko mpima+ nya mahera ku munzane. 11  Hanyuma ntora nya cete c’ubuguzi, icari cadomweko ikidodo hisunzwe ibwirizwa n’ingingo nyobozi+, n’icari cagumye cuguruye; 12  ndaheza mpa nya cete c’ubuguzi Baruki+ mwene Neriya+, Neriya wa Mahiseya, ndakimuhera mu maso ya Hanameli mwene datawacu no mu maso ya nya vyabona, abari banditse kuri nya cete c’ubuguzi+, no mu maso y’Abayuda bose bari bicaye mu Kigo c’Abarinzi+. 13  Nuko ntegeka Baruki mu maso yabo nti: 14  “Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo, Imana ya Isirayeli, avuze: ‘Tora ibi vyete, iki cete c’ubuguzi, egome, ikidomweko ikidodo, n’iki kindi cagumye cuguruye+, maze ubishire mu combo c’ikibumbano, kugira ngo bimare imisi myinshi.’ 15  Kuko ibi ari vyo Yehova nyen’ingabo, Imana ya Isirayeli, avuze: ‘Amazu n’amatongo n’imirima y’imizabibu bizosubira kugurwa muri iki gihugu+.’” 16  Nuko maze guha nya cete c’ubuguzi Baruki+ mwene Neriya+, ntangura gusenga+ Yehova nti: 17  “Yoo, ewe Mukama Segaba Yehova+! Ehe ni wewe wakoze amajuru n’isi ukoresheje ububasha bwawe buhambaye+ n’ukuboko kwawe kuramvuye+. Ico kintu cose si ic’agatangaza birenze urugero kuri wewe+, 18  Umwe agirira ubuntu bwuzuye urukundo ibihumbi+, kandi akishura ikosa rya ba se mu gikiriza c’abahungu babo mu nyuma zabo+, wewe Mana y’ukuri, Umwe ahambaye+, Umwe w’umunyabushobozi+, Yehova nyen’ingabo+ akaba ari ryo zina ryiwe+, 19  wewe uhambaye mu mpanuro+ kandi ugwije ibikorwa+, wewe ugumiza amaso ku nzira zose z’abana b’abantu+, kugira ngo uhe umwe wese nk’uko inzira ziwe ziri kandi nk’uko ivyamwa vy’ibikorwa vyiwe biri+; 20  wewe washize ibimenyetso n’ibitangaro mu gihugu ca Misiri gushika n’uyu musi, no muri Isirayeli no mu bantu+, kugira ngo wiheshe izina, nk’uko biri uyu musi+. 21  Maze warakuye abantu bawe Isirayeli mu gihugu ca Misiri+ ukoresheje ibimenyetso, n’ibitangaro+, n’ikiganza gikomeye, n’ukuboko kuramvuye, n’ububasha bukomeye kandi buteye ubwoba+. 22  “Mu nyuma warabahaye iki gihugu wari wararahiye ba sekuruza babo ko uzokibaha+, igihugu gitemba amata n’ubuki+. 23  Na bo baracinjiyemwo baracigarurira+, mugabo ntibagamburutse ijwi ryawe, kandi ntibagendeye mw’itegeko ryawe+. Ibintu vyose wari warabategetse gukora ntibabikoze+, ku buryo watumye ibi vyago vyose bibashikira+. 24  Ehe abantu baje kuri iki gisagara n’ibikuta vyo kugisugereza+ kugira bagifate+, kandi iki gisagara kizotangwa koko mu kuboko kw’Abakaludaya bariko bakirwanya+, ku bw’inkota+ n’ikigoyi+ n’ikiza+; ivyo wavuze birabaye, kandi ehe uravyibonera+. 25  Yamara wewe, ewe Mukama Segaba Yehova, wambwiye uti: ‘Niwigurire iryo tongo amahera+, utore n’ivyabona+,’ ubimbwira kandi iki gisagara kibwirizwa gutangwa mu kuboko kw’Abakaludaya+.” 26  Nuko ijambo rya Yehova riza kuri Yeremiya riti: 27  “Ehe ndi Yehova Imana y’abari n’umubiri bose+. Mbega hari ikintu c’agatangaza birenze urugero kibaho kuri jewe+? 28  Ibi rero ni vyo Yehova avuze: ‘Ehe ngira ntange iki gisagara mu kuboko kw’Abakaludaya no mu kuboko kwa Nebukadirezari umwami wa Babiloni, na we azogifata ata kabuza+. 29  Kandi Abakaludaya bariko barwanya iki gisagara bazokwinjira bagiturize umuriro+, bagitongore be n’amazu bahora bafumbishiriza ku bisenge vyayo umwotsi w’ibimazi, bawufumbishirije Bayali bakongera bakahasukira izindi mana amashikanwa y’ikinyobwa kugira bambabaze+.’ 30  “‘Kuko bene Isirayeli na bene Yuda bakoze gusa ivyari bibi mu maso yanje, kuva mu buto bwabo+; kuko bene Isirayeli bariko bambabarisha igikorwa c’amaboko yabo+,’ ni ko Yehova avuze. 31  ‘Kuko iki gisagara kuva umusi bacubaka gushika n’uyu musi ata kindi cakoze atari ukuntera ishavu+ n’ukuntera ubushangashirwe, kugira ngo ndagikure imbere y’amaso yanje+, 32  kubera ububi bwose bwa bene Isirayeli+ n’ubwa bene Yuda+, ubwo bakoze kugira ngo bambabaze+, bo hamwe n’abami babo+, n’abaganwa babo+, n’abaherezi babo+, n’abahanuzi babo+, n’abagabo ba Yuda be n’ababa i Yeruzalemu. 33  Kandi bagumye bampa umugongo ntibampe mu maso+; naho nabigisha, nkazinduka nkabigisha, nta n’umwe muri bo yumviriza ngo yemere gutozwa indero+. 34  Barashize ibintu bisesemye vyabo mu nzu yitirirwa izina ryanje, kugira ngo bayihumanye+. 35  Vyongeye, barubatse ibibanza bikirurutse vya Bayali+ biri mu mubande wa mwene Hinomu+, kugira ngo bacishe abahungu babo n’abakobwa babo mu muriro+ ku bwa Moleki+, ikintu ntabategetse+, eka kandi ntivyigeze binza mu mutima gukora ico kintu giteye ishishi+, kugira ngo bacumuze Yuda+.’ 36  “Ubu rero, ibi ni vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze kuri iki gisagara muvuga ko kitazobura gutangwa mu kuboko kw’umwami wa Babiloni biciye ku nkota n’ikigoyi n’ikiza+: 37  ‘Ehe nzobakoraniriza hamwe ndabakuye mu bihugu vyose nzoba nabashwiragirijemwo mw’ishavu ryanje no mu bushangashirwe bwanje no mu burakari bukaze+; nzobagarukana aha hantu, ntume biberaho mu mutekano+. 38  Kandi bazoba koko abantu banje+, nanje nzoba Imana yabo+. 39  Nzobaha umutima umwe+ n’inzira imwe kugira ngo bame bantinya, ku bw’ineza yabo n’ineza y’abahungu babo mu nyuma zabo+. 40  Nzogirana na bo isezerano ryamaho gushika igihe kitagira urugero+, yuko ntazohindukira ngo mve inyuma yabo, kugira ngo ndabagirire iciza+; kandi nzoshira mu mutima wabo ukuntinya kugira ngo ntibakevye ngo bamveko+. 41  Nzokwigina ku bijanye na bo kugira ngo ndabagirire iciza+, kandi nzobateragira muri iki gihugu+ mu kuri, n’umutima wanje wose be n’inkomezi zanje zose.’” 42  “Kuko ibi ari vyo Yehova avuze: ‘Nk’uko nazanye kuri aba bantu ibi vyago vyose bikomeye, ni ko ngira nzane kuri bo ineza yose mvuze ku biberekeye+. 43  Emwe, amatongo azogurwa muri iki gihugu+, ico muzovuga ku bicerekeye ngo: “Ni igiharabuga+ kitagiramwo umuntu n’igitungwa. Catanzwe mu kuboko kw’Abakaludaya+.”’ 44  “‘Abantu bazogura amatongo amahera, bandike ku vyete+, babidomeko ikidodo, batore ivyabona+ mu gihugu ca Benyamini+, no mu micungararo ya Yeruzalemu+, no mu bisagara vya Yuda+, no mu bisagara vyo mu karere k’imisozi, no mu bisagara vyo mu ntara yo hasi+, no mu bisagara vyo mu bumanuko+, kuko nzogarukana abagizwe imbohe babo+,’ ni ko Yehova avuze.”

Amakuru yiyongereye