Yeremiya 30:1-24
30 Ijambo ryaje kuri Yeremiya rivuye kuri Yehova riti:
2 “Ibi ni vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze: ‘Niwiyandikire mu gitabu amajambo yose nkubwira+.
3 Kuko, “ehe imisi iraje,” ni ko Yehova avuze, “kandi nzokoranya abantu banje bagizwe imbohe, Isirayeli na Yuda+,” ni ko Yehova avuze, “kandi nzobagarukana mu gihugu nahaye ba sekuruza babo, na bo bazosubira kucigabira koko+.”’”
4 Aya ni yo majambo Yehova abwiye Isirayeli na Yuda.
5 Kuko ibi ari vyo Yehova avuze: “Twumvise ijwi ry’ukujugumira; hari ubwoba+, nta mahoro ariho.
6 Ndabinginze mubaze, murabe ko hari umugabo yibaruka. Kubera iki nabonye umuntu w’umugabo wese ashize amaboko mu kiyunguyungu nk’umugore ariko yibaruka+, mu maso ha bose habenjutse+?
7 Yoo! Kuko uwo musi ari umusi uhambaye+, ku buryo ata wundi umeze nka wo+, kandi ni igihe c’amarushwa kuri Yakobo+. Mugabo azogikizwa.”
8 “Kuri uwo musi,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze, “nzovuna ingǒgo ndayigukure kw’izosi, kandi imizana yawe nzoyicacura+; ab’ahandi ntibazoba bakimukoresha nk’umusuku.
9 Bazokorera koko Yehova Imana yabo na Dawidi umwami wabo+, uwo nzobahagurukiriza+.”
10 “Nayo wewe, ntutinye, ewe musavyi wanje Yakobo,” ni ko Yehova avuze, “kandi ntucike ivutu, ewe Isirayeli+! Kuko ehe ngira ngukize ngukuye kure, n’uruvyaro rwawe ndarukize ndarukuye mu gihugu rwagizwemwo imbohe+. Yakobo azogaruka koko, abeho ata kimudurumbanya kandi atekanye, kandi nta n’umwe azomujugumiza+.”
11 “Kuko ndi kumwe nawe,” ni ko Yehova avuze, “kugira ngukize+; mugabo nzotikiza amahanga yose nagusanzarijemwo+. Ariko weho sinzogutikiza+. Nzogukosora koko ku rugero rubereye, kuko ntazobura kuguhana+.”
12 Kuko ibi ari vyo Yehova avuze: “Ugusenyuka kwawe nta muti kugira+. Uruguma rwawe ntirukira+.
13 Nta n’umwe akuburanira ku bijanye n’igisebe cawe+. Nta buryo buriho bwo kukuvura, bwo kugukiza+.
14 Abahora bagukunda rwinshi bose bakwibagiye+. Si wewe babandanya kurondera. Kuko nagukubise nk’uwukubiswe n’umwansi+, nk’uwuhanywe n’umuntu w’imburakigongwe+, kubera ubwinshi bw’ikosa ryawe+; ibicumuro vyawe vyabaye vyinshi+.
15 Kubera iki uborogeshwa n’ugusenyuka kwawe+? Ububabare bwawe ntibukira kubera ubwinshi bw’ikosa ryawe; ibicumuro vyawe vyabaye vyinshi+. Narakugiriye ivyo bintu.
16 Ni co gituma abakurotsa bose na bo bazorotswa+; nayo abarwanizi bawe bose, bazojanwa kugirwa imbohe bose+. Abagusahura bose bazoba koko abo gusahurwa, kandi abakunyaga bose nzobatanga banyagwe+.”
17 “Kuko nzotuma usubirana, kandi nzogukiza inguma zawe+,” ni ko Yehova avuze. “Kuko bakwise umugore yirukanywe+, bati: ‘Ni Siyoni, umwe ata n’umwe amurondera+.’”
18 Ibi ni vyo Yehova avuze: “Ehe ngira nkoranye abo mu mahema ya Yakobo+ bagizwe imbohe, kandi nzokwumvira ikigongwe amataberenakulo yiwe. Igisagara kizosubira kwubakwa koko ku kidunduri caco+; kandi umunara wo kubamwo uzoba mu kibanza cawo ufitiye uburenganzira+.
19 Muri vyo hazova koko ugukenguruka, be n’ijwi ry’abatwenga+. Nzobagwiza, ntibazoba inkehwa+; nzobagira igifyo, ntibazoba abakengeretse+.
20 Abahungu biwe bazoba koko nka kera, kandi ikoraniro ryiwe rizoshimangirwa imbere yanje+. Abamuhahaza bose nzokwitaho ivyabo+.
21 Uw’agakomeye wiwe azokomoka koko muri we+, umutware wiwe ave hagati muri we+; nzomwigiza hafi, na we azonyegēra ata kabuza+.”
“Kuko, uwu ni nde yagwatirije umutima wiwe kugira ngo anyegêre+?”, ni ko Yehova avuze.
22 “Kandi muzoba koko abantu banje+, nanje mbe Imana yanyu+.”
23 Ehe ikirura c’umuyaga ca Yehova, ari co bushangashirwe bwiwe, kirasohotse, igihuhusi kigenda gikubura+. Kizozungurukira ku mutwe w’ababisha+.
24 Ishavu rirurumba rya Yehova ntirizosubira inyuma adashikije ivyiyumviro vy’umutima wiwe kandi atabiranguye+. Mu kiringo ca nyuma c’imisi, muzobirimbura+.