Yeremiya 30:1-24

30  Ijambo ryaje kuri Yeremiya rivuye kuri Yehova riti:  “Ibi ni vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze: ‘Niwiyandikire mu gitabu amajambo yose nkubwira+.  Kuko, “ehe imisi iraje,” ni ko Yehova avuze, “kandi nzokoranya abantu banje bagizwe imbohe, Isirayeli na Yuda+,” ni ko Yehova avuze, “kandi nzobagarukana mu gihugu nahaye ba sekuruza babo, na bo bazosubira kucigabira koko+.”’”  Aya ni yo majambo Yehova abwiye Isirayeli na Yuda.  Kuko ibi ari vyo Yehova avuze: “Twumvise ijwi ry’ukujugumira; hari ubwoba+, nta mahoro ariho.  Ndabinginze mubaze, murabe ko hari umugabo yibaruka. Kubera iki nabonye umuntu w’umugabo wese ashize amaboko mu kiyunguyungu nk’umugore ariko yibaruka+, mu maso ha bose habenjutse+?  Yoo! Kuko uwo musi ari umusi uhambaye+, ku buryo ata wundi umeze nka wo+, kandi ni igihe c’amarushwa kuri Yakobo+. Mugabo azogikizwa.”  “Kuri uwo musi,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze, “nzovuna ingǒgo ndayigukure kw’izosi, kandi imizana yawe nzoyicacura+; ab’ahandi ntibazoba bakimukoresha nk’umusuku.  Bazokorera koko Yehova Imana yabo na Dawidi umwami wabo+, uwo nzobahagurukiriza+.” 10  “Nayo wewe, ntutinye, ewe musavyi wanje Yakobo,” ni ko Yehova avuze, “kandi ntucike ivutu, ewe Isirayeli+! Kuko ehe ngira ngukize ngukuye kure, n’uruvyaro rwawe ndarukize ndarukuye mu gihugu rwagizwemwo imbohe+. Yakobo azogaruka koko, abeho ata kimudurumbanya kandi atekanye, kandi nta n’umwe azomujugumiza+.” 11  “Kuko ndi kumwe nawe,” ni ko Yehova avuze, “kugira ngukize+; mugabo nzotikiza amahanga yose nagusanzarijemwo+. Ariko weho sinzogutikiza+. Nzogukosora koko ku rugero rubereye, kuko ntazobura kuguhana+.” 12  Kuko ibi ari vyo Yehova avuze: “Ugusenyuka kwawe nta muti kugira+. Uruguma rwawe ntirukira+. 13  Nta n’umwe akuburanira ku bijanye n’igisebe cawe+. Nta buryo buriho bwo kukuvura, bwo kugukiza+. 14  Abahora bagukunda rwinshi bose bakwibagiye+. Si wewe babandanya kurondera. Kuko nagukubise nk’uwukubiswe n’umwansi+, nk’uwuhanywe n’umuntu w’imburakigongwe+, kubera ubwinshi bw’ikosa ryawe+; ibicumuro vyawe vyabaye vyinshi+. 15  Kubera iki uborogeshwa n’ugusenyuka kwawe+? Ububabare bwawe ntibukira kubera ubwinshi bw’ikosa ryawe; ibicumuro vyawe vyabaye vyinshi+. Narakugiriye ivyo bintu. 16  Ni co gituma abakurotsa bose na bo bazorotswa+; nayo abarwanizi bawe bose, bazojanwa kugirwa imbohe bose+. Abagusahura bose bazoba koko abo gusahurwa, kandi abakunyaga bose nzobatanga banyagwe+.” 17  “Kuko nzotuma usubirana, kandi nzogukiza inguma zawe+,” ni ko Yehova avuze. “Kuko bakwise umugore yirukanywe+, bati: ‘Ni Siyoni, umwe ata n’umwe amurondera+.’” 18  Ibi ni vyo Yehova avuze: “Ehe ngira nkoranye abo mu mahema ya Yakobo+ bagizwe imbohe, kandi nzokwumvira ikigongwe amataberenakulo yiwe. Igisagara kizosubira kwubakwa koko ku kidunduri caco+; kandi umunara wo kubamwo uzoba mu kibanza cawo ufitiye uburenganzira+. 19  Muri vyo hazova koko ugukenguruka, be n’ijwi ry’abatwenga+. Nzobagwiza, ntibazoba inkehwa+; nzobagira igifyo, ntibazoba abakengeretse+. 20  Abahungu biwe bazoba koko nka kera, kandi ikoraniro ryiwe rizoshimangirwa imbere yanje+. Abamuhahaza bose nzokwitaho ivyabo+. 21  Uw’agakomeye wiwe azokomoka koko muri we+, umutware wiwe ave hagati muri we+; nzomwigiza hafi, na we azonyegēra ata kabuza+.” “Kuko, uwu ni nde yagwatirije umutima wiwe kugira ngo anyegêre+?”, ni ko Yehova avuze. 22  “Kandi muzoba koko abantu banje+, nanje mbe Imana yanyu+.” 23  Ehe ikirura c’umuyaga ca Yehova, ari co bushangashirwe bwiwe, kirasohotse, igihuhusi kigenda gikubura+. Kizozungurukira ku mutwe w’ababisha+. 24  Ishavu rirurumba rya Yehova ntirizosubira inyuma adashikije ivyiyumviro vy’umutima wiwe kandi atabiranguye+. Mu kiringo ca nyuma c’imisi, muzobirimbura+.

Amakuru yiyongereye