Yeremiya 3:1-25
3 Biravugwa ngo: “Umugabo aramutse yirukanye umugore wiwe maze uno akavana koko na we hanyuma akaba uw’uwundi mugabo, mbega yoba agisubirana na nya mugore+?”
Mbega ico gihugu nticahumanijwe rwose+?
“Nawe wakoranye ubumaraya n’abagenzi benshi+; mbega wogaruka kuri jewe+?” ni ko Yehova avuze.
2 “Raramurira amaso yawe ku minyuro inoze, urabe+. Ni hehe utashurashurijwe ku nguvu+? Wicaye iruhande y’utuyira ubarindiriye, nk’Umwarabu mu gahinga+; kandi uguma uhumanisha igihugu ubumaraya bwawe n’ububi bwawe+.
3 Ni co gitumye wimwa imvura nyinshi+, hakaba ata n’imvura y’impeshi iboneka+. Usigaye ufise uruhanga rw’umugore akora ubumaraya. Waranse guteterwa+.
4 Mbega guhera ubu warasemereye umbwira ngo: ‘Dawe+, ni wewe mugenzi somambike wo mu buto bwanje+!
5 Hari uwogumana inzika gushika igihe kitagira urugero*, canke akaguma areretse ikintu ibihe bidahera+?’ Ehe waravuze, kandi wabandanije gukora ibintu bibi, uraroranirwa+.”
6 Nuko Yehova ambwira mu misi ya Yosiya umwami+ ati: “‘Wabonye ivyo Isirayeli w’umuhemu yakoze+? Agenda ku musozi muremure wose+ no munsi y’igiti gitotahaye cose+, kugira ngo ahakorere ubumaraya+.
7 Amaze gukora ivyo bintu vyose, nagumye mvuga ko azongarukako, mugabo ntiyagarutse+; kandi Yuda yagumye yitegereza mwene wabo w’umuhemu+.
8 Aho ndabiboneye, kuko Isirayeli w’umuhemu yari yararenze ibigo, ndamwirukana+ kandi ndamuha icete c’ukwahukana na we buhere+, yamara mwene wabo w’umuhemu Yuda ntiyatinye, mugabo na we nyene atangura kuja gukora ubumaraya+.
9 Ubumaraya bwiwe bwatumwe n’uko adafatana ibintu uburemere, kandi yagumye ahumanya igihugu+ yongera asambana n’amabuye be n’ibiti+;
10 mbere n’aho habereye ivyo vyose, mwene wabo w’umuhemu Yuda ntiyangarutseko n’umutima wiwe wose+, mugabo yabigiranye ububeshi gusa+,’ ni ko Yehova avuze.”
11 Yehova abandanya kumbwira ati: “Isirayeli w’umuhemu yerekanye ko umutima wiwe ugororotse kuruta Yuda w’umuhemu+.
12 Genda utangaze aya majambo mu buraruko+ uti:
“‘“Nugaruke, ewe Isirayeli w’umuhemu,” ni ko Yehova avuze+.’ ‘“Sinzobarabana ishavu+, kuko ndi intahemuka+,” ni ko Yehova avuze.’ ‘“Sinzogumana inzika gushika igihe kitagira urugero+.
13 Gusa, niwiteho ikosa ryawe, kuko Yehova Imana yawe ari we wagabitanijeko+. Kandi wagumye ukwiragiza inzira zawe ku b’ahandi+ munsi y’igiti gitotahaye cose+, mugabo ntimwumvirije ijwi ryanje,” ni ko Yehova avuze.’”
14 “Garuke, yemwe bana b’ibihemu+,” ni ko Yehova avuze. “Kuko jewe nabaye umugabo abagaba+; kandi nzobatora, umwe ndamukuye mu gisagara, babiri mu muryāngo, maze ndabajane i Siyoni+.
15 Nzobaha abungere bameze nk’uko umutima wanje ugomba+, na bo ata gukeka bazobaragirana ubumenyi n’ugutahura kwimbitse+.
16 Muri iyo misi muzogwira kandi murondoke mu gihugu,” ni ko Yehova avuze+. “Ntibazokwongera kuvuga ngo: ‘Isandugu y’isezerano rya Yehova+!’, kandi ntizobaza mu mutima, canke ngo bayibuke+, canke ngo bayikumbure, kandi ntizokwongera gukorwa.
17 Ico gihe bazokwita Yeruzalemu intebe y’ubwami ya Yehova+; kandi i Yeruzalemu ni ho amahanga yose azokoranirizwa+ kugira ngo ashemeze izina rya Yehova ng’aho+, kandi ntibazokwongera gukurikira akagagazo k’umutima wabo mubi+.”
18 “Muri iyo misi, inzu ya Yuda izogendana n’inzu ya Isirayeli+, kandi bazovana+ mu gihugu co mu buraruko binjire mu gihugu nahaye ba sogokuruza banyu bwa ntoranwa+.
19 Jewe navuze nti: ‘Ese ukuntu nagushize mu bahungu banje nkongera nkaguha igihugu gihimbaye+, intoranwa amahanga menshi cane abona ko ari agasharizo!’ Vyongeye navuze nti: ‘Muzosemerera mumpamagara muti: “Dawe+!”, kandi ntimuzosubira inyuma ngo mureke kunkurikira.’
20 ‘Ni ukuri, nk’uko umugore yahemutse akavana n’umugenzi wiwe+, ni ko mwebwe, ewe nzu ya Isirayeli, mwampemukiye+,’ ni ko Yehova avuze.”
21 Hari ijwi ryumvikanye mu minyuro inoze, ry’ukurira n’ukwinginga kwa bene Isirayeli. Kuko bagoramitse inzira yabo+; baribagiye Yehova Imana yabo+.
22 “Garuke, yemwe bahungu b’ibihemu+. Nzokiza ubuhemu bwanyu+.”
“Turi hano! Tuje kuri wewe, kuko wewe, ewe Yehova, uri Imana yacu+.
23 Vy’ukuri imirambi n’uruyogoyogo rwo ku misozi+ ni ivy’uruhendo+. Vy’ukuri muri Yehova Imana yacu ni ho ubukiriro bwa Isirayeli buri+.
24 Mugabo ikintu c’akamaramaza+ cararigase ubucumukure bwa ba sogokuruza bacu kuva mu buto bwacu, imikuku yabo n’amasho yabo, abahungu babo n’abakobwa babo.
25 Turyama mu bimaramare vyacu+, kandi agateterwe kacu kaguma kadupfutse+; kuko Yehova Imana yacu ari we twacumuyeko+, twebwe na ba data, kuva mu buto bwacu gushika n’uyu musi+, kandi ntitwagamburukiye ijwi rya Yehova Imana yacu+.”
Amakuru yiyongereye
^ Raba Inyongera ya 21.