Yeremiya 29:1-32
29 Aya ni yo majambo y’ikete Yeremiya umuhanuzi yarungitse ari i Yeruzalemu, arirungikiye amasigarira y’abagabo b’inararibonye b’abajanywe ari inyagano, n’abaherezi, n’abahanuzi, n’abantu bose, abo Nebukadinezari yari yaratwaye mu bunyagano i Babiloni abakuye i Yeruzalemu+,
2 inyuma y’aho Yekoniya+ umwami, n’umugore w’iteka+, n’abakozi bo ku kirimba, abaganwa ba Yuda n’aba Yeruzalemu+, n’abahinguzi b’utugenegene, n’abubatsi b’ibibambazi+ baviriye i Yeruzalemu.
3 Ryarungikanywe Elasa mwene Shafani+ na Gemariya mwene Hilikiya, abo Zedekiya+ umwami wa Yuda yatumye i Babiloni kuri Nebukadinezari umwami wa Babiloni, rikaba ryavuga riti:
4 “Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo, Imana ya Isirayeli, abwiye abajanywe ari inyagano bose, abo natumye baja mu bunyagano+ i Babiloni bavuye i Yeruzalemu,
5 ati: ‘Nimwubake amazu muyabemwo, kandi mutere imirima murye ivyo yamye+.
6 Nimwabire abagore muvyare abahungu n’abakobwa+; nimusabire abahungu banyu abagore mwongere mushingire abakobwa banyu, kugira bavyare abahungu n’abakobwa; mugwirire hiyo, ntimube inkehwa.
7 Vyongeye, murondere amahoro y’igisagara mujamwo muri inyagano, mugisabire kuri Yehova, kuko nicaba mu mahoro namwe muzogira amahoro+.
8 Kuko ibi ari vyo Yehova nyen’ingabo, Imana ya Isirayeli, avuze: “Abahanuzi banyu bari muri mwebwe n’abaraguzi banyu ntibabahende+, kandi ntimwumvirize indoto zabo barota+.
9 Kuko ‘bababwira ubuhanuzi mu kinyoma mw’izina ryanje. Sinabatumye+,’ ni ko Yehova avuze.”’”
10 “Kuko ibi ari vyo Yehova avuze: ‘Imyaka mirongo irindwi niyarangira muri i Babiloni, nzobitaho+, kandi nzoshitsa kuri mwebwe ijambo ryanje ryiza mu kubagarukana aha hantu+.’
11 “‘Kuko jewe nzi neza ivyiyumviro ndabiyumvirako+,’ ni ko Yehova avuze, ‘ivyiyumviro vy’amahoro, atari ivy’ivyago+, kugira ngo ndabahe kazoza n’icizigiro+.
12 Muzompamagara koko, muze, maze munsenge, nanje nzobumviriza+.’
13 “‘Muzondondera koko mundonke+, kuko muzondondera n’umutima wanyu wose+.
14 Nanje nzoreka mundonke+,’ ni ko Yehova avuze. ‘Nzokwegeranya umugwi w’imbohe wanyu, ndabakoranirize hamwe ndabakuye mu mahanga yose n’ahantu hose nabashwiragirije+,’ ni ko Yehova avuze. ‘Kandi nzobagarukana ahantu nabakuye nkabajana mu bunyagano+.’
15 “Mugabo mwavuze muti: ‘Yehova yaduhagurukirije abahanuzi i Babiloni.’
16 “Kuko ibi ari vyo Yehova abwiye umwami yicaye ku ntebe y’ubwami ya Dawidi+ n’abantu bose baba muri iki gisagara, bene wanyu batajanye namwe mu bunyagano+,
17 ati: ‘Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo avuze: “Ehe ngira ndabarungikire inkota+ n’ikigoyi+ n’ikiza+, kandi nzobagira nk’insukoni zituritse zidashobora kuribwa kubera ububi bwazo+.”’
18 “‘Nzobakurikiza inkota n’ikigoyi n’ikiza, kandi nzobatanga babe akajugumiza ku bwami bwose bwo mw’isi+, babe umuvumo n’akajoreza n’abo kuvugiriza agahwa n’iceyi mu mahanga yose nzobashwiragirizamwo ata kabuza+,
19 kubera ko batumvirije amajambo yanje,’ ni ko Yehova avuze, ‘ayo nabarungikiye nkoresheje abasavyi banje abahanuzi, nkazinduka kare nkabatuma+.’
“‘Mugabo ntimwumvirije+,’ ni ko Yehova avuze.
20 “Nayo mwebwe, nimwumve ijambo rya Yehova, yemwe mwese abajanywe mu bunyagano+, abo narungitse i Babiloni bavuye i Yeruzalemu+.
21 Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo, Imana ya Isirayeli, avuze kuri Ahabu mwene Kolaya kandi abwiye Zedekiya mwene Mayaseya, abababwira ubuhanuzi bw’ikinyoma mw’izina ryanje+: ‘Ehe ngira ndabatange mu kuboko kwa Nebukadirezari umwami wa Babiloni, na we azobicira mu maso yanyu+.
22 Kandi umugwi wose w’abajanywe mu bunyagano ba Yuda bari i Babiloni uzokura kuri bo umuvumo, bavuge bati: “Yehova arakakugira nka Zedekiya na Ahabu+, abo umwami wa Babiloni yataze ku muriro+!”
23 kuko bakoze ivy’ubwenge buke muri Isirayeli+, bakaba baguma barenga ibigo n’abagore ba bagenzi babo+ kandi bakaguma bavuga babesha mw’izina ryanje ijambo ntabategetse+.
“‘“Ni jewe ndabizi kandi ndi icabona+,” ni ko Yehova avuze.’”
24 “Shemaya+ w’i Nehelamu na we uze umubwire uti:
25 ‘Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo, Imana ya Isirayeli, avuze: “Ko warungikiye amakete+ mw’izina ryawe abantu bose bari i Yeruzalemu, na Zefaniya+ mwene Mayaseya, umuherezi, n’abaherezi bose, uti:
26 ‘Yehova ubwiwe yakugize umuherezi mu kibanza ca Yehoyada umuherezi, kugira ngo ube umucungezi mukuru w’inzu ya Yehova+ ku muntu uwo ari we wese yasaze+ kandi yifata nk’umuhanuzi, kandi umushire mu mpatane z’ibiti no mu mpatane zifata umutwe n’amaboko+;
27 kubera iki none utahambariye Yeremiya w’i Anatoti+, uwuriko yifata nk’umuhanuzi kuri mwebwe+?
28 Kuko ico ari co catumye adutumako i Babiloni ngo: “Burabandanya! Nimwubake amazu muyabemwo; nimutere imirima murye ivyo yamye+, . . .”’”’”
29 Nuko Zefaniya+ umuherezi atangura gusomera iryo kete mu matwi ya Yeremiya umuhanuzi.
30 Maze ijambo rya Yehova riza kuri Yeremiya riti:
31 “Tuma ku bajanywe mu bunyagano bose+ uti: ‘Ibi ni vyo Yehova avuze kuri Shemaya w’i Nehelamu: “Ko Shemaya yababwiye ubuhanuzi, kandi jewe ntamutumye, akagerageza kubizigiza ikinyoma+,
32 ibi rero ni vyo Yehova avuze: ‘Ehe ngira niteho ivya Shemaya+ w’i Nehelamu n’uruvyaro rwiwe+.’
“‘“‘Ntazoronka umuntu azoba hagati muri aba bantu+; kandi ntazokwitegereza iciza ngira nkorere abantu banje+,’ ni ko Yehova avuze, ‘kuko yavuze ivy’ukugarariza Yehova bimwe vyeruye+.’”’”