Yeremiya 29:1-32

29  Aya ni yo majambo y’ikete Yeremiya umuhanuzi yarungitse ari i Yeruzalemu, arirungikiye amasigarira y’abagabo b’inararibonye b’abajanywe ari inyagano, n’abaherezi, n’abahanuzi, n’abantu bose, abo Nebukadinezari yari yaratwaye mu bunyagano i Babiloni abakuye i Yeruzalemu+,  inyuma y’aho Yekoniya+ umwami, n’umugore w’iteka+, n’abakozi bo ku kirimba, abaganwa ba Yuda n’aba Yeruzalemu+, n’abahinguzi b’utugenegene, n’abubatsi b’ibibambazi+ baviriye i Yeruzalemu.  Ryarungikanywe Elasa mwene Shafani+ na Gemariya mwene Hilikiya, abo Zedekiya+ umwami wa Yuda yatumye i Babiloni kuri Nebukadinezari umwami wa Babiloni, rikaba ryavuga riti:  “Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo, Imana ya Isirayeli, abwiye abajanywe ari inyagano bose, abo natumye baja mu bunyagano+ i Babiloni bavuye i Yeruzalemu,  ati: ‘Nimwubake amazu muyabemwo, kandi mutere imirima murye ivyo yamye+.  Nimwabire abagore muvyare abahungu n’abakobwa+; nimusabire abahungu banyu abagore mwongere mushingire abakobwa banyu, kugira bavyare abahungu n’abakobwa; mugwirire hiyo, ntimube inkehwa.  Vyongeye, murondere amahoro y’igisagara mujamwo muri inyagano, mugisabire kuri Yehova, kuko nicaba mu mahoro namwe muzogira amahoro+.  Kuko ibi ari vyo Yehova nyen’ingabo, Imana ya Isirayeli, avuze: “Abahanuzi banyu bari muri mwebwe n’abaraguzi banyu ntibabahende+, kandi ntimwumvirize indoto zabo barota+.  Kuko ‘bababwira ubuhanuzi mu kinyoma mw’izina ryanje. Sinabatumye+,’ ni ko Yehova avuze.”’” 10  “Kuko ibi ari vyo Yehova avuze: ‘Imyaka mirongo irindwi niyarangira muri i Babiloni, nzobitaho+, kandi nzoshitsa kuri mwebwe ijambo ryanje ryiza mu kubagarukana aha hantu+.’ 11  “‘Kuko jewe nzi neza ivyiyumviro ndabiyumvirako+,’ ni ko Yehova avuze, ‘ivyiyumviro vy’amahoro, atari ivy’ivyago+, kugira ngo ndabahe kazoza n’icizigiro+. 12  Muzompamagara koko, muze, maze munsenge, nanje nzobumviriza+.’ 13  “‘Muzondondera koko mundonke+, kuko muzondondera n’umutima wanyu wose+. 14  Nanje nzoreka mundonke+,’ ni ko Yehova avuze. ‘Nzokwegeranya umugwi w’imbohe wanyu, ndabakoranirize hamwe ndabakuye mu mahanga yose n’ahantu hose nabashwiragirije+,’ ni ko Yehova avuze. ‘Kandi nzobagarukana ahantu nabakuye nkabajana mu bunyagano+.’ 15  “Mugabo mwavuze muti: ‘Yehova yaduhagurukirije abahanuzi i Babiloni.’ 16  “Kuko ibi ari vyo Yehova abwiye umwami yicaye ku ntebe y’ubwami ya Dawidi+ n’abantu bose baba muri iki gisagara, bene wanyu batajanye namwe mu bunyagano+, 17  ati: ‘Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo avuze: “Ehe ngira ndabarungikire inkota+ n’ikigoyi+ n’ikiza+, kandi nzobagira nk’insukoni zituritse zidashobora kuribwa kubera ububi bwazo+.”’ 18  “‘Nzobakurikiza inkota n’ikigoyi n’ikiza, kandi nzobatanga babe akajugumiza ku bwami bwose bwo mw’isi+, babe umuvumo n’akajoreza n’abo kuvugiriza agahwa n’iceyi mu mahanga yose nzobashwiragirizamwo ata kabuza+, 19  kubera ko batumvirije amajambo yanje,’ ni ko Yehova avuze, ‘ayo nabarungikiye nkoresheje abasavyi banje abahanuzi, nkazinduka kare nkabatuma+.’ “‘Mugabo ntimwumvirije+,’ ni ko Yehova avuze. 20  “Nayo mwebwe, nimwumve ijambo rya Yehova, yemwe mwese abajanywe mu bunyagano+, abo narungitse i Babiloni bavuye i Yeruzalemu+. 21  Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo, Imana ya Isirayeli, avuze kuri Ahabu mwene Kolaya kandi abwiye Zedekiya mwene Mayaseya, abababwira ubuhanuzi bw’ikinyoma mw’izina ryanje+: ‘Ehe ngira ndabatange mu kuboko kwa Nebukadirezari umwami wa Babiloni, na we azobicira mu maso yanyu+. 22  Kandi umugwi wose w’abajanywe mu bunyagano ba Yuda bari i Babiloni uzokura kuri bo umuvumo, bavuge bati: “Yehova arakakugira nka Zedekiya na Ahabu+, abo umwami wa Babiloni yataze ku muriro+!” 23  kuko bakoze ivy’ubwenge buke muri Isirayeli+, bakaba baguma barenga ibigo n’abagore ba bagenzi babo+ kandi bakaguma bavuga babesha mw’izina ryanje ijambo ntabategetse+. “‘“Ni jewe ndabizi kandi ndi icabona+,” ni ko Yehova avuze.’” 24  “Shemaya+ w’i Nehelamu na we uze umubwire uti: 25  ‘Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo, Imana ya Isirayeli, avuze: “Ko warungikiye amakete+ mw’izina ryawe abantu bose bari i Yeruzalemu, na Zefaniya+ mwene Mayaseya, umuherezi, n’abaherezi bose, uti: 26  ‘Yehova ubwiwe yakugize umuherezi mu kibanza ca Yehoyada umuherezi, kugira ngo ube umucungezi mukuru w’inzu ya Yehova+ ku muntu uwo ari we wese yasaze+ kandi yifata nk’umuhanuzi, kandi umushire mu mpatane z’ibiti no mu mpatane zifata umutwe n’amaboko+; 27  kubera iki none utahambariye Yeremiya w’i Anatoti+, uwuriko yifata nk’umuhanuzi kuri mwebwe+? 28  Kuko ico ari co catumye adutumako i Babiloni ngo: “Burabandanya! Nimwubake amazu muyabemwo; nimutere imirima murye ivyo yamye+, . . .”’”’” 29  Nuko Zefaniya+ umuherezi atangura gusomera iryo kete mu matwi ya Yeremiya umuhanuzi. 30  Maze ijambo rya Yehova riza kuri Yeremiya riti: 31  “Tuma ku bajanywe mu bunyagano bose+ uti: ‘Ibi ni vyo Yehova avuze kuri Shemaya w’i Nehelamu: “Ko Shemaya yababwiye ubuhanuzi, kandi jewe ntamutumye, akagerageza kubizigiza ikinyoma+, 32  ibi rero ni vyo Yehova avuze: ‘Ehe ngira niteho ivya Shemaya+ w’i Nehelamu n’uruvyaro rwiwe+.’ “‘“‘Ntazoronka umuntu azoba hagati muri aba bantu+; kandi ntazokwitegereza iciza ngira nkorere abantu banje+,’ ni ko Yehova avuze, ‘kuko yavuze ivy’ukugarariza Yehova bimwe vyeruye+.’”’”

Utujambo tw'epfo