Yeremiya 28:1-17
28 Maze muri uwo mwaka, mu ntango y’ubwami bwa Zedekiya+ umwami wa Yuda, mu mwaka ugira kane, mu kwezi kugira gatanu, Hananiya+ mwene Azuri, umuhanuzi yava i Gibeyoni+, ambwirira mu nzu ya Yehova mu maso y’abaherezi n’ay’abantu bose ati:
2 “Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo, Imana ya Isirayeli, avuze: ‘Nzovuna ingǒgo y’umwami wa Babiloni+.
3 Mu myaka ibiri yuzuye ngiye kugarukana aha hantu ibikoresho vyose vyo mu nzu ya Yehova Nebukadinezari umwami wa Babiloni+ yakuye aha hantu akabijana i Babiloni.’”
4 “‘Kandi Yekoniya+ mwene Yehoyakimu+, umwami wa Yuda, n’abagizwe inyagano bose ba Yuda bashitse i Babiloni+, ngira ndabagarukane aha hantu,’ ni ko Yehova avuze, ‘kuko nzovuna ingǒgo+ y’umwami wa Babiloni.’”
5 Nuko Yeremiya umuhanuzi abwirira Hananiya umuhanuzi mu maso y’abaherezi no mu maso y’abantu bose bari bahagaze mu nzu ya Yehova+,
6 egome, Yeremiya umuhanuzi avuga ati: “Amen+! Yehova agire gutyo! Yehova ashimangire amajambo yawe y’ubuhanuzi wavuze, mu kugarukana aha hantu ibikoresho vyo mu nzu ya Yehova n’abantu bose bagizwe inyagano, abikuye i Babiloni+!
7 Ariko rero, ndakwinginze wumve iri jambo ngira mvugire mu matwi yawe no mu matwi y’abantu bose+.
8 Ku vyerekeye abahanuzi banyitangiye imbere bakakwitangira imbere nawe kuva kera+, na bo nyene bahora bavuga ubuhanuzi bw’intambara n’ubw’ivyago n’ubw’ikiza ku bijanye n’ibihugu vyinshi no ku bijanye n’ubwami bukomakomeye+.
9 Ku vyerekeye umuhanuzi avuga ubuhanuzi bw’amahoro+, ijambo ry’uwo muhanuzi niryashika ni ho umuhanuzi yatumwe vy’ukuri na Yehova azomenyekana+.”
10 Hananiya umuhanuzi aca akura wa mutambikwa w’ingǒgo kw’izosi rya Yeremiya umuhanuzi, arawuvuna+.
11 Maze Hananiya+ avugira mu maso y’abantu bose ati: “Ibi ni vyo Yehova avuze+: ‘Uku ni ko nzovuna ingǒgo ya Nebukadinezari umwami wa Babiloni mu myaka ibiri yuzuye ndayikuye kw’izosi ry’amahanga yose+.’” Nuko Yeremiya umuhanuzi arigira+.
12 Maze ijambo rya Yehova riza kuri Yeremiya+, aho Hananiya umuhanuzi amariye kuvuna nya mutambikwa w’ingǒgo awukuye kw’izosi rya Yeremiya umuhanuzi, riti:
13 “Genda ubwire Hananiya uti: ‘Ibi ni vyo Yehova avuze: “Wavunye imitambikwa y’ingǒgo+ y’ibiti, ariko mu kibanza cayo uzokora imitambikwa y’ingǒgo y’ivyuma+.”
14 Kuko ibi ari vyo Yehova nyen’ingabo, Imana ya Isirayeli, avuze: “Nzoshira ingǒgo y’icuma kw’izosi ry’aya mahanga yose, kugira ngo akorere Nebukadinezari umwami wa Babiloni+; kandi azomukorera ata kabuza+. Mbere n’ibikoko vyo mu gahinga nzobimuha+.”’”
15 Yeremiya umuhanuzi yongera kubwira Hananiya+ umuhanuzi ati: “Ndakwinginze wumvirize, ewe Hananiya! Yehova ntiyagutumye, mugabo wewe watumye aba bantu bizigira ikinyoma+.
16 Ibi rero ni vyo Yehova avuze: ‘Ehe ngira ndakwirukane ku buringanire bw’ubutaka. Muri uyu mwaka uzopfa ata kabuza+, kuko wavuze ivy’ukugarariza Yehova bimwe vyeruye+.’”
17 Nuko Hananiya umuhanuzi apfa muri uwo mwaka, mu kwezi kugira indwi+.