Yeremiya 27:1-22
27 Mu ntango y’ubwami bwa Yehoyakimu mwene Yosiya+, umwami wa Yuda, iri jambo riza kuri Yeremiya rivuye kuri Yehova riti:
2 “Ibi ni vyo Yehova ambwiye: ‘Niwihingurire imizana n’imitambikwa y’ingǒgo+, hanyuma ubishire kw’izosi ryawe+.
3 Uze ubirungikire umwami wa Edomu+, n’umwami wa Mowabu+, n’umwami wa bene Amoni+, n’umwami wa Tiro+, n’umwami wa Sidoni+, biciye mu kuboko kw’intumwa ziza i Yeruzalemu kuri Zedekiya umwami wa Yuda.
4 Uze ubahe itegeko rigenewe ba shebuja, uti:
“‘“Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo, Imana ya Isirayeli+, avuze; muze mubwire ba shobuja muti:
5 ‘Ni jewe nakoze isi+, abantu+ n’ibikoko+ biri ku buringanire bw’isi nkoresheje ububasha bwanje bukomeye+ n’ukuboko kwanje kuramvuye+; kandi nayihaye uwo nabonye ko bibereye mu maso yanje kuyiha+.
6 Ubu rero, ntanze ibi bihugu vyose mu kuboko kwa Nebukadinezari umwami wa Babiloni+, umusavyi wanje+; mbere ndamuhaye ibikoko vyo mu gahinga ngo bimukorere+.
7 Emwe, amahanga yose azomukorera+, we n’umuhungu wiwe n’umwuzukuru wiwe, gushika igihe c’igihugu ciwe gishitse+, kandi amahanga menshi n’abami bahambaye bazomukoresha koko nk’umusuku+.’
8 “‘“‘Ihanga n’ubwami bitazomukorera, egome, bitazokorera Nebukadinezari umwami wa Babiloni, n’iritazoshira izosi ryaryo munsi y’ingǒgo y’umwami wa Babiloni, nzokwitaho ivy’iryo hanga nkoresheje inkota+ n’ikigoyi+ n’ikiza+,’ ni ko Yehova avuze, ‘gushika ndabaherengeteje nkoresheje ukuboko kwiwe+.’
9 “‘“‘Nayo mwebwe, ntimwumvirize abahanuzi+ banyu n’abaraguzi banyu n’abarosi+ banyu n’abanyamageza banyu n’abapfumu+ banyu, abababwira ngo: “Ntimuzokorera umwami wa Babiloni+.”
10 Kuko bababwira ubuhanuzi bw’ibinyoma, kugira batume mujanwa kure y’ubutaka bwanyu; nzobashwiragiza koko, kandi muzoyogera ata kabuza+.
11 “‘“‘Nayo ihanga rizozana izosi ryaryo munsi y’ingǒgo y’umwami wa Babiloni rikamukorera vy’ukuri, nzorireka rero riruhuke ku butaka bwaryo,’ ni ko Yehova avuze, ‘kandi rizoburima koko ryongere ribe kuri bwo+.’”’”
12 Mbere nabwiye Zedekiya+ umwami wa Yuda nk’uko aya majambo yose ari+ nti: “Nimuzane amazosi yanyu munsi y’ingǒgo y’umwami wa Babiloni, mumukorere we n’abantu biwe mubone kubandanya kubaho+.
13 Kubera iki wewe n’abantu bawe mwokwicwa n’inkota+ n’ikigoyi+ be n’ikiza+, nk’uko ivyo Yehova yabwiye ihanga ridakorera umwami wa Babiloni biri?
14 Ntimwumvirize amajambo y’abahanuzi bababwira ngo: ‘Ntimuzokorera umwami wa Babiloni+,’ kuko bababwira ubuhanuzi bw’ikinyoma+.
15 “‘Kuko ntabatumye,’ ni ko Yehova avuze, ‘mugabo bavuga ubuhanuzi mw’izina ryanje mu binyoma, kugira mwebwe ndabashwiragize+, kandi muzoyogera ata kabuza+, mwe n’abahanuzi bababwira ubuhanuzi+.’”
16 Kandi nabwiye abaherezi n’aba bantu bose nti: “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Ntimwumvirize amajambo y’abahanuzi banyu bababwira ubuhanuzi ngo: “Ehe, ibikoresho vyo mu nzu ya Yehova bigiye kugarukanwa ubu bwa vuba bikuwe i Babiloni+!” Kuko bababwira ubuhanuzi bw’ikinyoma+.
17 Ntimubumvirize. Nimukorere umwami wa Babiloni mubone kubandanya kubaho+. Kubera iki iki gisagara coba ikibanza catikijwe+?
18 Mugabo nimba ari abahanuzi kandi nimba ijambo rya Yehova riri iwabo, ndabinginze batakambire Yehova nyen’ingabo+, kugira ngo ibikoresho bisigaye mu nzu ya Yehova no mu nzu y’umwami wa Yuda n’i Yeruzalemu ntibije i Babiloni.’
19 “Kuko ibi ari vyo Yehova nyen’ingabo avuze ku bijanye na za nkingi+ no ku bijanye na ca kiyaga+ no ku bijanye na ya mashareti+ no ku bijanye n’ibisigarira vy’ibikoresho bisigaye muri iki gisagara+,
20 ivyo Nebukadinezari umwami wa Babiloni atajanye igihe yatwara Yekoniya+ mwene Yehoyakimu, umwami wa Yuda, mu bunyagano i Babiloni amukuye i Yeruzalemu, ari kumwe n’abanyacubahiro bose ba Yuda n’aba Yeruzalemu+;
21 kuko ibi ari vyo Yehova nyen’ingabo, Imana ya Isirayeli, avuze ku bijanye n’ibikoresho bisigaye mu nzu ya Yehova no mu nzu y’umwami wa Yuda n’i Yeruzalemu+:
22 ‘“I Babiloni ni ho bizojanwa+ kandi ni ho bizoguma gushika umusi nzovyitaho+,” ni ko Yehova avuze. “Kandi nzobidugana ndabisubize aha hantu+.”’”