Yeremiya 25:1-38
25 Ijambo ryaje kuri Yeremiya ku bijanye n’abantu bose bo muri Yuda mu mwaka ugira kane wa Yehoyakimu+ mwene Yosiya, umwami wa Yuda, ari wo mwaka wa mbere wa Nebukadirezari umwami wa Babiloni,
2 iryo Yeremiya umuhanuzi yavuze ku bijanye n’abantu bose bo muri Yuda no ku bijanye n’ababa i Yeruzalemu bose, ati:
3 “Kuva mu mwaka ugira cumi na gatatu wa Yosiya+ mwene Amoni, umwami wa Yuda, gushika n’uyu musi, iyo myaka mirongo ibiri n’itatu ijambo rya Yehova ryanjeko, nanje nagumye ndababwira, nzinduka nkavuga, mugabo ntimwumvirije+.
4 Kandi Yehova yabatumyeko abasavyi biwe bose, abahanuzi, akazinduka akabatuma, mugabo ntimwumvirije+, eka kandi ntimwateze ugutwi ngo mwumvirize+,
5 uko bavuga bati: ‘Enda nimuhindukire, umwe wese muri mwebwe ave mu nzira yiwe mbi no mu bubi bw’ibikorwa vyiwe+, maze mubandanye kuba ku butaka Yehova yabahaye mwe na ba sogokuruza banyu kuva kera gushika igihe kirekire kizoza+.
6 Kandi ntimukurikire izindi mana ngo muzikorere mwongere muzunamire, kugira ntimumbabarishe igikorwa c’amaboko yanyu, no kugira ngo sindabateze ivyago+.’
7 “‘Mugabo ntimwanyumvirije,’ ni ko Yehova avuze, ‘kugira ngo mumbabarishe igikorwa c’amaboko yanyu, mukikwegera ivyago+.’
8 “Ibi rero ni vyo Yehova nyen’ingabo avuze: ‘“Ko mutagamburutse amajambo yanje,
9 ehe ngira ntume intumwa, kandi nzotora imiryango yose yo mu buraruko+,” ni ko Yehova avuze, “egome, ngira ntume kuri Nebukadirezari umwami wa Babiloni, umusavyi wanje+, maze nzobazana batere iki gihugu+ n’abakibamwo n’aya mahanga yose ari irya n’ino+; kandi nzobatikiza ndabagire akajoreza n’ikintu co kuvugiriza agahwa+ n’ahantu hatikijwe gushika igihe kitagira urugero+.
10 Nzorandura muri bo ijwi ry’umwigino n’ijwi ry’umunezero+, ijwi ry’umukwe n’ijwi ry’umugeni+, urwamo rw’urusyo rw’amaboko+ n’umuco w’itara+.
11 Emwe, iki gihugu cose kizocika ahantu hatikijwe, akajoreza, kandi ayo mahanga azobwirizwa gukorera umwami wa Babiloni imyaka mirongo irindwi+.”’
12 “‘Maze imyaka mirongo irindwi niyakwira+, nzogira ico mbaza umwami wa Babiloni n’iryo hanga+,’ ni ko Yehova avuze, ‘kubera ikosa ryabo, egome, ngire ico mbaza igihugu c’Abakaludaya+, kandi nzokigira ibiharabuga gushika igihe kitagira urugero+.
13 Nzoshitsa kuri ico gihugu amajambo yanje yose nakivuzeko, egome, ibintu vyose vyanditswe muri iki gitabu Yeremiya yavuze mu buryo bw’ubuhanuzi ku mahanga yose+.
14 Kuko na bo nyene, amahanga menshi n’abami bahambaye+, babakoresheje nk’abasuku+; kandi nzobishura nk’uko igikorwa cabo kiri, nk’uko igikorwa c’amaboko yabo kiri+.’”
15 Kuko ibi ari vyo Yehova Imana ya Isirayeli ambwiye: “Tora iki gikombe c’umuvinyu w’ubushangashirwe mu kuboko kwanje, maze ukinyweshe amahanga yose ngutumyeko+.
16 Bazonywa koko maze bazungazunge, bamere nk’abasazi kubera inkota ngira ndabarungikemwo+.”
17 Nuko ntora nya gikombe mu kuboko kwa Yehova hanyuma ndakinywesha amahanga yose Yehova yari yantumyeko+,
18 ari yo Yeruzalemu n’ibisagara vya Yuda n’abami baho, abaganwa baho, kugira ngo bigirwe ikibanza catikijwe, akajoreza+, ikintu co kuvugiriza agahwa be n’umuvumo, nk’uko biri uyu musi+;
19 Farawo umwami wa Misiri n’abasuku biwe n’abaganwa biwe n’abantu biwe bose+;
20 n’uruvange rwose rw’abantu, n’abami bose b’igihugu ca Uzu+, n’abami bose b’igihugu c’Abafilisitiya+ na Ashikeloni+ na Gaza+ na Ekuroni+ n’amasigarira ya Ashidodi+;
21 Edomu+ na Mowabu+ na bene Amoni+;
22 n’abami bose ba Tiro+ n’abami bose ba Sidoni+ n’abami b’izinga riri mu karere k’ikiyaga;
23 na Dedani+ na Tema+ na Buzu n’abantu bose bamoye imishatsi mu misaya+;
24 n’abami bose b’Abarabu+ n’abami bose b’uruvange rw’abantu baba mu gahinga;
25 n’abami bose ba Zimuri n’abami bose ba Elamu+ n’abami bose b’Abamedi+;
26 n’abami bose bo mu buraruko ba hafi n’aba kure, umwumwe, n’ubundi bwami bwose bwo mw’isi buri ku buringanire bw’ubutaka; umwami wa Sheshaki+ na we azonywa inyuma yabo.
27 “Kandi uze ubabwire uti: ‘Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo, Imana ya Isirayeli, avuze: “Nimunywe muborerwe, muyorwe maze mutembe ku buryo mudashobora guhaguruka+, kubera inkota ngira ndabarungikemwo+.”’
28 Maze nibanka gutora nya gikombe mu kuboko kwawe ngo banywe, uzoce ubabwira uti: ‘Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo avuze: “Ntimugenda mutanyoye+.
29 Kuko, ehe igisagara citirirwa izina ryanje ni co mpereyeko guteza ivyago+, none mwebwe mwogenda mudahanywe+?”’
“‘Ntimuzogenda mudahanywe, kuko mpamagariye inkota ababa kw’isi bose,’ ni ko Yehova nyen’ingabo avuze.
30 “Nayo wewe, uze ubabwire ayo majambo yose y’ubuhanuzi, ubabwire uti: ‘Yehova azoroha nk’intambwe ari iyo hejuru+, arekure ijwi ryiwe ari ahantu heranda aba+. Azoroha nk’intambwe yerekeza ahantu hiwe ho kuba. Azovugiriza akaruru ababa kw’isi bose nk’ak’abaganisha ibirenge mu ruganiro rw’umuvinyu+.’
31 “‘Urwamo ruzoshika koko mu gice c’isi ca kure kurusha ibindi vyose, kuko Yehova afitaniye amatati n’amahanga+. Ubwiwe azoburana n’igifise umubiri cose+. Nayo ababisha, azobatanga ku nkota ata kabuza+,’ ni ko Yehova avuze.
32 “Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo avuze: ‘Ehe ivyago bigira bisohoke biva kw’ihanga bija ku rindi+, kandi igihuhusi gikomeye kizohaguruka kivuye mu mihingo ya kure kuruta iyindi y’isi+.
33 Abishwe na Yehova kuri uwo musi bazohera koko ku mpera imwe y’isi bashike ku yindi+. Ntibazoborogerwa, eka kandi ntibazokwegeranywa canke ngo bahambwe+. Bazoba nk’intabire ku buringanire bw’ubutaka+.’
34 “Boroge mwa bungere, musemerere+! Nimwikumbagaze hasi+, mwa bakomakomeye b’umukuku+, kuko imisi yanyu y’ugukererwa n’ugushwiragizwa kwanyu ikwiye+, kandi muzogwa koko nk’icombo gihimbaye+!
35 Aho abungere bari guhungira hazimanganye, be n’uburyo bwo guhunga bw’abakomakomeye b’umukuku+.
36 Umve amaborogo y’abungere, n’ukuboroga kw’abakomakomeye b’umukuku, kuko Yehova anyaze uburagiriro bwabo.
37 Ahantu ho kuba h’amahoro hasigaye ari ahantu hatagira ubuzima kubera ishavu rirurumba rya Yehova+.
38 Ahevye ubwikingo bwiwe nk’intambwe y’umukangara y’umugāra+, kuko igihugu cabo kibaye akajoreza kubera inkota ihahaza no kubera ishavu ryiwe rirurumba+.”