Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Yeremiya 22:1-30

22  Ibi ni vyo Yehova avuze: “Manuka ku nzu y’umwami wa Yuda, uvugireyo iri jambo.  Uvuge uti: ‘Niwumve ijambo rya Yehova, yewe mwami wa Yuda wicaye ku ntebe y’ubwami ya Dawidi+, wewe n’abasuku bawe n’abantu bawe, abinjirana muri aya marembo+.  Ibi ni vyo Yehova avuze: “Nimushitse ubutungane n’ubugororotsi, kandi murokore uwamburwa mumukure mu kuboko kw’uwugunga; ntimufate nabi kavamahanga, impfuvyi* canke umupfakazi+. Ntimubagirire ivy’ubukazi+. Ntimusese aha hantu amaraso y’intungane+.  Kuko nimwashitsa koko iryo jambo, mu marembo y’iyi nzu hazokwinjirana rero abami bicara ku ntebe y’ubwami ya Dawidi mu kibanza ciwe+, bagendera mu mikogote no ku mafarasi, umwumwe wese n’abasuku biwe n’abantu biwe+.”’  “‘Mugabo nimutagamburuka ayo majambo, ndirahiye koko jewe ubwanje+,’ ni ko Yehova avuze, ‘yuko iyi nzu izoba ikibanza catikijwe+.’  “Kuko ibi ari vyo Yehova avuze ku bijanye n’inzu y’umwami wa Yuda: ‘Kuri jewe uri nka Gileyadi, agatwe ka Libani+. Sinzobura kukugira agahinga+; nayo ku bijanye n‘ibisagara, nta na kimwe kizobamwo abantu+.  Nzokwereza abahonya+, umwe wese n’ibirwanisho vyiwe+; kandi bazokwicira amasederi yawe mezameza+, bayagwishe mu muriro+.  Amahanga menshi azoca koko iruhande y’iki gisagara, abwirane ati: “Kubera iki Yehova yagiriye gutya iki gisagara gikomeye+?”  Maze bazovuga bati: “Ni kubera yuko bataye isezerano rya Yehova Imana yabo+, bagatangura kwunamira izindi mana no kuzikorera+.”’ 10  “Ntimuririre uwapfuye+, kandi ntimumwumvire umubabaro. Muririre cane uwugiye, kuko atazosubira kugaruka kandi ntazobona koko igihugu c’incuti ziwe. 11  Kuko ibi ari vyo Yehova avuze kuri Shalumu+ mwene Yosiya, umwami wa Yuda aganza mu kibanza ca Yosiya se wiwe+, uwasohotse avuye aha hantu, ati: ‘Ntazokwongera kuhagaruka. 12  Kuko ahantu bamujanye ari inyagano ari ho azopfira, kandi ntazokwongera kubona iki gihugu+.’ 13  “Aragowe uwubaka inzu yiwe+, mugabo ntayubake mu bugororotsi, n’ivyumba vyiwe vyo hejuru, mugabo ntavyubake mu butungane, akavyubaka akoresheje mugenziwe akorera ubusa, kandi ntamuhe impembo yiwe+; 14  uwuvuga ati: ‘Ngira niyubakire inzu yagutse n’ivyumba vyo hejuru bininibinini+; amadirisha yanje yo kuri yo azokwagurwa, kandi izokwomekwako imbaho z’isederi+, isigwe ibara ritukuriye+.’ 15  Mbega uzobandanya kuganza ngo ni uko uriko urondera kuba agaheta ukoresheje isederi? Nayo so wawe, mbega ntiyariye, akanywa, akongera agashitsa ubutungane n’ubugororotsi+? Ku bw’ivyo, vyaramugendeye neza+. 16  Yaraburanye urubanza rw’umurushwa n’urw’umworo+. Ku bw’ivyo, vyaramugendeye neza. ‘None ukwo ntikwari ukumenya jewe?’ ni ko Yehova avuze. 17  ‘Vy’ukuri amaso yawe n’umutima wawe nta handi biri atari ku nyungu y’akarenganyo yawe+, no ku maraso y’intungane kugira ngo uyasese+, no ku kugunga no ku kunyaga, kugira ngo ubikore.’ 18  “Ibi rero ni vyo Yehova avuze kuri Yehoyakimu+ mwene Yosiya, umwami wa Yuda: ‘Ntibazomuborogera ngo: “Yoo, mwene wacu! Yoo, mushikanje!” Ntibazomuborogera ngo: “Yoo, databuja! Yoo, teka ryiwe+!” 19  Azohambwa nk’uko bahamba indogobwa y’ingabo+, aburutwe yongere atabwe inyuma y’amarembo ya Yeruzalemu+.’ 20  “Duga i Libani+ usemerere, kandi wumvikanishe ijwi ryawe kuri Bashani+. Nusemererere i Abarimu+, kuko abagukunda rwinshi bose bavunaguwe+. 21  Navuganye nawe igihe wari ubayeho ata co winona+. Wavuze uti: ‘Eka singamburuka+.’ Iyo ni yo nzira yawe kuva mu buto bwawe, kuko utagamburutse ijwi ryanje+. 22  Umuyaga uzoragira abungere bawe bose+; nayo abagukunda rwinshi, bazojanwa kugirwa imbohe+. Kuko ico gihe uzomaramara, ugateterwa vy’ukuri kubera ivyago vyawe vyose+. 23  Ewe wewe uba i Libani+, ukaba waritse mu masederi+, ese ukuntu uzoniha vy’ukuri imisonga y’ukwibaruka niyakuzako+, ububabare bw’ibise nk’ubw’umugore ariko yibaruka+!” 24  “‘Ndahiye ukubaho kwanje,’ ni ko Yehova avuze, ‘naho wewe Koniya+ mwene Yehoyakimu+, umwami wa Yuda, woba uri impeta y’ikidodo+ ku kuboko kwanje kw’iburyo, nohagushikura+! 25  Nzogutanga mu kuboko kw’abarondera ubuzima bwawe+, no mu kuboko kw’abo utinya, no mu kuboko kwa Nebukadirezari umwami wa Babiloni, no mu kuboko kw’Abakaludaya+. 26  Mwe na nyoko+ yakwibarutse nzobaraririza mu kindi gihugu mutavukiyemwo, kandi ni yo muzopfira+. 27  Kandi mu gihugu bazoba bipfuza rwose gusubiramwo, ntibazosubirayo+. 28  Mbega uyu mugabo Koniya+ ni ikibumbano gisuzuguritse, gisabijwe+, canke icombo kidahimbaye+? Kubera iki we n’uruvyaro rwiwe boraririzwa hasi, bagatererwa mu gihugu batamenye+?’ 29  “Ewe wa si we, wa si we, wa si we, niwumve ijambo rya Yehova+. 30  Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Nimwandike uyu mugabo nk’uwutagira abana+, nk’umuntu w’umugabo atazororanirwa mu misi yiwe; kuko mu ruvyaro rwiwe ata n’umwe azororanirwa+, ngo yicare ku ntebe y’ubwami ya Dawidi+ ngo yongere kuganza muri Yuda.’”

Amakuru yiyongereye

Ijambo ku rindi ni “agahungu katagira se.”