Yeremiya 21:1-14
21 Ijambo+ ryaje kuri Yeremiya rivuye kuri Yehova, igihe Umwami Zedekiya+ yamutumako Pashuri+ mwene Malikiya na Zefaniya+ mwene Mayaseya, umuherezi, ngo bamubwire bati:
2 “Turakwinginze udusigurize Yehova+, kuko Nebukadirezari umwami wa Babiloni aduteye+. Hari aho Yehova yotugirira nk’uko ibikorwa vyiwe vyose vy’agatangaza biri, akagenda akatuviraho+.”
3 Nuko Yeremiya ababwira ati: “Mubwire Zedekiya muti:
4 ‘Ibi ni vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze: “Ehe mbahindukirijeko ibirwanisho vy’intambara biri mu kuboko kwanyu, ivyo muriko murwanisha umwami wa Babiloni+ n’Abakaludaya+ babasugereje inyuma y’uruhome, kandi nzobakoraniriza hagati muri iki gisagara+.
5 Jewe nzobarwanya+ nkoresheje ukuboko kuramvuye, n’ukuboko gukomeye, n’ishavu, n’ubushangashirwe be n’uburakari bukaze+.
6 Nzokubita ababa muri iki gisagara, umuntu n’igikoko. Bazokwicwa n’ikiza gikomeye+.”’
7 “‘“Kandi inyuma y’ivyo,” ni ko Yehova avuze, “Nzotanga Zedekiya umwami wa Yuda n’abasuku biwe n’abantu n’abazoba basigaye muri iki gisagara batishwe n’ikiza n’inkota be n’ikigoyi, ndabatange mu kuboko kwa Nebukadirezari umwami wa Babiloni, egome, mu kuboko kw’abansi babo no mu kuboko kw’abarondera ubuzima bwabo, kandi azobakubitisha koko ubugi bw’inkota+. Ntazobumvira akagongwe canke ngo abagirire impuhwe canke imbabazi+.”’
8 “Abo bantu na bo uze ubabwire uti: ‘Ibi ni vyo Yehova avuze: “Ehe nshize imbere yanyu inzira y’ubuzima n’inzira y’urupfu+.
9 Uwuzoguma muri iki gisagara azokwicwa n’inkota n’ikigoyi be n’ikiza+; mugabo uwuzosohoka akishikana koko ku Bakaludaya babasugereje azobandanya kubaho, kandi azonyaga amagara yiwe+.”’
10 “‘“Kuko ndabishije mu maso hanje kuri iki gisagara kugira ndagiteze ivyago atari kugira ndakigirire neza+,” ni ko Yehova avuze. “Kizotangwa mu kuboko kw’umwami wa Babiloni+, kandi azogituriza umuriro ata kabuza+.”
11 “‘Nayo ku bijanye n’urugo rw’umwami wa Yuda, nimwumve ijambo rya Yehova+.
12 Ewe nzu ya Dawidi+, ibi ni vyo Yehova avuze: “Buri gitondo+ nimuce imanza mu butungane+, kandi murokore uwamburwa mumukure mu kuboko kw’uwugunga+, kugira ngo ubushangashirwe bwanje ntibusohoke nk’umuriro+ maze bugaturira koko, ata muntu n’umwe wo kubuzimya, kubera ububi bw’ibikorwa vyanyu+.”’
13 “‘Ehe ngira ndakurwanye, ewe wewe uba mu kiyaya co hasi+, ewe gitandara co mu ntara ishashe,’ ni ko Yehova avuze. ‘Nayo mwebwe abavuga ngo: “Ni nde azomanuka kudutera? Kandi ni nde azokwinjira aho tuba+?”,
14 nzogira ico ndababaza+ nisunze ivyamwa vy’ibikorwa vyanyu+,’ ni ko Yehova avuze. ‘Kandi nzodomeka umuriro mu kibira ciwe+, urigate koko ibintu vyose biri irya n’ino yiwe+.’”