Yeremiya 20:1-18
20 Nuko Pashuri mwene Imeri+, umuherezi, akaba kandi yari icariho kizigenza mu nzu ya Yehova+, aguma yumviriza Yeremiya mu gihe yariko avuga ayo majambo y’ubuhanuzi.
2 Maze Pashuri akubita Yeremiya umuhanuzi+ yongera amushira mu mpatane z’ibiti*+ zari mw’Irembo ryo Haruguru rya Benyamini, iryari mu nzu ya Yehova.
3 Mugabo ku musi ukurikira, Pashuri akura Yeremiya muri nya mpatane z’ibiti+, maze Yeremiya amubwira ati:
“Yehova ntakwise+ Pashuri, mugabo akwise Vutu irya n’ino+.
4 Kuko ibi ari vyo Yehova avuze: ‘Ehe nkugize ivutu kuri wewe no ku bakunzi bawe bose; bazogwishwa koko n’inkota y’abansi babo+ amaso yawe avyitegereza+; kandi Yuda yose nzoyitanga mu kuboko kw’umwami wa Babiloni, na we azobajana koko mu bunyagano i Babiloni, abicishe inkota+.
5 Nzotanga ibintu bibitswe vyose vy’iki gisagara n’umwimbu waco wose n’ibintu vy’agaciro vyaco vyose; kandi amatunga yose y’abami ba Yuda ngira ndayatange mu kuboko kw’abansi babo+. Na bo bazobisahura ata kabuza, babitware, babijane i Babiloni+.
6 Nayo wewe, ewe Pashuri, n’ababa mu nzu yawe bose, muzojanwa kugirwa imbohe+; uzoja i Babiloni maze upfireyo kandi ni yo uzohambwa mwe n’abakunzi bawe bose+, kuko wababwiye ubuhanuzi mu kinyoma+.’”
7 Warampenze, ewe Yehova, ndahendeka. Wakoresheje inkomezi zawe mu kundwanya, ku buryo unesha+. Nabaye agatwengo burinda bwira; abantu bose bantwengera mw’ijigo+.
8 Kuko igihe cose mvuze, nsemerera. Ubukazi n’ukunyaga ni vyo nsemerera+. Kuko ijambo rya Yehova ryambereye iceyi n’akamenyo burinda bwira+.
9 Nuko mvuga nti: “Sinzovuga ivyiwe, kandi sinzokwongera kuvuga mw’izina ryiwe+.” Mugabo mu mutima wanje haba nk’umuriro ururumba wugaraniwe mu magufa yanje; nduhishwa no kuwugumya, sinashobora kuwihanganira+.
10 Kuko numvise inkuru mbi ya benshi+. Irya n’ino hari ivutu. “Nimubivuge, kugira ngo tuvuge ivyiwe+.” Abantu buntu* bose bambwira bati: “Amahoro!”—bareretse ko nocumbagira+, bakavuga bati: “Hari aho yohendeka+, natwe tukamunesha, tukamwihora.”
11 Mugabo Yehova yari kumwe nanje+ nk’umunyenkomezi ateye ubwoba+. Ni co gituma abampama bazotsitara, ntibaneshe+. Emwe, bazomaramara rwose, kuko batazoba batunganiwe. Uguteterwa kwabo kw’igihe kitagira urugero ntikuzokwibagirwa+.
12 Mugabo wewe, ewe Yehova nyen’ingabo, urasuzuma umugororotsi+; urabona amafyigo n’umutima+. Ese nobona ingene ubihora+, kuko ari wewe nahishuriye imburano zanje+.
13 Nimuririmbire Yehova! Nimushemeze Yehova! Kuko yarokoye ubuzima bw’umworo mu kuboko kw’inkozi z’ikibi+.
14 Urakavumwa umusi navukiyeko! Umusi mawe yanyibarukiyeko ntugahezagirwe+!
15 Arakavumwa umuntu yazaniye inkuru nziza dawe ati: “Uvyariwe umuhungu, umwana w’igitsina-gabo!” Yaramunezereje koko+.
16 Uwo muntu arakaba nk’ibisagara Yehova yatembagaje ntiyicuze+. Aze yumve amaborogo mu gitondo be n’ikimenyetso c’ukugabisha mu gihe co ku mutaga+.
17 Kubera iki atanyiciye mu gitereko ngo bihere biheze, kugira ngo mawe ambere imva, igitereko ciwe na co cibungenge gushika igihe kitagira urugero+?
18 Kubera iki navuye mu gitereko+ kugira mbone igikorwa c’ubutame n’intuntu+, no kugira ngo imisi yanje irangirire mu bumaramare+?