Yeremiya 2:1-37

2  Ijambo rya Yehova rinzako+ riti:  “Genda usemerere mu matwi ya Yeruzalemu uti: ‘Ibi ni vyo Yehova avuze+: “Ndibuka neza ku bijanye nawe ubuntu bwuzuye urukundo bwo mu buto bwawe+, urukundo wari ufise igihe wari urehejwe+, n’ingene wankurikira mu gahinga, mu gihugu kitabibwamwo imbuto+.  Isirayeli yari ikintu ceranda kuri Yehova+, umwimbu wa mbere kuri we+.”’ ‘Abantu bose bamurotsa baba bikwegeye ukwagirwa n’icaha+. Ivyago vyarabazako,’ ni ko Yehova yavuze+.”  Niwumve ijambo rya Yehova, ewe nzu ya Yakobo+, namwe mwese miryango y’inzu ya Isirayeli+!  Ibi ni vyo Yehova avuze: “Ni ikintu ikihe c’akarenganyo ba so basanze muri jewe+, ku buryo bigira kure yanje+, bakaguma bakurikira ca kigirwamana c’imburakimazi+, na bo ubwabo bagacika imburakimazi+?  Kandi ntibavuze ngo: ‘Yehova ari hehe, Umwe yatudugana adukuye mu gihugu ca Misiri+, Umwe yaducisha mu gahinga, mu gihugu c’ibiyaya vy’ubugaragwa+ n’ivyobo, mu gihugu kitagira amazi+ kandi c’igitutu kizitanye+, mu gihugu ata muntu yagiciyemwo kandi ata muntu yakuwe mw’ivu yakibayemwo?’  “Amaherezo narabazanye mu gihugu c’imirima y’ivyamwa, kugira ngo murye ivyamwa vyaco n’ibintu vyiza vyaco+. Mugabo mwaraje, muhumanya igihugu canje; intoranwa yanje mwayigize ikintu giteye ishishi+.  Abaherezi ntibavuze ngo: ‘Yehova ari hehe+?’ Abajejwe itegeko jewe ntibamenye+; kandi abungere barancumuyeko+, mbere n’abahanuzi bavuze ubuhanuzi mw’izina rya Bayali+, bakurikira ibitari gushobora kuzana inyungu+.  “‘Ni co gituma nzokwongera kubarwanya+,’ ni ko Yehova avuze, ‘kandi nzorwanya abahungu b’abahungu banyu+.’ 10  “‘Mugabo nimujabuke muje mu bihugu vyo ku nkengera y’amazi vya Kitimu+, murabe. Egome, nimutume intumwa n’i Kedari+ maze murimbure mwitonze, murabe ko hari ikintu nk’iki cabaye+. 11  Mbega hari ihanga ryakavye imana zaryo+, egome, rikazikaba ibitari imana+? Mugabo abantu banje ubuninahazwa bwanje babukavye ibidashobora kuzana inyungu+. 12  Nimubirabe mwumiwe, mwa majuru mwe; nimumerereze kubera ikinya cinshi cane,’ ni ko Yehova avuze+, 13  ‘kuko hari ibintu bibiri bibi abantu banje bakoze: Barampevye+, jewe sôko ry’amazi mazima+, kugira ngo biyimbire amatangi, amatangi yatobotse adashobora kubika amazi.’ 14  “‘Mbega Isirayeli ni umusuku+, canke umushumba yavukiye mu rugo? Kubera iki yahindutse uwo gusahurwa? 15  Intambwe z’imikangara z’imigāra zimuroherako+; zarumvikanishije ijwi ryazo+. Maze igihugu ciwe zikigira akajoreza. Ibisagara vyiwe vyaraturiwe, ku buryo ata muntu ahaba+. 16  Mbere ab’i Nofu+ n’i Tahapanesi+ bagumye bakurya ku rutwariro+. 17  Mbega ivyo si wewe wavyikwegeye mu guheba Yehova Imana yawe+ igihe yakugendesha mu nzira+? 18  None ubu inzira ya Misiri+ uyironderako iki, kugira ngo unywe amazi ya Shihori+? Kandi inzira ya Ashuri+ uyironderako iki, kugira ngo unywe amazi ya rwa Ruzi? 19  Ububi bwawe bwari bukwiye kugukosora+, kandi ubuhemu bwawe bwari bukwiye kugukangira+. Numenye rero wongere ubone yuko guheba Yehova Imana yawe ari ikintu kibi kandi kibishe+, kandi ivyo ntivyatumye untinya+,’ ni ko Umukama Segaba+, Yehova nyen’ingabo*, avuze. 20  “‘Kuko kera navunaguye ingǒgo* yawe+; navutaguye imizana yawe. Mugabo wavuze uti: “Sinzogukorera,” kuko waryama utambikije+ ku murambi muremure wose no munsi y’igiti gitotahaye cose+, ugira ubumaraya+. 21  Ariko jewe, nari naraguteye uri umuzabibu utukura w’indobanurwa+, wose ari imbuto nyakuri. None wampindukiye gute imivyaro yononekaye y’umuzabibu w’icaduka+?’ 22  “‘Mugabo naho wokwiyuhagiza ivyitwa alikali kandi naho wokoresha isabuni nyinshi+, ikosa ryawe ryoguma koko ari ikirabagu imbere yanje+,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze. 23  Uvuga ute ngo: ‘Sinihumanije+. Sinakurikiye za Bayali+’? Raba inzira yawe yo mu mubande+. Numenye ico wakoze. Uri ingamiya y’ingore inyaruka yiruka irya n’ino mu nzira zayo, itagira iyo ija; 24  uri imparage+ imenyereye agahinga, isunitswe n’icipfuzo cayo gikomeye, imotēra umuyaga+; iyo hageze ko yima, ni nde yoshobora kuyisubiza inyuma? Iziyirondera zose ntizizokwirirwa ziriruhisha. Ukwezi kwayo kugeze zizoyironka. 25  Nubuze ikirenge cawe gucika ikirenge kiri amenya, n’umuhogo wawe kugira inyota+. Mugabo wavuze uti: ‘Ni ivy’ubusa+! Oya, ahubwo nakunze ab’ahandi+, kandi nzobakurikira+.’ 26  “Ab’inzu ya Isirayeli bagize ibimaramare nka birya vy’igisuma iyo gifashwe+, bo hamwe n’abami babo, n’abaganwa babo, n’abaherezi babo be n’abahanuzi babo+. 27  Babwira igiti bati: ‘Uri dawe+,’ bakabwira ibuye bati: ‘Ni wewe wamvyaye.’ Mugabo jewe bampaye ibitugu ntibampaye mu maso+. Mu gihe c’ivyago vyabo bazovuga bati: ‘Haguruka udukize+!’ 28  “Ariko none ziri hehe za mana zawe wihinguriye+? Nizihaguruke nimba zishobora kugukiza mu gihe c’ivyago vyawe+. Kuko imana zawe zisigaye zingana n’igitigiri c’ibisagara vyawe, ewe Yuda+! 29  “‘Kubera iki mubandanya kundwanya+? Kubera iki mwebwe mwese mwancumuyeko+?’, ni ko Yehova avuze. 30  Narakubise abahungu banyu ntihagira ikivamwo+. Ntibemeye gutozwa indero+. Inkota yanyu yararokeje abahanuzi banyu, nka kurya kw’intambwe iyogeza+. 31  Yemwe yaruka, nimwirabire ijambo rya Yehova+. “Mbega nacitse agahinga kuri Isirayeli+ canke igihugu c’umwiza w’umuzitanya? Kubera iki aba bantu banje bavuze bati: ‘Twarayerereye. Ntitukigaruka kuri wewe+’? 32  Mbega umwigeme w’isugi yokwibagira udusharizo twiwe, umugeni akibagira imikanda yiwe yo mu gikiriza? Yamara abantu banje bo, baranyibagiye imisi itagira igitigiri+. 33  “Kubera iki ga wa mugore ugira neza inzira yawe kugira ngo urondere urukundo? Ni co gituma wigishije inzira zawe ibintu bibi+. 34  Vyongeye, mu mpuzu* zawe habonetse ibirabagu vy’amaraso y’aboro b’intungane+. Ntibishwe ngo ni uko bariko bamena inzu, ariko ibirabagu vy’amaraso yabo nabisanze ku mpuzu zawe zose+. 35  “Mugabo uvuga uti: ‘Nagumye ndi intungane. Ni ukuri ishavu ryiwe ryamvuyeko risubira inyuma+.’ “Ehe ngira mburane nawe kubera uvuga ngo: ‘Sinacumuye+.’ 36  Kubera iki ubona ko guhindura inzira yawe ata co bivuze+? Misiri na yo nyene izotuma umaramara+, nk’uko Ashuri yatumye umaramara+. 37  Ku bw’ivyo kandi uzogenda wikoreye amaboko+, kuko Yehova yanse ivyo wizigiye, kandi ntibizotuma uroranirwa.”

Utujambo tw'epfo

Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.
Ijambo ku rindi ni “mu bice vyo hepfo vy’impuzu.”