Yeremiya 2:1-37
2 Ijambo rya Yehova rinzako+ riti:
2 “Genda usemerere mu matwi ya Yeruzalemu uti: ‘Ibi ni vyo Yehova avuze+: “Ndibuka neza ku bijanye nawe ubuntu bwuzuye urukundo bwo mu buto bwawe+, urukundo wari ufise igihe wari urehejwe+, n’ingene wankurikira mu gahinga, mu gihugu kitabibwamwo imbuto+.
3 Isirayeli yari ikintu ceranda kuri Yehova+, umwimbu wa mbere kuri we+.”’ ‘Abantu bose bamurotsa baba bikwegeye ukwagirwa n’icaha+. Ivyago vyarabazako,’ ni ko Yehova yavuze+.”
4 Niwumve ijambo rya Yehova, ewe nzu ya Yakobo+, namwe mwese miryango y’inzu ya Isirayeli+!
5 Ibi ni vyo Yehova avuze: “Ni ikintu ikihe c’akarenganyo ba so basanze muri jewe+, ku buryo bigira kure yanje+, bakaguma bakurikira ca kigirwamana c’imburakimazi+, na bo ubwabo bagacika imburakimazi+?
6 Kandi ntibavuze ngo: ‘Yehova ari hehe, Umwe yatudugana adukuye mu gihugu ca Misiri+, Umwe yaducisha mu gahinga, mu gihugu c’ibiyaya vy’ubugaragwa+ n’ivyobo, mu gihugu kitagira amazi+ kandi c’igitutu kizitanye+, mu gihugu ata muntu yagiciyemwo kandi ata muntu yakuwe mw’ivu yakibayemwo?’
7 “Amaherezo narabazanye mu gihugu c’imirima y’ivyamwa, kugira ngo murye ivyamwa vyaco n’ibintu vyiza vyaco+. Mugabo mwaraje, muhumanya igihugu canje; intoranwa yanje mwayigize ikintu giteye ishishi+.
8 Abaherezi ntibavuze ngo: ‘Yehova ari hehe+?’ Abajejwe itegeko jewe ntibamenye+; kandi abungere barancumuyeko+, mbere n’abahanuzi bavuze ubuhanuzi mw’izina rya Bayali+, bakurikira ibitari gushobora kuzana inyungu+.
9 “‘Ni co gituma nzokwongera kubarwanya+,’ ni ko Yehova avuze, ‘kandi nzorwanya abahungu b’abahungu banyu+.’
10 “‘Mugabo nimujabuke muje mu bihugu vyo ku nkengera y’amazi vya Kitimu+, murabe. Egome, nimutume intumwa n’i Kedari+ maze murimbure mwitonze, murabe ko hari ikintu nk’iki cabaye+.
11 Mbega hari ihanga ryakavye imana zaryo+, egome, rikazikaba ibitari imana+? Mugabo abantu banje ubuninahazwa bwanje babukavye ibidashobora kuzana inyungu+.
12 Nimubirabe mwumiwe, mwa majuru mwe; nimumerereze kubera ikinya cinshi cane,’ ni ko Yehova avuze+,
13 ‘kuko hari ibintu bibiri bibi abantu banje bakoze: Barampevye+, jewe sôko ry’amazi mazima+, kugira ngo biyimbire amatangi, amatangi yatobotse adashobora kubika amazi.’
14 “‘Mbega Isirayeli ni umusuku+, canke umushumba yavukiye mu rugo? Kubera iki yahindutse uwo gusahurwa?
15 Intambwe z’imikangara z’imigāra zimuroherako+; zarumvikanishije ijwi ryazo+. Maze igihugu ciwe zikigira akajoreza. Ibisagara vyiwe vyaraturiwe, ku buryo ata muntu ahaba+.
16 Mbere ab’i Nofu+ n’i Tahapanesi+ bagumye bakurya ku rutwariro+.
17 Mbega ivyo si wewe wavyikwegeye mu guheba Yehova Imana yawe+ igihe yakugendesha mu nzira+?
18 None ubu inzira ya Misiri+ uyironderako iki, kugira ngo unywe amazi ya Shihori+? Kandi inzira ya Ashuri+ uyironderako iki, kugira ngo unywe amazi ya rwa Ruzi?
19 Ububi bwawe bwari bukwiye kugukosora+, kandi ubuhemu bwawe bwari bukwiye kugukangira+. Numenye rero wongere ubone yuko guheba Yehova Imana yawe ari ikintu kibi kandi kibishe+, kandi ivyo ntivyatumye untinya+,’ ni ko Umukama Segaba+, Yehova nyen’ingabo*, avuze.
20 “‘Kuko kera navunaguye ingǒgo* yawe+; navutaguye imizana yawe. Mugabo wavuze uti: “Sinzogukorera,” kuko waryama utambikije+ ku murambi muremure wose no munsi y’igiti gitotahaye cose+, ugira ubumaraya+.
21 Ariko jewe, nari naraguteye uri umuzabibu utukura w’indobanurwa+, wose ari imbuto nyakuri. None wampindukiye gute imivyaro yononekaye y’umuzabibu w’icaduka+?’
22 “‘Mugabo naho wokwiyuhagiza ivyitwa alikali kandi naho wokoresha isabuni nyinshi+, ikosa ryawe ryoguma koko ari ikirabagu imbere yanje+,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.
23 Uvuga ute ngo: ‘Sinihumanije+. Sinakurikiye za Bayali+’? Raba inzira yawe yo mu mubande+. Numenye ico wakoze. Uri ingamiya y’ingore inyaruka yiruka irya n’ino mu nzira zayo, itagira iyo ija;
24 uri imparage+ imenyereye agahinga, isunitswe n’icipfuzo cayo gikomeye, imotēra umuyaga+; iyo hageze ko yima, ni nde yoshobora kuyisubiza inyuma? Iziyirondera zose ntizizokwirirwa ziriruhisha. Ukwezi kwayo kugeze zizoyironka.
25 Nubuze ikirenge cawe gucika ikirenge kiri amenya, n’umuhogo wawe kugira inyota+. Mugabo wavuze uti: ‘Ni ivy’ubusa+! Oya, ahubwo nakunze ab’ahandi+, kandi nzobakurikira+.’
26 “Ab’inzu ya Isirayeli bagize ibimaramare nka birya vy’igisuma iyo gifashwe+, bo hamwe n’abami babo, n’abaganwa babo, n’abaherezi babo be n’abahanuzi babo+.
27 Babwira igiti bati: ‘Uri dawe+,’ bakabwira ibuye bati: ‘Ni wewe wamvyaye.’ Mugabo jewe bampaye ibitugu ntibampaye mu maso+. Mu gihe c’ivyago vyabo bazovuga bati: ‘Haguruka udukize+!’
28 “Ariko none ziri hehe za mana zawe wihinguriye+? Nizihaguruke nimba zishobora kugukiza mu gihe c’ivyago vyawe+. Kuko imana zawe zisigaye zingana n’igitigiri c’ibisagara vyawe, ewe Yuda+!
29 “‘Kubera iki mubandanya kundwanya+? Kubera iki mwebwe mwese mwancumuyeko+?’, ni ko Yehova avuze.
30 Narakubise abahungu banyu ntihagira ikivamwo+. Ntibemeye gutozwa indero+. Inkota yanyu yararokeje abahanuzi banyu, nka kurya kw’intambwe iyogeza+.
31 Yemwe yaruka, nimwirabire ijambo rya Yehova+.
“Mbega nacitse agahinga kuri Isirayeli+ canke igihugu c’umwiza w’umuzitanya? Kubera iki aba bantu banje bavuze bati: ‘Twarayerereye. Ntitukigaruka kuri wewe+’?
32 Mbega umwigeme w’isugi yokwibagira udusharizo twiwe, umugeni akibagira imikanda yiwe yo mu gikiriza? Yamara abantu banje bo, baranyibagiye imisi itagira igitigiri+.
33 “Kubera iki ga wa mugore ugira neza inzira yawe kugira ngo urondere urukundo? Ni co gituma wigishije inzira zawe ibintu bibi+.
34 Vyongeye, mu mpuzu* zawe habonetse ibirabagu vy’amaraso y’aboro b’intungane+. Ntibishwe ngo ni uko bariko bamena inzu, ariko ibirabagu vy’amaraso yabo nabisanze ku mpuzu zawe zose+.
35 “Mugabo uvuga uti: ‘Nagumye ndi intungane. Ni ukuri ishavu ryiwe ryamvuyeko risubira inyuma+.’
“Ehe ngira mburane nawe kubera uvuga ngo: ‘Sinacumuye+.’
36 Kubera iki ubona ko guhindura inzira yawe ata co bivuze+? Misiri na yo nyene izotuma umaramara+, nk’uko Ashuri yatumye umaramara+.
37 Ku bw’ivyo kandi uzogenda wikoreye amaboko+, kuko Yehova yanse ivyo wizigiye, kandi ntibizotuma uroranirwa.”
Utujambo tw'epfo
^ Raba Inyongera ya 21.
^ Raba Inyongera ya 21.
^ Ijambo ku rindi ni “mu bice vyo hepfo vy’impuzu.”