Yeremiya 19:1-15

19  Ibi ni vyo Yehova yavuze: “Genda wironse agakarabo k’umubumvyi+, uhamagare bamwe mu bagabo b’inararibonye b’abantu, na bamwe mu bagabo b’inararibonye b’abaherezi.  Hanyuma usohoke uje mu mubande wa mwene Hinomu+ uri ku bwinjiriro bw’Irembo ry’Injo. Maze utangarize ng’aho amajambo ngira nkubwire+.  Uvuge uti: ‘Nimwumve ijambo rya Yehova, yemwe bami ba Yuda namwe ababa i Yeruzalemu+. Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo+, Imana ya Isirayeli, avuze: “‘“Ehe ngira nzane ivyago aha hantu, uwuzovyumva wese amatwi yiwe akaba azovugiramwo iminzerere+;  kubera ko bampevye+, maze aha hantu bagatangura kuhayoberanya+ no kuhafumbishiriza umwotsi w’ibimazi izindi mana batari baramenye+, bo hamwe na ba sekuruza babo n’abami ba Yuda; kandi bujuje aha hantu amaraso y’abantu b’intungane+.  Bubatse ibibanza bikirurutse vya Bayali kugira ngo baturirire abahungu babo mu muriro bwa mashikanwa aturirwa uko yakabaye ashikanirwa Bayali+, ikintu ntari narategetse canke ngo mvuge+, kandi kitigeze kinza mu mutima+.”’  “‘“Ku bw’ivyo, ehe imisi iraje,” ni ko Yehova avuze, “igihe aha hantu hatazokwongera kwitwa Tofeti+ be n’umubande wa mwene Hinomu+, mugabo hakitwa umubande w’ubwicanyi.  Nzohindura ubusa inama ya Yuda n’iya Yeruzalemu aha hantu+, kandi nzotuma bagwishwa n’inkota imbere y’abansi babo bongere bagwishwe n’ukuboko kw’abarondera ubuzima bwabo+. Imivyimba yabo nzoyiha ibiremwa biguruka vyo mu kirere n’ibikoko vyo kw’isi, ibe indya zavyo+.  Kandi iki gisagara nzokigira akajoreza be n’ikintu co kuvugiriza agahwa+. Umuntu wese azoca iruhande yaco azogitamarira ajongorotse yongere avuze agahwa kubera ivyago vyaco vyose+.  Nzobarisha inyama z’abahungu babo n’inyama z’abakobwa babo; kandi umwe wese azorya inyama za mugenziwe, bitewe n’ugusugerezwa be n’amaganya abansi babo be n’abarondera ubuzima bwabo bazobasatiriza+.”’ 10  “Hanyuma usabirize nya gakarabo mu maso y’abagabo bajana nawe. 11  Maze ubabwire uti: ‘Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo avuze: “Ukwo ni ko nzosavya aba bantu n’iki gisagara, nk’uko umuntu asavya icombo c’umubumvyi ku buryo kidashobora kwongera gusanasanwa+; kandi bazohamba i Tofeti+ gushika aho hadasigara ahantu ho guhamba+.”’ 12  “‘Ukwo ni ko nzogirira aha hantu,’ ni ko Yehova avuze, ‘n’abahaba, egome, kugira ngo iki gisagara ndakigire nka Tofeti+. 13  Kandi amazu ya Yeruzalemu n’amazu y’abami ba Yuda azoba koko nka Tofeti+, abe ayahumanye, ni ukuvuga, amazu yose bahora bafumbishiriza ku bisenge vyayo umwotsi w’ibimazi, bawufumbishirije ingabo zose zo mu majuru+ bakongera bakahasukira izindi mana amashikanwa y’ikinyobwa+.’” 14  Nuko Yeremiya araza avuye i Tofeti+, aho Yehova yari yamutumye kuvuga ubuhanuzi, ahagarara mu rugo rw’inzu ya Yehova maze abwira abantu bose+ ati: 15  “Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo, Imana ya Isirayeli, avuze: ‘Ehe ngira nzane kuri iki gisagara no ku bisagara vyaco vyose ivyago vyose nakivuzeko, kubera ko bakomantaje izosi ryabo kugira ngo ntibagamburuke amajambo yanje+.’”

Amakuru yiyongereye