Yeremiya 18:1-23

18  Ijambo ryaje kuri Yeremiya rivuye kuri Yehova riti:  “Haguruka, umanuke ku nzu y’umubumvyi+, aho ni ho nzokwumvishiriza amajambo yanje.”  Nuko manuka ku nzu y’umubumvyi, nsanga ariko akorera igikorwa ku makurudumu y’umubumvyi.  Maze icombo yariko akora mw’ibumba cononekarira mu kuboko kwa nya mubumvyi; nuko arahindukira, agikoramwo ikindi combo, nk’uko yabona ko bibereye mu maso yiwe gukora+.  Ijambo rya Yehova ryongera kunzako riti:  “‘Mbega sinshoboye kubagirira nk’uwu mubumvyi, ga yewe nzu ya Isirayeli?’, ni ko Yehova avuze. ‘Raba, nka kurya kw’ibumba mu kuboko kw’umubumvyi, ni ko muri mu kuboko kwanje, ewe nzu ya Isirayeli+!  Igihe ico ari co cose novuga ku bijanye n’ihanga no ku bijanye n’ubwami kugira ndarirandure, ndarisiturire hasi, ndarihonye+,  maze iryo hanga rigahindukira koko rikava mu bubi bwaryo niyamirije+, nzokwicuza rero ku bijanye n’ivyago nari niyumviriye kurishitsako+.  Mugabo igihe ico ari co cose novuga ku bijanye n’ihanga no ku bijanye n’ubwami kugira ngo ndaryubake no kugira ngo ndariteragire+, 10  maze rigakora koko ibibi mu maso yanje mu kutagamburuka ijwi ryanje+, nzokwicuza rero ku bijanye n’iciza nari nibwiye ko nzokora ku neza yaryo.’ 11  “Ubu rero, ndakwinginze ubwire abagabo ba Yuda n’ababa i Yeruzalemu uti: ‘Ibi ni vyo Yehova avuze: “Ehe ndiko ndababumbira ivyago kandi ndiko niyumvira iciyumviro co kubagirira nabi+. Enda nimuhindukire, umwe wese ave mu nzira yiwe mbi, inzira zanyu n’ibikorwa vyanyu mubigire vyiza+.”’” 12  Na bo bavuga bati: “Ni ivy’ubusa+! Kuko tuzokurikira ivyiyumviro vyacu, kandi tuzoshitsa umwe wese akagagazo k’umutima wiwe mubi+.” 13  Ibi rero ni vyo Yehova avuze: “Ndabinginze mubaze mu mahanga. Ni nde yumvise ibintu nk’ivyo? Umwigeme w’isugi wa Isirayeli yarakoze ikintu giteye ikinya arimonogoza+. 14  Mbega shelegi* y’i Libani yokamangana ikava ku gitandara co mu gahinga? Canke amazi y’ahandi apfutse kandi atemba, mbega yokama? 15  Kuko abantu banje banyibagiye+ mu buryo bw’uko bafumbishiriza umwotsi w’ibimazi ikintu kitagira akamaro+, no mu buryo bw’uko batsitaza abantu mu nzira zabo+, iminyuro ya kera+, kugira ngo bagendere mu mabarabara, inzira itaringaniye, 16  kugira ngo igihugu cabo bakigire akajoreza+, kibe ico kuvugiriza agahwa gushika igihe kitagira urugero+. Umuntu wese azoca iruhande yaco azogitamarira ajongorotse yongere azunze umutwe+. 17  Nzobashwiragiza imbere y’umwansi nk’aho noba nkoresheje umuyaga wo mu buseruko+. Ku musi w’icago cabo nzobereka umugongo, sinzobereka mu maso+.” 18  Nuko bavuga bati: “Nimuze twiyumvire ivyiyumviro vyo kugirira nabi Yeremiya+, kuko itegeko ritazova ku muherezi+ canke ngo impanuro ive ku muntu w’inkerebutsi canke ngo ijambo rive ku muhanuzi+. Nimuze tumukubitishe ururimi+, kandi ntihagire na rimwe mu majambo yiwe twumviriza.” 19  Nunyumvirize, ewe Yehova, kandi wumvirize ijwi ry’abandwanya+. 20  Mbega ineza yokwishurwa inabi+? Kuko bimbiye icobo ubuzima bwanje+. Niwibuke ko nahagaze imbere yawe kugira ngo mvuge iciza ku biberekeye, ngo nsubize inyuma ubushangashirwe bwawe bubaveko+. 21  Ku bw’ivyo, abana babo nubatange ku kigoyi+, nubatange ku bubasha bw’inkota+; abagore babo nibabe abagore bahekuwe, be n’abapfakazi+. Kandi abagabo babo nibabe abishwe n’ikiza cica, imisore yabo na yo ibe iyasasitswe n’inkota mu rugamba+. 22  Akaruru nikumvikane mu mazu yabo, niwabazanako giturumbuka akagwi k’abambuzi+. Kuko bimvye icobo kugira bamfate, kandi banyegeje imitego ngo ifate ibirenge vyanje+. 23  Mugabo wewe, ewe Yehova, urazi neza inama yabo yose bangiriye ngo banyice+. Ntupfuke ikosa ryabo, kandi ntuhanagure ico gicumuro cabo ngo kive imbere yawe; mugabo nibatsitare imbere yawe+. Mu gihe c’ishavu ryawe, nubahagurukire+.

Amakuru yiyongereye

“Shelegi” ni ibintu vy’ibivunjivunji vyera cane bigwa nk’imvura.