Yeremiya 17:1-27
17 “Igicumuro ca Yuda candikishijwe agasáruzo k’icuma+. Gisarujwe isonga rya diyama ku gisate c’umutima wabo+, no ku mahembe y’ibicaniro vyabo+,
2 mu gihe abahungu babo bibuka ibicaniro vyabo n’ibikingi vyeranda vyabo iruhande y’igiti gitotahaye, ku mirambi ikirurutse+,
3 ku misozi yo mu gahinga. Ibintu vyawe, amatunga yawe yose, nzobitanga bisahurwe+, ibibanza vyawe bikirurutse ndabitange kubera igicumuro mu turere twawe twose+.
4 Kandi warekuye intoranwa yawe nari naraguhaye, egome, uyirekura bikwiviriyeko+. Nzotuma rero ukorera abansi bawe mu gihugu utamenye+; kuko mwadometswe nk’umuriro mw’ishavu ryanje+. Uzoguma waka gushika igihe kitagira urugero.”
5 Ibi ni vyo Yehova avuze: “Aravumwe umuntu w’umugabo yizigira umuntu yakuwe mw’ivu+, akishimikiza koko ukuboko kwiwe kw’inyama+, umutima wiwe ukava kuri Yehova+.
6 Azoba vy’ukuri nk’igiti c’inyakamwe mu kiyaya c’ubugaragwa kandi iciza nicaza ntazobibona+; mugabo azoba koko ahantu hagadutse mu gahinga, mu gihugu c’umunyu ata wukibamwo+.
7 Arahezagiwe umuntu w’umugabo yizigira Yehova, Yehova akaba ari umwizero wiwe+.
8 Azoba vy’ukuri nk’igiti gitewe iruhande y’amazi, gishora imizi yaco iruhande y’umugende w’amazi; ubushuhe nibwaza ntazobibona, mugabo urubabi rwiwe ruzoba urutotahaye+. Mu mwaka w’uruzuba+ ntazogira amaganya, canke ngo areke kwama ivyamwa.
9 “Umutima ni umuhemu kuruta ikindi kintu cose kandi ni mubi cane+. Ni nde yowumenya?
10 Jewe Yehova nsesa umutima+, ngasuzuma amafyigo+, egome, kugira ngo mpe umwe wese nk’uko inzira ziwe ziri+, nk’uko ivyamwa vy’ibikorwa vyiwe biri+.
11 Uwurondera ubutunzi atabigiranye ubutungane+ ameze nk’inkware yegeranije amagi itataye. Acagatije imisi yiwe, azobusiga+, kandi kw’iherezo ryiwe azoba imburabwenge+.”
12 Hari intebe y’ubwami ininahaye iri iyo hejuru kuva mu ntango+; ni co kibanza c’aheranda hacu+.
13 Ewe Yehova, cizigiro ca Isirayeli+, abaguheba bose bazomaramara+. Abakuvako bakaba abahuni+ bazokwandikwa mw’ivu, kuko bahevye isôko ry’amazi mazima, ari ryo Yehova+.
14 Nkiza, Yehova we, nanje ndakira+. Ndokora, nanje ndarokoka+; kuko uri ishemezo ryanje+.
15 Ehe! Hari abambwira ngo: “Ijambo rya Yehova riri hehe+? Ndakwinginze rize.”
16 Mugabo jewe, sinihutiye kureka kuba umwungere agukurikira, kandi sinahahamiye umusi mubi rwose. Wewe urazi ivyo iminwa yanje yavuze; vyabereye imbere y’amaso yawe.
17 Ntumbere ikintu gitera ubwoba+. Uri ubuhungiro bwanje ku musi w’ivyago+.
18 Abampama nibamaramare+, mugabo jewe simaramare+. Nibabe ari bo bacika ivutu, mugabo jewe sincike ivutu. Nubazaneko umusi w’ivyago+, kandi ubavunagure basenyuke kabiri+.
19 Ibi ni vyo Yehova ambwiye: “Genda, uhagarare mw’irembo ry’abana b’abantu, iryo abami ba Yuda bacamwo mu kwinjira no mu gusohoka, uhagarare no mu marembo yose ya Yeruzalemu+.
20 Ubabwire uti: ‘Nimwumve ijambo rya Yehova, yemwe bami ba Yuda na Yuda yose namwe mwese ababa i Yeruzalemu, mwinjirana muri aya marembo+.
21 Ibi ni vyo Yehova avuze: “Nimwiyubare ubwanyu+, kandi ntihagire umutwaro mutwara ku musi w’isabato ngo muwinjize muwucishije mu marembo ya Yeruzalemu+.
22 Ntihagire umutwaro mukura mu mihana yanyu ku musi w’isabato; kandi ntihagire igikorwa mukora+. Mubwirizwa kweza umusi w’isabato, nk’uko nategetse ba sogokuruza banyu+;
23 mugabo ntibumvirije canke ngo batege ugutwi+; maze bakomantaza izosi+ ryabo kugira ntibumve no kugira ntibemere gutozwa indero+.”’
24 “‘“Kandi nimwangamburukira vy’ukuri+,” ni ko Yehova avuze, “ntihagire umutwaro mwinjiza muwucishije mu marembo y’iki gisagara ku musi w’isabato+ kandi mukeza umusi w’isabato mu kutagira igikorwa mukora kuri wo+,
25 mu marembo y’iki gisagara hazokwinjirana rero abami kumwe n’abaganwa+, baze baricara ku ntebe y’ubwami ya Dawidi+, bagendera mu mukogote no ku mafarasi, bo n’abaganwa babo, abagabo ba Yuda n’ababa i Yeruzalemu; kandi iki gisagara kizobamwo koko abantu gushika igihe kitagira urugero.
26 Abantu bazoza vy’ukuri bavuye mu bisagara vya Yuda no mu micungararo ya Yeruzalemu no mu gihugu ca Benyamini+ no mu ntara yo hasi+ no mu karere k’imisozi+ n’i Negebu+, bazanye ishikanwa riturirwa uko ryakabaye+, n’ikimazi+, n’ishikanwa ry’intete+, n’imibavu ya olibani+, bazanye n’ikimazi c’ugukenguruka, babizane mu nzu ya Yehova+.
27 “‘“Mugabo nimutangamburukira mu kweza umusi w’isabato no mu kudatwara umutwaro+, ariko mukawinjirana muciye mu marembo ya Yeruzalemu ku musi w’isabato, nzodomeka rero umuriro mu marembo yiwe+, maze urigate koko iminara yo kubamwo ya Yeruzalemu+, kandi ntuzozima+.”’”