Yeremiya 15:1-21
15 Nuko Yehova ambwira ati: “Naho Musa+ na Samweli+ boba bahagaze imbere yanje, umutima wanje ntiwoba kuri aba bantu+. Bokwirukanwa bakamva mu maso, bagasohoka+.
2 Nibakubwira ngo: ‘Dusohoke tuje hehe?’, uze ubabwire rero uti: ‘Ibi ni vyo Yehova avuze: “Uwugenewe ikiza cica, naje ku kiza cica! Uwugenewe inkota, naje ku nkota! Uwugenewe ikigoyi, naje ku kigoyi+! Uwugenewe kugirwa imbohe na we, naje kugirwa imbohe+!”’
3 “‘Nzobashiriraho ubwoko bune bw’ivyago+,’ ni ko Yehova avuze: ‘inkota yo kwica, imbwa zo kuburuta, ibiremwa biguruka vyo mu kirere+ n’ibikoko vyo kw’isi vyo kurya no guhonya.
4 Nzobatanga babe akajugumiza ku bwami bwose bwo mw’isi+ kubera Manase mwene Hezekiya, umwami wa Yuda, ku bw’ivyo yakoze i Yeruzalemu+.
5 Kuko, ni nde azokwumvira impuhwe ga Yeruzalemu, kandi ni nde azosangira nawe umubabaro+? Vyongeye, ni nde azokevya ngo abaze uko umerewe?’
6 “‘Ni wewe wantaye+,’ ni ko Yehova avuze. ‘Uguma ugenda amasubiranyuma+. Nzokubangurira ukuboko nguhonye+. Nduhijwe no kwicuza+.
7 Nzobagosoza ikanya+ mu marembo y’igihugu. Nzobahekura+. Nzorandura abantu banje, kuko batahindukiye ngo bave mu nzira zabo+.
8 Kuri jewe, abapfakazi babo basigaye ari benshi kurusha udutete tw’umusenyi two ku biyaga. Nzobazanira umunyazi ku mutaga+, ndamuzane kuri inabibondo no ku musore. Nzobazanako giturumbuka umudugararo n’uruhagarara+.
9 Umugore yavyaye indwi arayamye; arahemagiritse+. Izuba ryiwe rirarenze kandi hakiri ku murango+; ryamaramaye, rirarya ivyatsi.’ ‘Amasigarira yabo nzoyaha inkota imbere y’abansi babo+,’ ni ko Yehova avuze.”
10 Ndagowe+ mawe we, kuko wanyibarutse, jewe umuntu yama mu mitongano, umuntu yama mu mishihano n’isi yose+. Sinatanze ingurane, kandi nta ngurane bampaye. Bose bahamagarira akabi kuri jewe+.
11 Yehova avuze ati: “Ni ukuri nzogukorera iciza+. Ni ukuri nzohaseruka ku bwawe mu gihe c’ivyago+ no mu gihe c’amarushwa, nkurinde umwansi+.
12 Mbega hari uwovunagura icuma, icuma kiva mu buraruko, be n’umujumpu?
13 Ivyo ufise be n’amatunga yawe nzobitanga binyagwe+, atari ku kiguzi, ariko kubera ibicumuro vyawe vyose, egome, mu turere twawe twose+.
14 Kandi nzotuma bijabukana n’abansi bawe mu gihugu utazi+. Kuko umuriro udometswe mw’ishavu ryanje+. Ni mwebwe ucaniwe.”
15 Wewe ubwawe urazi ivyanje+. Ewe Yehova, nunyibuke+, unyiteho kandi umpǒre ku bampama+. Mu guteba kuraka kwawe, ntunkureho+. Nubone ukuntu nikoreye iceyi kubera wewe+.
16 Amajambo yawe yarabonetse, ndayarya+; ijambo ryawe rimbereye umwigino+ n’umunezero w’umutima wanje+; kuko nitiriwe izina ryawe+, ewe Yehova Mana nyen’ingabo+!
17 Sinicaye mu mugwi w’abagenzi somambike bagira ibijajuro+ ngo ntangure kwigina+. Nicaye ukwanje kubera ukuboko kwawe+, kuko wanyujuje imisibo+.
18 Kubera iki ububabare bwanje bwabaye ubudahera+, n’uruguma rwanje rukaba urudakira+? Rwanse gukira. Umbera koko nk’ikintu c’uruhendo+, nk’amazi atizigirwa+.
19 Ibi rero ni vyo Yehova avuze: “Niwagaruka, nanje nzokugarukana+. Uzohagarara imbere yanje+. Niwakura ibifise agaciro mu bintu ata co bimaze, uzoba nk’umunwa wanje. Bazokugarukako, mugabo wewe ntuzobagarukako.”
20 “Nkugize kuri aba bantu uruhome rw’umujumpu rukomejwe+; bazokurwanya koko, mugabo ntibazokunesha+. Kuko ndi kumwe nawe kugira ngo ngukize no kugira nkurokore+,” ni ko Yehova avuze.
21 “Nzokurokora ngukure mu kuboko kw’ababi+, kandi nzogucungura ngukure mu kiganza c’abatwaza umukazo.”