Yeremiya 14:1-22
14 Iri ni ryo jambo rya Yehova ryaje kuri Yeremiya ku vyerekeye uruzuba+:
2 Yuda iragandaye+, kandi amarembo yayo arayamye+. Ayo marembo yajonjogoye gushika hasi+, kandi ukuboroga kwa Yeruzalemu kuraduze+.
3 Abakomakomeye baho batumye ba nyarucari babo kurondera amazi+. Bashitse ku mifurege. Nta mazi baronse+. Bagarukanye ivyombo bigaragara. Bamaramaye+, batashe zirayoye, kandi bitwikiriye umutwe+.
4 Kubera ubutaka busataguritse bivanye n’uko ata mvura y’isegenya yaguye mu gihugu+, abarimyi bamaramaye; bitwikiriye umutwe+.
5 Kuko n’impongokazi yo mw’ishamba yavyaye, mugabo igata umwana, kubera ata vyatsi biremvye vyariho.
6 Imparage+ zahagaze ku mirambi igaragara; zamotēreye umuyaga nk’imbwebwe; amaso yazo yayamye kubera ata bimera biriho+.
7 Naho amakosa yacu atwagiriza, ewe Yehova, nugire ico ukoze ku bw’izina ryawe+; kuko ubuhemu bwacu bwabaye bwinshi+; ni wewe twacumuyeko+.
8 Ewe cizigiro ca Isirayeli+, Umukiza wiwe+ mu gihe c’amarushwa+, kubera iki uba nka kavamahanga mu gihugu, nk’ingenzi yakebeje kugira ngo irare ahantu+?
9 Kubera iki uba nk’umuntu ajorewe, nk’umuntu w’umunyenkomezi adashoboye gukiza+? Yamara wewe uri hagati muri twebwe+, ewe Yehova, kandi twitiriwe izina ryawe+. Ntuduhebe.
10 Ibi ni vyo Yehova avuze kuri aba bantu: “Gutyo bakunze kuyerera+; ntibacungereye ibirenge vyabo+. Ni co catumye Yehova adahimbarwa na bo+. Ubu rero azokwibuka ikosa ryabo, yiteho ibicumuro vyabo+.”
11 Nuko Yehova ambwira ati: “Ntusengere aba bantu ubaronderera iciza+.
12 Igihe bisonzesha, sinumviriza akamo kabo k’ukwinginga+; kandi igihe bashikana ishikanwa riturirwa uko ryakabaye n’ishikanwa ry’intete, ntibimpimbara+; kuko ngira ndabamarishe inkota n’ikigoyi n’ikiza+.”
13 Nca mvuga nti: “Yoo, ewe Mukama Segaba Yehova! Ehe abahanuzi bababwira ngo: ‘Nta nkota muzobona, kandi nta kigoyi kizobazako, mugabo amahoro nyakuri ni yo nzobaha aha hantu+.’”
14 Yehova yongera kumbwira ati: “Ubuhanuzi bw’ibinyoma ni bwo abo bahanuzi bavuga mw’izina ryanje+. Sinabatumye, eka kandi nta co nabategetse canke ngo ndababwire+. Bababwira mu buryo bw’ubuhanuzi ukwerekwa kw’ikinyoma, ukuragura, ikintu ata co kimaze+, n’amayeri yo mu mutima wabo+.
15 Ibi rero ni vyo Yehova avuze: Ku bijanye n’abo bahanuzi bavuga ubuhanuzi mw’izina ryanje kandi jewe ntabatumye, bakavuga yuko ata nkota canke ikigoyi bizoza muri iki gihugu, ‘abo bahanuzi bazomarwa n’inkota n’ikigoyi+.
16 Kandi abantu babwira ubuhanuzi bazoshiburirwa mu mabarabara ya Yeruzalemu kubera ikigoyi n’inkota, ntihagire uwubahamba, bo ubwabo n’abagore babo n’abahungu babo n’abakobwa babo+. Nzobasukako ivyago vyabo+.’
17 “Uze ubabwire iri jambo uti: ‘Amaso yanje natembe amosozi ijoro n’umurango, ntahagarike+, kuko umukobwa w’isugi w’abantu banje avunitse agasenyuka bimwe bikomeye+, akagira uruguma rusesereza cane+.
18 Iyo nsohotse nkaja mu gahinga, ndahasanga abagandaguwe n’inkota+! Ninjira mu gisagara na ho, nkahasanga indwara ziturutse ku kigoyi+! Kuko umuhanuzi n’umuherezi banyuragiye mu gihugu batazi+.’”
19 Mbega warataye Yuda buhere+, canke umutima wawe warazinutswe Siyoni+? Kubera iki none wadukubise, ku buryo tudashobora gukira+? Twari twiteze amahoro, mugabo nta ciza caje; twari twiteze igihe c’ugukira, none ehe, haje ivutu+!
20 Ewe Yehova, turemeye icese koko ububisha bwacu, ikosa rya ba sogokuruza bacu+, kuko twagucumuyeko+.
21 Ntutugaye ku bw’izina ryawe+; ntusuzugure intebe y’ubwami yawe ininahaye+. Niwibuke; nturenge kw’isezerano wagiranye natwe+.
22 Mbega mu bigirwamana bitagira mvura+ vy’amahanga hari icoshobora kugwisha imvura, canke amajuru ubwayo yoshobora gutanga imvura nyinshi+? None si wewe, ga Yehova Mana yacu+? Kandi turakwizigiye, kuko ari wewe wakoze ivyo bintu vyose+.