Yeremiya 13:1-27
13 Ibi ni vyo Yehova ambwiye: “Genda wironse umukaba wo mu nyuzi z’ilino, uwukenyere mu mafyinga, mugabo ntihagire amazi uwukozamwo.”
2 Nuko nironsa nya mukaba, nk’uko Yehova yari yambwiye, maze ndawukenyera mu mafyinga.
3 Ijambo rya Yehova rinzako ubugira kabiri riti:
4 “Tora wa mukaba wironsa, umwe uri mu mafyinga yawe, maze uhaguruke uje kuri Efurate+, uheze uwunyegezeyo mu mugaga w’urutare.”
5 Nuko ndagenda, ndawunyegeza iruhande ya Efurate, nk’uko Yehova yari yantegetse.
6 Mugabo haciye imisi myinshi, Yehova ambwira ati: “Haguruka uje kuri Efurate, utoreyo wa mukaba nagutegeka kunyegezayo.”
7 Nuko nja kuri Efurate, ndimba, hanyuma ntora nya mukaba aho nari narawunyegeje, nsanga warononekaye; nta co wari ukimaze.
8 Maze ijambo rya Yehova rinzako, riti:
9 “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Ukwo nyene ni ko nzokwonona ubwishime bwa Yuda+ n’ubwishime bwinshi bwa Yeruzalemu.
10 Aba bantu babi banka kugamburuka amajambo yanje+, bagendera mu kagagazo k’umutima wabo+ kandi bakaguma bakurikira izindi mana kugira bazikorere bongere bazunamire+, bazocika rero nk’uyu mukaba ata co ukimaze.’
11 ‘Kuko nk’uko umukaba wumira mu mafyinga y’umuntu, ni ko natumye inzu yose ya Isirayeli n’inzu yose ya Yuda zumira kuri jewe+,’ ni ko Yehova avuze, ‘kugira ngo bambere igisata+, n’izina+, n’ishemezo be n’ikintu ciza; mugabo ntibagamburutse+.’
12 “Uze ubabwire iri jambo uti: ‘Ibi ni vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze: “Umubindi munini wose ni ikintu cuzuzwa umuvinyu+.”’ Na bo ntibazobura kuvuga bati: ‘None ntituzi neza yuko umubindi munini wose ari ikintu cuzuzwa umuvinyu?’
13 Nawe uze ubabwire uti: ‘Ibi ni vyo Yehova avuze: “Ehe ngira nuzuze akaborerwe+ ababa muri iki gihugu bose, n’abami bicara ku ntebe y’ubwami ya Dawidi+ mu kibanza ciwe, n’abaherezi, n’abahanuzi, n’ababa i Yeruzalemu bose.
14 Nzobamenagura mu kubasekanya, ba se n’abana, icarimwe+,” ni ko Yehova avuze. “Sinzogira impuhwe, canke ngo numve akagongwe, kandi sinzogira imbabazi ngo ndeke kubahonya+.”’
15 “Nimwumve kandi mutege ugutwi. Ntimwibone+, kuko Yehova ubwiwe avuze+.
16 Nimuninahaze Yehova Imana yanyu+, atarazana umwiza+, n’ibirenge vyanyu bitaratsitaranako ku misozi buhwibiriye+. Muzokwizigira kuronka umuco+, na we atume koko uba igitutu kizitanye+; azowuhindura umuzimagiza w’umuzitanya+.
17 Kandi nimutavyumva+, umutima wanje uzoririra mu bwihisho kubera ubwishime bwanyu, ukorore amosozi koko; ijisho ryanje rizotemba amosozi+, kuko ubusho+ bwa Yehova buzoba bwatwawe ari imbohe.
18 “Bwira umwami n’umugore w’iteka+ uti: ‘Nimwicare mu kibanza co hasi+, kuko urugori rwanyu rw’ubwiza ruzotibuka rukava ku mitwe yanyu+.’
19 Ibisagara vyo mu bumanuko vyugawe, ku buryo ata wuvyugurura. Yuda yose uko ingana yajanywe mu bunyagano. Yajanywe mu bunyagano yose+.
20 “Raramura amaso yawe urabe abaje bavuye mu buraruko+. Buri hehe bwa busho wahabwa, wa mukuku wawe mwiza+?
21 Uzovuga iki ivyawe nivyitabwaho+, kandi ari wewe wabigishirije iruhande yawe bwa bagenzi somambike mu ntango+? Mbega imisonga y’ukwibaruka ntizogucakira, nk’iy’umugore ariko yibaruka+?
22 Kandi niwavuga mu mutima wawe+ uti: ‘Kubera iki ibi bintu binshikiye+?’; kubera ubwinshi bw’ikosa ryawe, impuzu* zawe wahora wipfuka ziratwawe+; ibitsintsiri vyawe vyagiriwe ivy’ubukazi.
23 “Mbega Umukushi+ arashobora guhindura urukoba rwiwe, canke ingwe igahindura ibirabagu vyayo+? Namwe rero mwoshobora gukora iciza, mwebwe abantu bigishijwe gukora ikibi+.
24 Nzobashwiragiza+ rero nk’ibishakara bitwawe n’umuyaga uvuye mu gahinga+.
25 Uwo ni wo muturi wawe, umugabane wawe nkugereye+,” ni ko Yehova avuze, “kuko wanyibagiye+, ukaba uguma wizigira ikinyoma+.
26 Nanje rero nzoduza impuzu zawe ndazikurenze mu maso, maze babone koko ubwambure bwawe+,
27 ukurenga ibigo kwawe+ n’ukwanaga kwawe+, ubushirasoni* bwawe mu bumaraya. Nabonye ibintu bisesemye vyawe ku mirambi, mu gahinga+. Uragowe, Yeruzalemu we! Ntushobora kuba uwutyoroye+—uzogeza ryari+?”