Yeremiya 13:1-27

13  Ibi ni vyo Yehova ambwiye: “Genda wironse umukaba wo mu nyuzi z’ilino, uwukenyere mu mafyinga, mugabo ntihagire amazi uwukozamwo.”  Nuko nironsa nya mukaba, nk’uko Yehova yari yambwiye, maze ndawukenyera mu mafyinga.  Ijambo rya Yehova rinzako ubugira kabiri riti:  “Tora wa mukaba wironsa, umwe uri mu mafyinga yawe, maze uhaguruke uje kuri Efurate+, uheze uwunyegezeyo mu mugaga w’urutare.”  Nuko ndagenda, ndawunyegeza iruhande ya Efurate, nk’uko Yehova yari yantegetse.  Mugabo haciye imisi myinshi, Yehova ambwira ati: “Haguruka uje kuri Efurate, utoreyo wa mukaba nagutegeka kunyegezayo.”  Nuko nja kuri Efurate, ndimba, hanyuma ntora nya mukaba aho nari narawunyegeje, nsanga warononekaye; nta co wari ukimaze.  Maze ijambo rya Yehova rinzako, riti:  “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Ukwo nyene ni ko nzokwonona ubwishime bwa Yuda+ n’ubwishime bwinshi bwa Yeruzalemu. 10  Aba bantu babi banka kugamburuka amajambo yanje+, bagendera mu kagagazo k’umutima wabo+ kandi bakaguma bakurikira izindi mana kugira bazikorere bongere bazunamire+, bazocika rero nk’uyu mukaba ata co ukimaze.’ 11  ‘Kuko nk’uko umukaba wumira mu mafyinga y’umuntu, ni ko natumye inzu yose ya Isirayeli n’inzu yose ya Yuda zumira kuri jewe+,’ ni ko Yehova avuze, ‘kugira ngo bambere igisata+, n’izina+, n’ishemezo be n’ikintu ciza; mugabo ntibagamburutse+.’ 12  “Uze ubabwire iri jambo uti: ‘Ibi ni vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze: “Umubindi munini wose ni ikintu cuzuzwa umuvinyu+.”’ Na bo ntibazobura kuvuga bati: ‘None ntituzi neza yuko umubindi munini wose ari ikintu cuzuzwa umuvinyu?’ 13  Nawe uze ubabwire uti: ‘Ibi ni vyo Yehova avuze: “Ehe ngira nuzuze akaborerwe+ ababa muri iki gihugu bose, n’abami bicara ku ntebe y’ubwami ya Dawidi+ mu kibanza ciwe, n’abaherezi, n’abahanuzi, n’ababa i Yeruzalemu bose. 14  Nzobamenagura mu kubasekanya, ba se n’abana, icarimwe+,” ni ko Yehova avuze. “Sinzogira impuhwe, canke ngo numve akagongwe, kandi sinzogira imbabazi ngo ndeke kubahonya+.”’ 15  “Nimwumve kandi mutege ugutwi. Ntimwibone+, kuko Yehova ubwiwe avuze+. 16  Nimuninahaze Yehova Imana yanyu+, atarazana umwiza+, n’ibirenge vyanyu bitaratsitaranako ku misozi buhwibiriye+. Muzokwizigira kuronka umuco+, na we atume koko uba igitutu kizitanye+; azowuhindura umuzimagiza w’umuzitanya+. 17  Kandi nimutavyumva+, umutima wanje uzoririra mu bwihisho kubera ubwishime bwanyu, ukorore amosozi koko; ijisho ryanje rizotemba amosozi+, kuko ubusho+ bwa Yehova buzoba bwatwawe ari imbohe. 18  “Bwira umwami n’umugore w’iteka+ uti: ‘Nimwicare mu kibanza co hasi+, kuko urugori rwanyu rw’ubwiza ruzotibuka rukava ku mitwe yanyu+.’ 19  Ibisagara vyo mu bumanuko vyugawe, ku buryo ata wuvyugurura. Yuda yose uko ingana yajanywe mu bunyagano. Yajanywe mu bunyagano yose+. 20  “Raramura amaso yawe urabe abaje bavuye mu buraruko+. Buri hehe bwa busho wahabwa, wa mukuku wawe mwiza+? 21  Uzovuga iki ivyawe nivyitabwaho+, kandi ari wewe wabigishirije iruhande yawe bwa bagenzi somambike mu ntango+? Mbega imisonga y’ukwibaruka ntizogucakira, nk’iy’umugore ariko yibaruka+? 22  Kandi niwavuga mu mutima wawe+ uti: ‘Kubera iki ibi bintu binshikiye+?’; kubera ubwinshi bw’ikosa ryawe, impuzu* zawe wahora wipfuka ziratwawe+; ibitsintsiri vyawe vyagiriwe ivy’ubukazi. 23  “Mbega Umukushi+ arashobora guhindura urukoba rwiwe, canke ingwe igahindura ibirabagu vyayo+? Namwe rero mwoshobora gukora iciza, mwebwe abantu bigishijwe gukora ikibi+. 24  Nzobashwiragiza+ rero nk’ibishakara bitwawe n’umuyaga uvuye mu gahinga+. 25  Uwo ni wo muturi wawe, umugabane wawe nkugereye+,” ni ko Yehova avuze, “kuko wanyibagiye+, ukaba uguma wizigira ikinyoma+. 26  Nanje rero nzoduza impuzu zawe ndazikurenze mu maso, maze babone koko ubwambure bwawe+, 27  ukurenga ibigo kwawe+ n’ukwanaga kwawe+, ubushirasoni* bwawe mu bumaraya. Nabonye ibintu bisesemye vyawe ku mirambi, mu gahinga+. Uragowe, Yeruzalemu we! Ntushobora kuba uwutyoroye+—uzogeza ryari+?”

Amakuru yiyongereye

Ijambo ku rindi ni “ibice vyo hepfo vy’impuzu.”
Raba Inyongera ya 21.