Yeremiya 12:1-17

12  Uragororotse+, ewe Yehova, iyo ndagushikirije ikirego canje, egome, iyo mvuganye nawe ibijanye n’urubanza. Kubera iki inzira y’ababisha iroraniwe+, abakora ivy’ubuhemu bose bakaba batagira amaganya?  Warabateye; mbere barashoye imizi. Baguma batera imbere; mbere baramye ivyamwa. Uri hafi mu kanwa kabo, mugabo ukaba kure y’amafyigo yabo+.  Kandi wewe, ewe Yehova, uranzi neza+; urambona, kandi warasuzumye umutima wanje ngo umenye yuko uri kumwe nawe+. Bashire ku ruhande nk’intama zo gukererwa+, ubashire ukwabo ku bw’umusi wo kwicwa.  Igihugu kizogeza ryari gukabirana+, kandi ibimera vyo mu gahinga kose bizogeza ryari kwuma+? Kubera ububi bw’ababa muri co, ibikoko n’ibiremwa biguruka birazimanganijwe+. Kuko bavuze bati: “Ntabona kazoza kacu.”  Ko wirutse uri kumwe n’abagenda n’amaguru bakakuruhisha, none uzoshobora gute gusiganwa n’amafarasi+? Vyongeye, uritekaniye mu gihugu c’amahoro+? None uzobigenza gute muri vya bisaka vy’inzitane vyishima vyo ku nkengera ya Yorodani+?  Kuko na bene wanyu be n’urugo rwa so, na bo nyene baguhemukiye+. Na bo nyene barasemereye n’ijwi rirenga inyuma yawe. Ntubizere, ngo ni uko gusa bakubwira ibintu vyiza+.  “Narahevye inzu yanje+; narataye intoranwa yanje+; natanze uwo umutima wanje wikundira mu kiganza c’abansi biwe+.  Umwe ari intoranwa yanje yambereye nk’intambwe mu kibira. Arantontomeye. Ni co catumye ndamwanka+.  Intoranwa yanje+ kuri jewe ni nk’inyoni ihiga y’amabara menshi; inyoni zihiga ziyitonzeko irya n’ino+. Nimuze, mukoranire hamwe, mwese bikoko vyo mu gahinga; nimubizane birye+. 10  Abungere+ benshi bahoneje umurima wanje w’imizabibu+; bahonyanze umuturi wanje+. Umuturi wanje uhimbaye+ bawuhinduye agahinga k’igiharabuga. 11  Bawugize igiharabuga+; wakabiranye; wambereye umusaka+. Igihugu cose cagizwe umusaka, kuko ata wabishizeko umutima+. 12  Abanyazi bashitse mu minyuro inoze yose yo mu gahinga. Kuko inkota ya Yehova iriko irarotsa kuva ku mpera imwe y’igihugu gushika ku yindi+. Nta mahoro ariho ku gifise umubiri na kimwe. 13  Babivye ingano, mugabo bashwabura amahwa+. Barakoze baratama gushika n’aho barwara; nta co bazokwunguka+. Ntibazobura kumaramazwa n’imyimbu yanyu kubera ishavu rirurumba rya Yehova.” 14  Ibi ni vyo Yehova avuze ku babanyi banje bose babi+, abakora ku ntoranwa nagabiye abantu banje, egome Isirayeli+: “Ehe ngira ndabarandure ku butaka bwabo+; kandi inzu ya Yuda nzoyirandura hagati muri bo+. 15  Kandi ninamara kubarandura, emwe, nzokwongera kubagirira imbabazi+, ndabagarukane, umwe wese mu ntoranwa yiwe, n’umwe wese mu gihugu ciwe+.” 16  “Kandi nibiga koko inzira z’abantu banje mu kurahira bakoresheje izina ryanje+, ngo: ‘Turahiye ukubaho kwa Yehova!’, nk’uko bigishije abantu banje kurahira Bayali+, bazokwubakwa rero hagati mu bantu banje+. 17  Mugabo nibatagamburuka, nanje rero nzorandura iryo hanga, ndarirandure nongere ndarihonye+,” ni ko Yehova avuze.

Amakuru yiyongereye