Yeremiya 10:1-25
10 Nimwumve ijambo Yehova avuze kuri mwebwe, ewe nzu ya Isirayeli!
2 Ibi ni vyo Yehova avuze: “Ntimwige inzira y’amahanga+, kandi ntimucibwe ivutu n’ibimenyetso vyo mu majuru, kuko amahanga aciwe ivutu na vyo+.
3 Kuko imigenzo y’ibisata vy’abantu+ ari impemu zisohotse gusa, kubera ko igiti buti+ co mu kibira ari co umuntu yaciye, igikorwa amaboko y’umuhinguzi w’utugenegene yakoresheje umuhoro+.
4 Umuntu akigira ciza akoresheje ifeza n’inzahabu+. Babigumisha imisumari n’inyundo, kugira ntihagire na kimwe kizungazunga+.
5 Bimeze nk’igikanganyoni co mu murima w’amakonkombure, ntibishobora kuvuga+. Ntibabura kubirerura, kuko bidashobora gutera intambwe+. Ntutinye kubera vyo, kuko ata kibi bishobora gukora, kandi nta n’iciza bishobora gukora+.”
6 Nta n’umwe ameze nkawe mu buryo na bumwe, ewe Yehova+! Urahambaye, kandi izina ryawe rirahambaye mu bushobozi+.
7 Ni nde atogutinya+ ga Mwami w’amahanga+, kuko ubibereye; kuko mu nkerebutsi zose z’amahanga no mu ngoma zabo zose ata n’umwe ameze nkawe mu buryo na bumwe+.
8 Bose icarimwe ni imburabwenge be n’ibijuju+. Igiti ni igihimiriza ivy’ubusa gusa+.
9 Bazana ifeza yahondaguwe igacika utubate bayikuye i Tarushishi+, n’inzahabu bayikuye i Ufazi+, ivyahinguwe n’umuhinguzi w’utugenegene be n’amaboko y’uwukora ivy’ivyuma; ivyambarwa vyavyo ni inyuzi z’ubururu be n’ubwoya buzize ibara ry’umuyugubwe ugomba gutukura. Vyose ni ibihingurwa n’abantu b’abahanga+.
10 Mugabo Yehova mu vy’ukuri ni Imana+. Ni we Mana nzima+ akaba n’Umwami gushika igihe kitagira urugero+. Isi izotigitishwa+ n’uburakari bwiwe, kandi amahanga ntazokwihanganira imisibo yiwe+.
11 Ibi ni vyo muzobabwira: “Imana+ zitakoze amajuru n’isi ni zo zizoyogera zikava kw’isi+ no munsi y’ayo majuru.”
12 Ni we yahinguye isi akoresheje ububasha bwiwe+, Umwe yashimangira ubutaka bwimbuka akoresheje ubukerebutsi bwiwe+, Umwe yagaranzura amajuru akoresheje ugutegera kwiwe+.
13 Arekura ijwi hakaba uruyogoyogo rw’amazi mu majuru+, kandi atuma imyuka iduga ivuye ku mpera y’isi+. Yakoreye ingomero imvura+, kandi asohora umuyaga mu bigega vyiwe+.
14 Umuntu wese yarerekanye ko atiyumvira ku buryo atagira ubumenyi+. Uwukora ivy’ivyuma wese azomaramara ata gukeka kubera igishusho c’ikibazano+; kuko igishusho ciwe c’icuma gishongeshejwe ari ikinyoma+, nta mpwemu iri muri vyo+.
15 Ni ubusa, ni igikorwa c’agatwengo+. Ivyavyo nivyarabwa bizoyogera+.
16 Muturi wa Yakobo+ ntameze nk’ivyo bintu, kuko ari we Mubumvyi w’ibintu vyose+, kandi Isirayeli ni we nkoni y’intoranwa yiwe+. Yehova nyen’ingabo ni ryo zina ryiwe+.
17 Andūra umutekero wawe hasi+, ewe mugore aba mu maganya+!
18 Kuko ibi ari vyo Yehova avuze: “Ehe ubu ngira nshibure n’umugozi ababa kw’isi+, kandi nzobateza amarushwa kugira ngo babone+.”
19 Ndagowe kubera ugusenyuka kwanje+! Uruguma rwanje ruransesereje. Nanje navuze nti: “Ni ukuri iyi ni yo ndwara yanje, kandi nzoyigendana+.
20 Ihema ryanje riranyazwe, kandi imigozi yanje y’ihema iracitse yose+. Abahungu banje basohotse bava iwanje, ntibakiriho+. Nta n’umwe akiramvura ihema ryanje canke ngo ahagarike ibitambara vyanje vy’ihema.
21 Kuko abungere berekanye ko batiyumvira+, ntibarondera Yehova+. Ni co gituma batakoranye ugutahura kwimbitse, kandi ibitungwa vyose baragira vyarashwiragiye+.”
22 Umviriza inkuru! Ehe iraje, be n’ugusya gukomeye kuvuye mu gihugu co mu buraruko+, kugira ngo bitume ibisagara vya Yuda bicika igiharabuga, aho imbwebwe zitaha+.
23 Ewe Yehova, ndazi neza yuko inzira y’umuntu yakuwe mw’ivu atari iyiwe. Umuntu agenda, si ivyiwe kuyobora intambuko yiwe+.
24 Nunkosore, ewe Yehova, ariko ukoresheje ubutungane+; ntubigirane ishavu+, kugira ngo ntunzimanganye+.
25 Suka ubushangashirwe bwawe ku mahanga+ yakwirengagije+, no ku miryango itambaje izina ryawe+. Kuko bamirāje Yakobo+. Egome, baramurigase, kandi baguma bamutikiza+; ahantu yaba bahagize umusaka+.