Yakobo 4:1-17

4  Intambara ziva ku rihe sôko kandi indwano ziva ku rihe sôko muri mwebwe? Mbega ntiziva kuri iri sôko+: ku vyipfuzo vyanyu bikaze vyo kunezereza umubiri biguma birwana mu bihimba vyanyu+?  Muripfuza, yamara ntimuronka. Mubandanya kwica+ no kugira umwina+, yamara ntimushobora kuronka. Mubandanya kurwana+ no kugira intambara. Ntimuronka kuko mudasaba.  Murasaba koko, yamara ntimuronka, kuko musaba mu ntumbero mbi+, kugira mubimarire ku vyipfuzo vyanyu bikaze vyo kunezereza umubiri+.  Yemwe bagore murenga ibigo+, ntimuzi yuko kugiranira ubugenzi n’isi ari ukwankana n’Imana+? Uwo wese rero ashaka kuba umugenzi+ w’isi aba ariko yigira umwansi w’Imana+.  Canke mwibaza yuko icanditswe kivugira ubusa ngo: “Impwemu+ icumbitse muri twebwe iguma icambirwa ibintu ibigiranye agatima k’ishari”?  Ariko ubuntu ata wari abukwiriye Imana itanga burahambaye kuruta+. Ni co gituma icanditswe kivuga giti: “Imana irwanya abibona+, mugabo iha ubuntu ata wari abukwiriye abicisha bugufi+.”  Muyobokere+ Imana rero; mugabo murwanye Shetani*+, na we azobahunga+.  Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza+. Mukarabe iminwe yanyu, mwebwe abacumuzi+, kandi mutyorore imitima yanyu+, mwebwe abadafata ingingo+.  Nimwemere mugire amagorwa, mugandare, murire+. Agatwengo kanyu nigahinduke ikigandaro, n’akanyamuneza kanyu gahinduke ukujonjogora+. 10  Mwicishe bugufi mu maso ya Yehova+, na we azobashira hejuru+. 11  Mureke kuvuga nabi bagenzi banyu, bene wacu+. Uwuvuga nabi mwene wabo canke akamucira urubanza+ aba avuze nabi itegeko kandi akaba aciriye urubanza itegeko. Nimba rero ucira urubanza itegeko, ntuba uri uwukora ivy’itegeko, ahubwo uba uri umucamanza+. 12  Uwushinga amategeko akaba n’umucamanza+ ahari ni umwe, ari we ashoboye gukiza no guhonya+. Mugabo wewe, uri nde ngo ucire urubanza mugenzawe+? 13  Umve rero, mwebwe abavuga ngo: “Uno musi canke ejo tuzogira urugendo mu gisagara kanaka tumareyo umwaka, kandi tuzocuruza turonke inyungu+,” 14  kandi mutazi uko ubuzima bwanyu buzomera ejo+. Kuko muri igipfungu kiboneka akanya gato maze kikazimangana+. 15  Ahubwo mwari mukwiye kuvuga muti: “Nimba Yehova abigomba+, tuzobaho, dukore iki canke kiriya+.” 16  Mugabo ubu murirata mu vyo mwiyemeramwo+. Ukwishima mwene ukwo kwose ni kubi. 17  Nimba rero umuntu azi gukora ibigororotse yamara ntabikore+, bimubera igicumuro+.

Utujambo tw'epfo

Dufatiye ku kigiriki ni “Diyabolosi,” bisobanura ngo “Umubesheranyi.” Raba kandi Inyongera ya 21.