Yakobo 4:1-17
4 Intambara ziva ku rihe sôko kandi indwano ziva ku rihe sôko muri mwebwe? Mbega ntiziva kuri iri sôko+: ku vyipfuzo vyanyu bikaze vyo kunezereza umubiri biguma birwana mu bihimba vyanyu+?
2 Muripfuza, yamara ntimuronka. Mubandanya kwica+ no kugira umwina+, yamara ntimushobora kuronka. Mubandanya kurwana+ no kugira intambara. Ntimuronka kuko mudasaba.
3 Murasaba koko, yamara ntimuronka, kuko musaba mu ntumbero mbi+, kugira mubimarire ku vyipfuzo vyanyu bikaze vyo kunezereza umubiri+.
4 Yemwe bagore murenga ibigo+, ntimuzi yuko kugiranira ubugenzi n’isi ari ukwankana n’Imana+? Uwo wese rero ashaka kuba umugenzi+ w’isi aba ariko yigira umwansi w’Imana+.
5 Canke mwibaza yuko icanditswe kivugira ubusa ngo: “Impwemu+ icumbitse muri twebwe iguma icambirwa ibintu ibigiranye agatima k’ishari”?
6 Ariko ubuntu ata wari abukwiriye Imana itanga burahambaye kuruta+. Ni co gituma icanditswe kivuga giti: “Imana irwanya abibona+, mugabo iha ubuntu ata wari abukwiriye abicisha bugufi+.”
7 Muyobokere+ Imana rero; mugabo murwanye Shetani*+, na we azobahunga+.
8 Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza+. Mukarabe iminwe yanyu, mwebwe abacumuzi+, kandi mutyorore imitima yanyu+, mwebwe abadafata ingingo+.
9 Nimwemere mugire amagorwa, mugandare, murire+. Agatwengo kanyu nigahinduke ikigandaro, n’akanyamuneza kanyu gahinduke ukujonjogora+.
10 Mwicishe bugufi mu maso ya Yehova+, na we azobashira hejuru+.
11 Mureke kuvuga nabi bagenzi banyu, bene wacu+. Uwuvuga nabi mwene wabo canke akamucira urubanza+ aba avuze nabi itegeko kandi akaba aciriye urubanza itegeko. Nimba rero ucira urubanza itegeko, ntuba uri uwukora ivy’itegeko, ahubwo uba uri umucamanza+.
12 Uwushinga amategeko akaba n’umucamanza+ ahari ni umwe, ari we ashoboye gukiza no guhonya+. Mugabo wewe, uri nde ngo ucire urubanza mugenzawe+?
13 Umve rero, mwebwe abavuga ngo: “Uno musi canke ejo tuzogira urugendo mu gisagara kanaka tumareyo umwaka, kandi tuzocuruza turonke inyungu+,”
14 kandi mutazi uko ubuzima bwanyu buzomera ejo+. Kuko muri igipfungu kiboneka akanya gato maze kikazimangana+.
15 Ahubwo mwari mukwiye kuvuga muti: “Nimba Yehova abigomba+, tuzobaho, dukore iki canke kiriya+.”
16 Mugabo ubu murirata mu vyo mwiyemeramwo+. Ukwishima mwene ukwo kwose ni kubi.
17 Nimba rero umuntu azi gukora ibigororotse yamara ntabikore+, bimubera igicumuro+.
Utujambo tw'epfo
^ Dufatiye ku kigiriki ni “Diyabolosi,” bisobanura ngo “Umubesheranyi.” Raba kandi Inyongera ya 21.