Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Yakobo 3:1-18

3  Ntimukwiye kuba abigisha muri benshi+, bene wacu, kuko muzi yuko tuzocirwa urubanza ruremereye kuruta+.  Kuko twese dutsitara kenshi+. Nimba hari uwudatsitara mw’ijambo+, uyo ni umuntu atagira akanenge+, ashoboye no kujiginyika umubiri wiwe wose.  Iyo dushize imijiginya+ mu kanwa k’amafarasi kugira ngo atugamburukire+, turayobora n’umubiri wayo wose.  Raba! Mbere n’amato, naho ari manini cane kandi akajanwa n’imiyaga ikomeye, ayoborwa n’ingafe+ ntoyi cane akaja aho uwufashe ikinyongesho agomba.  N’ururimi nyene ni agahimba gatoyi yamara kakiyemera bikomeye+. Raba ingene bisaba akariro gakeyi kugira ngo umuntu adomeke ishamba rinini cane!  Erega, ururimi ni umuriro+. Ururimi rugize ukutagororoka kungana isi mu bihimba vyacu, kuko rutosekaza umubiri+ wose rukadomeka ikurudumu y’ubuzima bwo kw’isi, na rwo rukadomekwa na Gehena.  Kuko ubwoko bwose bw’ibikoko hamwe n’inyoni n’ibikwega inda hasi n’ibiremwa vyo mu mazi bugundwa, kandi bwaragunzwe n’abantu+.  Mugabo ururimi, nta n’umwe mu bantu ashobora kurugunda. Ni ikintu kibi c’akagaramaruganda, cuzuye ubumara bwica+.  Turaruhezagirisha Yehova+, umwe Data+, yamara kandi tukaruvumisha+ abantu babayeho “mw’ishusho y’Imana+.” 10  Mu kanwa kamwe havamwo umuhezagiro n’umuvumo. Ntibibereye, bene wacu, ko ivyo bintu bibandanya kuba gutyo+. 11  Mbega isôko+ ryotuma mu mbizi imwe hadudubiza ibisosa n’ibirura? 12  Bene wacu, mbega igiti c’umusukoni coshobora kwama imyelayo canke umuzabibu ukama insukoni+? Eka n’amazi y’umunyu ntashobora kuvamwo amazi asosa. 13  Ni nde ari inkerebutsi kandi ategera muri mwebwe? Niyerekanire mu ngeso ziwe nziza ibikorwa vyiwe+ ari n’ubwitonzi buva ku bukerebutsi. 14  Ariko nimba mufise ishari ry’umururazi+ n’agatima k’amahane+ mu mitima yanyu, ntimube mwiyemera+ mwongera mubeshera ukuri+. 15  Ubwo si ubukerebutsi bumanuka buvuye hejuru+, ahubwo ni ubwo kw’isi+, bw’ibikoko, bw’amadayimoni+. 16  Kuko aho ishari+ n’agatima k’amahane biri, ari ho haba umuvurungano n’ikintu c’agahomerabunwa cose+. 17  Mugabo ubukerebutsi+ buva hejuru imbere ya vyose ni ubutanduye+, maze bukaba ubw’amahoro+, bugira ibitegereka+, bugabirije kugamburuka, bwuzuye imbabazi n’ivyamwa vyiza+, ntibusobanura abantu mu kugira nkunzi+, ntibwiyorobeka+. 18  Vyongeye, urubuto rw’icamwa+ c’ubugororotsi+ rubibwa mu mahoro+ ku bariko baremesha amahoro+.

Amakuru yiyongereye