Yakobo 1:1-27
1 Jewe Yakobo+, umushumba+ w’Imana n’uw’Umukama Yezu Kristu, ndandikiye mwebwe miryango cumi n’ibiri+ yasabagiye+:
Ndabaramukije!
2 Mubibone nk’akanyamuneza gusa, bene wacu, igihe muhuye n’ibigeragezo bitari bimwe+,
3 muzi yuko ako gaciro kagejejwe k’ukwizera kwanyu kazana ukwihangana+.
4 Mugabo ukwihangana nikunonosore igikorwa cakwo, kugira mube abanonosoye+ kandi mutagira agahonzi muri vyose, mudahajije mu kintu na kimwe+.
5 Nimba rero hari uwo muri mwebwe ahajije mu bukerebutsi+, nagume abusaba Imana+, kuko itanga cane kuri bose ata gutera imirarwe+; kandi azobuhabwa+.
6 Mugabo nagume asaba+ yizeye, adakekeranya na gatoyi+, kuko uwukekeranya ameze nk’umupfunda w’ikiyaga ukubebwa n’umuyaga+ kandi ukazungazungishwa irya n’ino.
7 Nkako, uyo muntu ntiyibwire ko hari ico azohabwa na Yehova+;
8 ni umuntu adafata ingingo+, adashikamye+ mu nzira ziwe zose.
9 Mugabo umuvukanyi yiyorosha niyiratire ugushirwa hejuru kwiwe+,
10 n’umutunzi+ yiratire uguteterezwa kwiwe, kubera azohita nk’ishurwe ryo mu vyatsi+.
11 Kuko izuba riseruka n’ubushuhe bwaryo buturira hanyuma rikumisha nya vyatsi, maze ishurwe ryavyo rigahunguruka, ubwiza bwavyo bw’inyuma na bwo bugahera. N’umutunzi nyene azokabirana mu nzira ziwe z’ubuzima+.
12 Hahiriwe umuntu aguma yihanganiye ikigeragezo+, kuko niyashimwa azoronka rwa rugori rw’ubuzima+ Yehova yasezeranira ababandanya kumukunda+.
13 Iyo umuntu ari mu kigeragezo+, ntavuge ngo: “Ndiko ngeragezwa n’Imana.” Kuko Imana idashobora kugeragezwa n’ibintu bibi, eka na yo ubwayo nta we ibigerageresha.
14 Mugabo umwe wese arageragezwa iyo akwezwe kandi akaryosharyoshwa n’icipfuzo ciwe bwite+.
15 Maze nya cipfuzo iyo gitwaye inda, kivyara igicumuro+; igicumuro na co iyo kiranguwe, kivyara urupfu+.
16 Ntimuzimizwe+, bene wacu bakundwa.
17 Ingabirano nziza yose+ be n’impano yose itagira akanenge iva hejuru+, kuko imanuka iva kuri Se w’imico yo mw’ijuru+, kandi kuri we ntihaba uguhinduka kw’izunguruka ry’igitutu+.
18 Kubera ko yabigomvye+, yaratuvyarishije ijambo ry’ukuri+, kugira ngo tube umushuzo+ kanaka w’ibiremwa vyiwe.
19 Mumenye ibi, bene wacu bakundwa. Umuntu wese atebuke kwumva, atebe kuvuga+, atebe kuraka+;
20 kuko uburake bw’umuntu budashitsa ubugororotsi bw’Imana+.
21 Ku bw’ivyo, mwiyambure umucafu wose be na ca kintu kidakenewe, ari co bubi+, hanyuma mwemerane ubwitonzi uguterwa kwa rya jambo+ rishobora gukiza ubuzima bwanyu+.
22 Ariko mube abashira mu ngiro rya jambo+, atari abumva gusa, mwibesha n’ivyiyumviro bitari vyo+.
23 Kuko nimba umuntu ari uwumva rya jambo, ntabe uwushira mu ngiro+, uwo ameze nk’umuntu araba mu cirore mu maso hiwe yavukanye.
24 Kuko yiraba agaca yigira, buno nyene agaca yibagira uwo ari.
25 Mugabo uwihweza muri rya tegeko ritagira akanenge+ ry’umwidegemvyo kandi agakovya muri ryo, uwo muntu, kubera atabaye uwumva akibagira, mugabo akaba uwukora igikorwa+, azoba ahiriwe+ mu kubikora.
26 Nimba umuntu yibwira ko ari uwusenga mu buryo nyabwo+ yamara ntajiginyike* ururimi rwiwe+, mugabo akabandanya guhenda umutima wiwe bwite+, ugusenga kw’uwo muntu nta co kuba kumaze+.
27 Insengo ityoroye+ kandi idahumanye+ ku Mana yacu ikaba na Data ni iyi: kwitaho impfuvyi+ n’abapfakazi+ mu makuba yabo+, no kuguma wirinze ntutosekazwe+ n’isi+.
Amakuru yiyongereye
^ Twisunze ikigiriki, ni nka kurya babohesha ifarasi utwuma mu kanwa mu kuyiyobora.