Umusiguzi 9:1-18

9  Kuko nashize ibi vyose ku mutima, mbere kugira ngo ndondere ibi vyose+: yuko abagororotsi n’inkerebutsi be n’ibikorwa vyabo biri mu kuboko kw’Imana y’ukuri+. Abantu ntibazi urukundo canke urwanko vyariho vyose imbere y’uko babaho+.  Bose ni bamwe mu vyo bose bafise+. Hari iherezo rimwe+ ku mugororotsi+ no ku mubisha+, ku mwiza no ku wudahumanye no ku wuhumanye, ku wushikana ibimazi no ku wudashikana ibimazi. Umwiza ni kimwe n’umucumuzi+; uwurahira ni kimwe n’uwatinye indahiro+.  Ibi ni vyo birimwo ivyago mu vyakozwe munsi y’izuba vyose: kubera ko hari iherezo rimwe kuri bose+, umutima w’abana b’abantu wuzuye ibibi+; kandi hari ubusazi+ mu mutima wabo mu buzima bwabo bwose, inyuma yaho na ho⁠—​ni uguhamvya abapfuye+!  Kuko ku bijanye n’uwo wese yifatanya n’abazima bose hariho umwizero, kubera ko imbwa ibona+ iruta intambwe ipfuye+.  Kuko abazima bazi yuko bazopfa+; mugabo abapfuye, nta co bazi namba+, eka nta n’impembo bagifise, kuko ukwibukwa kwabo kwibagiwe+.  Vyongeye, urukundo rwabo n’urwanko rwabo n’ishari ryabo vyaramaze gushira+, kandi nta mugabane bagifise gushika igihe kitagira urugero mu kintu na kimwe kibwirizwa gukorwa munsi y’izuba+.  Genda, wirire ibifungurwa vyawe n’umunezero, winywere umuvinyu wawe n’umutima mwiza+, kuko Imana y’ukuri imaze guhimbarwa n’ibikorwa vyawe+.  Igihe cose, impuzu zawe nizame zera+, n’amavuta ntabure ku mutwe wawe+.  Nubone ubuzima uri kumwe n’umugore ukunda+ imisi yose y’ubuzima bwawe bw’ubusa Imana yaguhaye munsi y’izuba, imisi yawe yose y’ubusa, kuko uwo ari wo mugabane wawe mu buzima+ no mu gikorwa cawe c’ubutame ukora ugatama munsi y’izuba. 10  Ikintu cose ukuboko kwawe kuronse co gukora, nugikorane ububasha bwawe+, kuko ata gikorwa, canke umugambi, canke ubumenyi+, canke ubukerebutsi+ mu kuzimu+, aho uriko uraja+. 11  Narahindukiye, mbona munsi y’izuba yuko abanyarutsi atari bo bene gutsinda isiganwa+, n’abanyenkomezi ko atari bo bene gutsinda urugamba+, eka n’inkerebutsi ko atari zo zene kugira ibifungurwa+, eka n’abazi ubwenge ko atari bo bene kugira ubutunzi+, mbere n’abafise ubumenyi ko atari bo bene kugira ubutoni+; kuko ibihe be n’ibishika giturumbuka bibashikako bose+. 12  Kuko umuntu+ mbere atazi igihe ciwe+. Nka kurya kw’amafi afatirwa mu rusenga+ rubi, kandi nk’inyoni zifatirwa mu mutego+, ni ko n’abana b’abantu bafatwa n’umutego mu gihe c’ivyago+, igihe ubaguyeko bukwi na bukwi+. 13  Ibi na vyo nyene narabibonye ku bijanye n’ubukerebutsi munsi y’izuba, kandi bwambereye ubuhambaye: 14  Habaye agasagara gatoyi, kandi abagabo muri ko bari bake; maze haza kuri nya gasagara umwami ahambaye, aragakikuza, yubaka ibihome bikomeye ngo agatere+. 15  Maze muri ko habonekayo umuntu akenye mugabo w’inkerebutsi, uwo atabara nya gasagara ku bukerebutsi bwiwe+. Mugabo nta n’umwe yibutse uwo muntu w’umukene+. 16  Ndaheza mvuga nti: “Ubukerebutsi buraruta inguvu+; yamara ubukerebutsi bw’umukene burasuzugurwa, n’amajambo yiwe ntiyumvirizwa+.” 17  Amajambo y’abantu b’inkerebutsi avuganywe ubutekereji ni ayo kwumvirwa+ kuruta ugusemerera kw’uwuganza mu bijuju+. 18  Ubukerebutsi buraruta ibikoresho vy’indwano, kandi umucumuzi umwe gusa arashobora kwica ivyiza vyinshi+.

Utujambo tw'epfo