Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Umusiguzi 5:1-20

5  Rinda ibirenge vyawe+ igihe cose ugiye ku nzu y’Imana y’ukuri; kandi umuntu niyegere kugira yumve+, atari kugira atange ikimazi nk’uko ibijuju bigira+, kuko bitamenya ko biriko bikora ikibi+.  Ntiwihute ku bijanye n’akanwa kawe; nayo ku vyerekeye umutima wawe+, ntiwihutagize gusohora ijambo imbere y’Imana y’ukuri+. Kuko Imana y’ukuri iri mw’ijuru+, mugabo wewe uri kw’isi. Ni co gituma amajambo yawe akwiye kuba make+.  Kuko indoto zitabura kuza kubera umurengera w’ibikorwa+, n’ijwi ry’ikijuju rikaza kubera umurengera w’amajambo+.  Igihe cose uraganiye Imana indagano, ntugonanwe kuyishitsa+, kuko ata wuhimbarwa n’ibijuju+. Ico uraganye, gishitse+.  Wopfuma utaragana+, hako uragana ntushitse+.  Ntiwemerere akanwa kawe gucumuza umubiri wawe+, eka ntunavuge imbere y’umumarayika+ yuko kwari ukwihenda+. Kubera iki Imana y’ukuri yorakara kubera ijwi ryawe, ikabwirizwa gusambura igikorwa c’amaboko yawe+?  Kuko kubera ubwinshi bw’ibikorwa haba indoto+, hakaba n’ibintu vy’ubusa n’amajambo ku bwinshi. Mugabo tinya Imana y’ukuri ubwayo+.  Niwabona mu ntara y’ubutware uguhahazwa kwa ntahonikora n’ugukurwaho kw’urubanza+ be n’ugukurwaho kw’ubugororotsi hakoreshejwe ubukazi, ntibize bikwumize+, kuko uwuri hejuru y’uwuri hejuru+ ariko aritegereza+, kandi hariho abari hejuru yabo.  Kandi, inyungu y’isi iri hagati muri bo bose+; umwami ubwiwe arakorerwa ku bijanye n’itongo+. 10  Inkunzi y’ifeza ntizohaga ifeza, eka n’inkunzi y’ubutunzi ntizohaga inyungu+. Ivyo na vyo nyene ni ubusa+. 11  Iyo ivyiza bigwiriye, ababirya ntibabura kugwira+. Kandi ni akarusho gaki kahari kuri nyenevyo ahambaye, atari ukubirabisha amaso yiwe+? 12  Agatiro k’uwukora karasosa+, yaba arya bike canke vyinshi; mugabo umukimba w’umutunzi ntumukundira gutora agatiro. 13  Hariho icago kibi rwose nabonye munsi y’izuba: kuba ubutunzi bubikirwa nyenebwo ahambaye ku bwo kumuteza ivyago+. 14  Ubwo butunzi bwarayogeye+ kubera igikorwa c’ivyago, kandi yavyaye umwana ata kintu namba kiri mu kuboko kwiwe+. 15  Kurya nyene umuntu yavuye mu nda ya nyina, ni ko azokwongera kugenda ari gusa+, nk’uko yaje; nta kintu na kimwe umuntu ashobora kujana+ ku bw’igikorwa ciwe c’ubutame, ngo agende agitwaye mu kuboko kwiwe. 16  Kandi ibi na vyo nyene ni icago kibi rwose: nk’uko umuntu yaje, ni ko azogenda; kandi ni inyungu nki ihari ku wuguma akora agatama akorera umuyaga+? 17  Vyongeye, mu misi yiwe yose arīra mu mwiza, n’umwikomo mwinshi koko+, arwaye, hariko n’ibimutera uburakari. 18  Raba! Ikiruta ibindi jewe niboneye, kikaba ari ciza, ni uko umuntu yorya, akanywa, akabona iciza ku bw’igikorwa c’ubutame ciwe cose+ akora agatama munsi y’izuba mu misi yose y’ubuzima bwiwe Imana y’ukuri yamuhaye, kuko uwo ari wo mugabane wiwe. 19  Vyongeye, umuntu wese Imana y’ukuri yahaye ubutunzi be n’amatungo+, yamuhaye n’ububasha bwo kubiryako+ no kujana umugabane wiwe no kunezererwa igikorwa ciwe c’ubutame+. Iyo ni yo ngabirano y’Imana+. 20  Kuko atari kenshi azokwibuka imisi y’ubuzima bwiwe, kuko Imana y’ukuri imufatiriye n’umunezero w’umutima wiwe+.

Amakuru yiyongereye