Umusiguzi 4:1-16

4  Kandi jewe narahindukiye ngo mbone ibikorwa vy’agahahazo+ vyose bikorerwa munsi y’izuba, maze, ehe amosozi y’abahahazwa+, mugabo nta muhoza bari bafise+; kandi ku ruhande rw’ababahahaza hari ububasha, ku buryo ata muhoza bari bafise.  Maze nkeza abapfu bari bamaze gupfa aho gukeza abazima bari bakiri bazima+.  Abo bompi rero barutwa n’uwutarabaho+, atabonye igikorwa c’ivyago gikorerwa munsi y’izuba+.  Kandi jewe narabonye igikorwa c’ubutame cose be n’ubuhanga bwose mu gikorwa+, mbona yuko ari ubukeba umwe agirira uwundi+; ivyo na vyo nyene ni ubusa n’ukwiyahagura ukurikira umuyaga.  Ikijuju kizinga amaboko yaco+, kikarya inyama z’umubiri waco+.  Urushi rw’akaruhuko ruruta amashi abiri y’igikorwa c’ubutame n’ukwiyahagura ukurikira umuyaga+.  Jewe narahindukiye ngo ndabe ubusa buri munsi y’izuba:  Hari umuntu w’inyakamwe, nta wa kabiri ariho+; nta n’umwana canke mwene wabo agira+, mugabo igikorwa ciwe c’ubutame cose nta herezo kigira. Vyongeye, amaso yiwe ntahaga ubutunzi+: “None ndiko nduhira nde, nkīma n’umutima wanje ivyiza+?” Ivyo na vyo nyene ni ubusa, kandi ni igikorwa c’ivyago+.  Babiri baruta umwe+, kuko bafise impera nziza ku bw’igikorwa cabo c’ubutame+. 10  Kuko umwe muri bo aramutse aguye, uwundi arashobora kuvyura mugenziwe+. Mugabo bizogenda gute ku wuri wenyene aguye ata wundi ariho wo kumuvyura+? 11  Vyongeye, iyo babiri baryamanye, ntibabura gususuruka; mugabo uwuri wenyene yoguma asusurutse gute+? 12  Kandi nimba umuntu yonesha umwe, babiri bari kumwe bomunanira+. Kandi umugozi nyabutatu ntucika ningoga. 13  Umwana akenye mugabo w’inkerebutsi+ araruta umwami ashaje mugabo w’ikijuju+ atakizi ko agikeneye kuburirwa+. 14  Kuko yasohotse inzu y’ibohero kugira ngo abe umwami+, naho yari yavutse ari ntahonikora+ ku ngoma y’uwo. 15  Narabonye abazima bose bagendagenda munsi y’izuba, ingene bigenda ku mwana agira kabiri ahagarara mu kibanza ca wa wundi+. 16  Nta herezo ririho ku bantu bose, ku bo yagiye imbere bose+; eka n’abantu bo mu nyuma ziwe ntibazomunezererwa+, kuko ivyo na vyo nyene ari ubusa n’ukwiyahagura ukurikira umuyaga+.

Utujambo tw'epfo