Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Umusiguzi 3:1-22

3  Ikintu cose kirafise igihe cashingiwe+, mbere ikintu cose munsi y’amajuru kirafise igihe caco:  hari igihe co kuvuka+ n’igihe co gupfa+; igihe co gutera n’igihe co kurandura icatewe+;  igihe co kwica+ n’igihe co gukiza+; igihe co gusenyura n’igihe co kwubaka+;  igihe co kurira+ n’igihe co gutwenga+; igihe co kuboroga+ n’igihe co kwikina amatavu+;  igihe co gushibura amabuye+ n’igihe co kwegeraniriza amabuye hamwe+; igihe co kugumbira+ n’igihe co kureka kugumbira+;  igihe co kurondera+ n’igihe co guheba; igihe co kugumya n’igihe co guta+;  igihe co gutabura+ n’igihe co gushona+; igihe co kunuma+ n’igihe co kuvuga+;  igihe co gukunda n’igihe co kwanka+; igihe c’intambara+ n’igihe c’amahoro+.  Ni akarusho gaki uwukora aronka mu vyo akora agatama+? 10  Narabonye igikorwa Imana yahaye abana b’abantu ngo bakore+. 11  Ikintu cose yakigize ciza mu gihe caco+. Mbere n’igihe kitagira urugero yagishize mu mutima wabo+, ngo abantu ntibigere bubura igikorwa Imana y’ukuri yakoze kuva ku ntango gushika kw’iherezo+. 12  Naramenye yuko ata kintu kiriho kibarutira kunezerwa no gukora iciza mu buzima+; 13  kandi ko umuntu wese yorya, emwe, akanywa, akabona iciza ku bw’igikorwa ciwe cose c’ubutame+. Ni yo ngabirano y’Imana+. 14  Naramenye yuko ikintu cose Imana y’ukuri ikora, kizoba ic’igihe kitagira urugero+. Nta kiri bwongerwe kuri co kandi nta kiri bukurwe kuri co+; mugabo Imana y’ukuri ni yo yagikoze+, ngo abantu batinye kubera yo+. 15  Icabayeho, cari caramaze kubaho, kandi ikizobaho kiramaze kubaho+; kandi Imana y’ukuri+ ubwayo iguma irondera igikurikiranwa+. 16  Narongeye mbona munsi y’izuba ikibanza c’ubutungane, kandi muri co ni ho ububisha bwari; mbona n’ikibanza c’ubugororotsi, kandi muri co ububisha ni ho bwari+. 17  Jewe navuze mu mutima wanje+, nti: “Imana y’ukuri izocira urubanza umugororotsi n’umubisha+, kuko ikintu cose gifise igihe caco n’igikorwa cose ng’aho kikagira igihe caco+.” 18  Jewe ubwanje naravuze mu mutima wanje ku biraba abana b’abantu yuko Imana y’ukuri izobagosora, ngo babone yuko ubwabo ari ibikoko+. 19  Kuko hari iherezo ku bijanye n’abana b’abantu be n’iherezo ku bijanye n’igikoko, kandi bifise iherezo rimwe+. Uko kimwe gipfa, ni ko n’ikindi gipfa+; kandi vyose bifise impwemu+ imwe itarenga, ku buryo ata co umuntu asumvya igikoko, kuko vyose ari ubusa. 20  Vyose bija ahantu hamwe+. Vyose vyavuye mu mukungugu+, kandi vyose bisubira mu mukungugu+. 21  Ni nde azi impwemu y’abana b’abantu, ko yoba iduga hejuru; n’impwemu y’igikoko, ko yoba imanuka epfo mw’isi+? 22  Kandi nabonye yuko ata kintu kiruta ko umuntu yonezerwa mu bikorwa vyiwe+, kuko uwo ari wo mugabane wiwe; kuko, ni nde azomuzana ngo arabe ibizoba mu nyuma ziwe+?

Amakuru yiyongereye