Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Umusiguzi 2:1-26

2  Jewe naravuze mu mutima wanje+, nti: “Ingo rero ndakugeragereshe umunezero+. Vyongeye, nubone ivyiza+.” Kandi ehe, ivyo na vyo nyene vyari ubusa.  Nabwiye agatwengo nti: “Ni ubusazi+!”, umunezero+ na wo nti: “Ibi bimaze iki?”  Nagenzuye ibintu nkoresheje umutima wanje mu kunezeresha umubiri wanje umuvinyu+, ariko nyobora umutima wanje nkoresheje ubukerebutsi+, kugira ngo ncakire ubupfu gushika mbonye iciza cari kihari ku bana b’abantu mu vyo bakoze munsi y’amajuru mu misi yose y’ubuzima bwabo+.  Naragiye mu vyo gukora ibikorwa bikomakomeye+. Nariyubakiye amazu+; naritereye imirima y’imizabibu+.  Naritunganirije imirima n’amashamba+ abereye ijisho, nongera ndabiteramwo ibiti vy’ivyamwa vy’ubwoko bwose.  Naritunganirije ibidengeri vy’amazi+, vyo kunyosha ikibira kimera ibiti+.  Narironkeje abasuku n’abasukukazi+, ngira n’abana bo mu rugo+. Nagize kandi ibitungwa, ngira inka n’imikuku ku bwinshi, kuruta ababayeho imbere yanje bose i Yeruzalemu+.  Narirundanirije kandi ifeza n’inzahabu+, n’itunga ryiharizwa n’abami n’intara z’ubutware+. Narishiriyeho abaririmvyi n’abaririmvyikazi+ n’ibisosa+ vy’abana b’abantu, umukenyezi, mbere abakenyezi+.  Nabaye uwuhambaye, ndagwiza ibintu, kuruta uwo ari we wese yabayeho imbere yanje i Yeruzalemu+. Vyongeye, ubukerebutsi bwanje narabugumanye+. 10  Kandi ikintu cose amaso yanje yasaba sinakiyankira+. Sinimye umutima wanje ubwoko na bumwe bw’umunezero, kuko umutima wanje wari unezerewe kubera igikorwa canje cose c’ubutame+, kandi ivyo ni vyo vyabaye umugabane wanje uvuye mu gikorwa canje c’ubutame+ cose. 11  Kandi jewe ubwanje narahindukiye ndaba ibikorwa vyanje vyose amaboko yanje yari yarakoze, nongera ndaba igikorwa c’ubutame nari narakoze ngatama ngo ndakirangure+, nsanga vyose vyari ubusa n’ukwiyahagura ukurikira umuyaga+, kandi nta kintu c’akarusho cariho munsi y’izuba+. 12  Kandi jewe ubwanje narahindukiye ngo mbone ubukerebutsi+ n’ubusazi n’ubupfu+; kanatsinda, ni igiki umuntu yakuwe mw’ivu aza inyuma y’umwami ashobora gukora? Ni ico abantu bamaze gukora. 13  Kandi jewe ubwanje narabonye yuko ubukerebutsi burimwo akarusho kuruta ubupfu+, nk’uko umuco urimwo akarusho kuruta umwiza+. 14  Umuntu w’inkerebutsi wese, amaso yiwe ari mu mutwe wiwe+; mugabo ikijuju kiguma kigendera mu mwiza gusa+. Kandi naramenye, na jewe nyene, yuko hari iherezo rimwe ribashikira bose+. 15  Kandi jewe navuze mu mutima wanje+ nti: “Iherezo nka rirya ry’ikijuju+ ni ryo rizonshikira na jewe+.” Kubera iki none ico gihe nari nabaye inkerebutsi nkarenza urugero+? Maze mvugira mu mutima wanje nti: “Ivyo na vyo nyene ni ubusa.” 16  Kuko ata kwibukwa kw’inkerebutsi kuhari kuruta ukw’ikijuju, gushika igihe kitagira urugero+. Mu misi imaze gutangura kuza, bose baribagirwa koko; kandi none, umuntu w’inkerebutsi azopfa gute? Azopfana n’ikijuju+. 17  Kandi naranse ubuzima+, kuko igikorwa cakorewe munsi y’izuba cari ic’ivyago kuri jewe+, kuko vyose vyari ubusa n’ukwiyahagura ukurikira umuyaga+. 18  Kandi jewe ubwanje naranse igikorwa canje cose c’ubutame nariko nkora ngatama munsi y’izuba+, ico nosigiye umuntu yoje mu nyuma zanje+. 19  Kandi ni nde azi ko azoba inkerebutsi canke igipfu+? Yamara azokwiganzira igikorwa canje c’ubutame cose nakoze ngatama, ico nerekaniyeko ubukerebutsi munsi y’izuba+. Ivyo na vyo nyene ni ubusa. 20  Kandi jewe narahindukiye kugira ngo mpebuze umutima wanje+ ku bijanye n’igikorwa c’ubutame cose nari nakoze ngatama munsi y’izuba. 21  Kuko hari umuntu igikorwa ciwe c’ubutame cakoranywe ubukerebutsi n’ubumenyi n’ubuhanga+, mugabo umuntu atakoze ngo atame kuri ico kintu ni we azohabwa umugabane w’uyo+. Ivyo na vyo nyene ni ubusa, bikaba n’icago kinini+. 22  Kuko, umuntu aronka iki ku bw’igikorwa ciwe c’ubutame cose no ku bw’ukwiyahagura kw’umutima wiwe, ukwo akorana agatama munsi y’izuba+? 23  Kuko mu misi yiwe yose igikorwa ciwe kizana imibabaro n’umwikomo+, kandi mw’ijoro umutima wiwe nturuha uryama+. Ivyo na vyo nyene ni ubusa gusa. 24  Ku muntu, nta ciza kihari kuruta ko yorya, emwe, akanywa, agatuma umutima wiwe ubona iciza kubera igikorwa ciwe c’ubutame+. Ivyo na vyo nyene narabibonye, jewe ubwanje, yuko ivyo biva mu kuboko kw’Imana y’ukuri+. 25  Kuko, ni nde arya+ kandi akanywa kundusha+? 26  Kuko umuntu ameze neza imbere yayo+ yamuhaye ubukerebutsi n’ubumenyi n’umunezero+, mugabo umucumuzi yamuhaye igikorwa co gukorakoranya no kwegeraniriza hamwe kugira gusa bihabwe uwumeze neza imbere y’Imana y’ukuri+. Ivyo na vyo nyene ni ubusa n’ukwiyahagura ukurikira umuyaga+.

Amakuru yiyongereye