Umusiguzi 12:1-14

12  Niwibuke rero Umuremyi wawe Ahambaye+ mu misi y’ubusore bwawe+, imbere y’uko imisi y’ivyago itangura kuza+, canke ngo imyaka ishike, aho uzovuga uti: “Ntibimpimbara+”;  imbere y’uko izuba n’umuco n’ukwezi n’inyenyeri bicura umwiza+, n’ibicu bikagaruka, maze hakaza imvura y’isegenya;  ku musi abacunzi b’inzu+ bajugumira, n’abanyenkomezi bakigonda+, n’abagore basya+ bakareka gukora kubera babaye bake, abakenyezi barabira mu madirisha+ na bo bagasanga harijimye;  n’imiryango ija kw’ibarabara ikugarwa+, igihe umuhindo w’urusyo usigaye uvugira hasi+, umuntu akavyurwa n’ijwi ry’inyoni, abakobwa b’ururirimbo bose na bo bakavugira hasi+.  Vyongeye, baratinye ikiri hejuru, kandi hari ibica ivutu mu nzira. Igiti ca shakedi kirashurika+, igihori na co kikikwega, agapiripiri kagaturika, kuko umuntu ariko aja ku nzu yiwe y’igihe kirekire+, ababorozi na bo bakagendagenda mw’ibarabara+;  imbere y’uko umugozi w’ifeza ukurwaho, n’ibakure y’inzahabu ikajanjagurika+, n’umubindi ku mbizi ukamenwa, nayo ikurudumu yo kuvoma amazi y’itangi ikajanjagurwa.  Maze umukungugu usubira mw’ivu+ nk’uko wari, impwemu+ na yo igasubira ku Mana y’ukuri+ yayitanze+.  “Ubusa buhebuje!”, ni ko umukoranyashengero+ yavuze, “Vyose ni ubusa+.”  Kandi uretse ko umukoranyashengero yari yacitse inkerebutsi+, yarigishije kandi abantu ubumenyi ubudahengeshanya+, arazirikana yongera aracukura+, kugira atunganye imigani myinshi mu rutonde+. 10  Umukoranyashengero yarondeye gutora amajambo aryoshe+ no kwandika amajambo y’ukuri atagira amakosa+. 11  Amajambo y’abantu b’inkerebutsi ameze nk’imihunda y’inka+, kandi abaja mu vyo gutunganya ivyegeranyo vy’amajambo bameze nk’imisumari itewe+; vyatanzwe bivuye ku mwungere umwe+. 12  Nayo ku bijanye n’ikirenze kuri ibi, ga mwananje, niwumve imburi: Gukora ibitabu vyinshi ntibigira iherezo, kandi kuvyihebera cane biraruhisha umubiri+. 13  Insozero y’ibintu, inyuma yo kwumva ibintu vyose, ni iyi: Tinya Imana y’ukuri+ kandi ugumye amabwirizwa yayo+. Kuko ivyo umuntu ategerezwa vyose ari ivyo. 14  Kuko Imana y’ukuri ubwayo izoshira mu rubanza igikorwa c’ubwoko bwose, mu bijanye n’ikintu cose canyegejwe, ngo biboneke ko ari ciza canke kibi+.

Utujambo tw'epfo