Umusiguzi 11:1-10
11 Terera umukate+ wawe ku buringanire bw’amazi+, kuko inyuma y’imisi myinshi uzokwongera kuwuronka+.
2 Nuhe umugabane abantu indwi, canke mbere umunani+, kuko utazi icago kizoshika kw’isi+.
3 Iyo ibicu vyuzuye amazi, birasuka imvura y’isegenya kw’isi+; kandi iyo igiti kiguye amagana mu bumanuko canke amagana mu buraruko, aho nya giti+ kiguye ni ho kizoba.
4 Uwuraba umuyaga ntazobiba imbuto; kandi uwitegereza ibicu ntazoshwabura+.
5 Nk’uko nyene utazi inzira y’impwemu mu magufa mu nda y’uwibungenze+, ni ko utazi igikorwa c’Imana y’ukuri, imwe ikora ibintu vyose+.
6 Mu gitondo, biba imbuto yawe, kandi gushika ku mugoroba ntureke ukuboko kwawe ngo kuruhuke+; kuko utazi aho bizokunda+, ko ari aha canke hariya, canke nimba hompi hazoba heza cokimwe.
7 Emwe, umuco urasosa, kandi ni vyiza ku maso kubona izuba+;
8 kuko, nimba umuntu abayeho mbere imyaka myinshi, nayinezerwemwo yose+. Kandi niyibuke imisi y’umwiza+, naho yoba myinshi; umusi wose uje ni ubusa+.
9 Nezerwa+, musore, mu buto bwawe, kandi umutima wawe ukugirire neza mu misi y’ubusore bwawe, kandi ugendere mu nzira z’umutima wawe no mu vyo amaso yawe abona+. Mugabo umenye ko kubera ivyo vyose Imana y’ukuri izogushira mu rubanza+.
10 Kūra rero umwikomo mu mutima wawe, kandi wigize ivyago kure y’umubiri wawe+; kuko ubuto n’ubusore ari ubusa+.