Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Umusiguzi 10:1-20

10  Insazi zipfuye ni zo zitera amavuta y’umuhinguzi w’amavuta+ manovu kuduhuka no kududubiza. Ukwo ni ko ubupfu bukeyi bugira uwubahirwa ubukerebutsi n’ubuninahazwa+.  Umutima w’umuntu w’inkerebutsi uri iburyo bwiwe+, mugabo umutima w’ikijuju uri ibubamfu+.  Vyongeye kandi, mu nzira yose igipfu kigenderamwo+, umutima waco urabura, kikabwira umuntu wese ko ari igipfu+.  Ishavu ry’umutware niryaduga ngo rikururumbire, ntuve ahawe+, kuko ubutekereji butururuza ibicumuro bikomeye+.  Hari ikintu c’icago nabonye munsi y’izuba, nk’igihe habaye ikosa+ bitewe n’umuntu ari ku butegetsi+:  Ubupfu bwashizwe mu bibanza vyinshi vyo hejuru+, mugabo abatunzi baguma bibera gusa mu kibanza co hasi.  Narabonye abasuku ku mafarasi, mugabo abaganwa bakagendera hasi nk’abasuku+.  Uwimba icobo ubwiwe azokigwamwo+; kandi uwumena uruhome rw’amabuye, inzoka izomukomora+.  Uwimba amabuye azoyibabarisha. Uwusatura ibigegene azobwirizwa kuvyiyubara+. 10  Iyo igikoresho c’icuma gipfushe ntihagire uwukarisha ubugi bwaco+, azoherezako rero inkomezi ziwe. Nuko rero, gukoresha ubukerebutsi ukaroranirwa bivamwo akarusho+. 11  Iyo inzoka ikomoye ata kugota kubaye+, nta karusho rero kahaba ku wukoresha ururimi. 12  Amajambo y’akanwa k’umuntu w’inkerebutsi avamwo ubutoni+, mugabo iminwa y’ikijuju irakimira+. 13  Intango y’amajambo y’akanwa kiwe ni ubupfu+, iherezo ry’akanwa kiwe mu nyuma na ryo ni ubusazi bwuzuye ivyago. 14  Kandi igipfu kivuga amajambo menshi+. Umuntu ntazi ibizoba; vyongeye, ibizoba mu nyuma ziwe, ni nde yobimubwira+? 15  Igikorwa c’ubutame c’ibijuju kirabiruhisha+, kuko ata n’umwe yamenye uburyo bwo kuja mu gisagara+. 16  Bizokugendera gute, ga wa gihugu we+, igihe umwami wawe ari agahungu, abaganwa bawe na bo bakaguma birira mbere no mu gitondo? 17  Uzoba uhiriwe, wa gihugu we, igihe umwami wawe ari umwana w’abanyacubahiro, abaganwa bawe na bo bakarya ku gihe kibereye ngo bagire inguvu, atari ku bwo kunywa gusa+. 18  Ubunebwe bwinshi butera igisenge kuzama, kandi ukurekura amaboko gutera inzu kuva+. 19  Umukate ni uw’agatwengo k’abakozi, kandi umuvinyu uranezereza ubuzima+; mugabo amahera ni yo atorera inyishu vyose+. 20  Mbere no mu cumba cawe c’uburyamo ntuhamagarire akabi ku mwami+, kandi mu vyumba uryamamwo ntuhamagarire akabi ku mutunzi n’umwe+; kuko ikiremwa kiguruka co mu kirere kizotwara ijwi, n’igifise amababa kikazobivuga+.

Amakuru yiyongereye