Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Tito 1:1-16

1  Jewe Paulo, umushumba+ w’Imana akaba n’intumwa+ ya Yezu Kristu hisunzwe ukwizera kw’abatowe+ b’Imana be n’ubumenyi butagira amakosa+ bwerekeye ukuri+ guhuye n’ukwihebera Imana+,  hishimikijwe icizigiro c’ubuzima budahera+, ubwo Imana idashobora kubesha+ yasezeranye imbere y’ibihe vya kera cane+,  yamara mu bihe vyayo bwite ikaba yarahishuye ijambo ryayo muri ca gikorwa nazezwa+ c’ukwamamaza, kw’itegeko ry’Umukiza wacu+, Imana;  ndakwandikiye wewe Tito, umwana wanje+ nyakuri hisunzwe ukwizera dusangiye: Habe ubuntu ata wari abukwiriye n’amahoro biva ku Mana ari yo Data+ no kuri Kristu Yezu Umukiza wacu+.  Iki ni co catumye ngusiga i Kirete+: ni ukugira ngo ukosore ibintu vyari n’agahaze wongere ugene+ abagabo b’inararibonye mu gisagara no mu kindi, nk’uko nabigutegetse+;  nimba hari umuntu ata co aregwa+, umugabo w’umugore umwe+, afise abana bemera batagirizwa ubuhumbu canke ngo babe ibigaba+.  Kuko umucungezi ategerezwa kuba atagira ico aregwa+ bwa mubwiriza+ w’Imana, atari intagondwa+, adakaza ishavu+, atari umunyamatati w’imborerwa+, atari uwukubitana+, atanohokera inyungu mbi+,  ahubwo abe ari umwakiranyi+, uwukunda iciza, aroranye mu muzirikanyi+, agororotse, intahemuka+, yigumya+,  agumya ijambo ryo kwizigirwa ku bijanye n’ubuhanga bwiwe bwo kwigisha+, kugira ashobore guhimiriza biciye ku nyigisho ngirakamaro*+ no gukangira+ abayivuguruza. 10  Kuko hariho abantu benshi b’ibigaba, imvuzi z’ibitagira akamaro+, kandi bahenda imizirikanyi y’abandi, canecane bamwe bumira ku kugenyerwa+. 11  Ni nkenerwa kubazivya iminwa, kuko abo bantu nyene baguma batembagaza ingo uko zakabaye+, mu kwigisha ivyo batabwirizwa kwigisha, kugira baronke inyungu mbi+. 12  Umwe muri bo, umuhanuzi wabo bwite, yavuze ati: “Abanyakirete bama ari ababeshi, ni ibikoko biryana+, abakunzi b’inda badashaka gukora.” 13  Iyo ntahe ni iy’ukuri. Ico nyene nigitume uguma ubakangira ubahambarira+, kugira ngo bagire amagara meza+ mu kwizera, 14  batumviriza ibitito+ vy’Abayuda n’amabwirizwa y’abantu+ batera ibitugu ukuri+. 15  Vyose ni ibidahumanye ku bantu badahumanye+. Mugabo ku bantu bahumanye+ kandi batagira ukwizera+ nta kintu na kimwe kidahumanye, mugabo imizirikanyi yabo n’ijwi ryabo ryo mu mutima+ birahumanye. 16  Batura icese yuko bazi Imana+, mugabo bakayihakanisha ibikorwa vyabo+, kubera ko bateye ishishi bakaba n’abagambarazi, bakaba kandi batemewe+ ku bw’igikorwa ciza na kimwe.

Amakuru yiyongereye

Canke, “ntungamagara.”