Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Rusi 4:1-22

4  Bowazi na we aduga kw’irembo+, yicaraho. Maze aza abona wa mucunguzi ararenganye, umwe Bowazi yari yavuze+. Aca avuga ati: “Kevya wicare hano, yewe naka.” Nuko arakevya, aricara.  Bowazi araheza atora abagabo cumi mu bagabo b’inararibonye+ bo mu gisagara, maze avuga ati: “Nimwicare hano.” Nuko baricara.  Maze abwira nya mucunguzi+ ati: “Igice c’itongo cari ica mwene wacu Elimeleki+, Nawomi, umwe yagaruka avuye mu karere ka Mowabu+, agira akigurishe.  Nanje niyumviriye yuko nkwiye kubikumenyesha, mu kuvuga nti: ‘Nukigurire+ imbere y’abanyagihugu n’abagabo b’inararibonye b’igisata canje+. Nimba ugicungura, nugicungure; ariko nimba utagicungura, ubimbwire ndabimenye, kuko ata wundi yogicungura+ kiretse wewe; jewe ndagukurikira.’” Na we avuga ati: “Ni jewe ndagicungura+.”  Maze Bowazi avuga ati: “Umusi uzogura iryo tongo mu kuboko kwa Nawomi, uzorigura no kuri Rusi Umunyamowabukazi, umugore w’umuhisi, kugira ngo utume izina ry’umuhisi rigaruka ku ntoranwa yiwe+.”  Nya mucunguzi aca avuga ati: “Sinshoboye kuryicungurira, simpave nonona intoranwa yanje. Ba ari wewe uryicungurira ku burenganzira bwanje bw’ugucungura, kuko jewe ntabishoboye.”  Uyu ni wo wari umugenzo wa kera muri Isirayeli ku bijanye n’uburenganzira bw’ugucungura no ku bijanye n’ugukāba, kugira ngo ikintu cose gishingwe: Umugabo yabwirizwa gukura inkweto* yiwe+ akayiha mugenziwe, ico kikaba cari icemezo muri Isirayeli.  Maze nya mucunguzi abwiye Bowazi ati: “Nuryigurire,” aca akura inkweto yiwe+.  Bowazi abwira rero abagabo b’inararibonye n’abantu bose ati: “Muri ivyabona+ uno musi yuko nguze koko mu kuboko kwa Nawomi ivyari ivya Elimeleki vyose n’ivyari ivya Kiliyoni na Mahiloni vyose. 10  Na Rusi Umunyamowabukazi, umugore wa Mahiloni, ndamuguze koko ngo abe umugore wanje kugira ngo ntume izina ry’umuhisi+ rigaruka ku ntoranwa yiwe no kugira ngo izina ry’umuhisi ntirirandurwe muri bene wabo no mw’irembo ry’igisagara ciwe. Muri ivyabona+ uno musi.” 11  Abantu bose bari mw’irembo n’abagabo b’inararibonye baca bavuga bati: “Turi ivyabona! Yehova nahe umugore aje mu nzu yawe kuba nka Rasheli+ na Leya+, bompi bakaba bubatse inzu ya Isirayeli+; nawe werekane agaciro kawe muri Efurata+ kandi wiheshe izina rikomeye muri Betelehemu+. 12  Vyongeye, biciye ku ruvyaro Yehova azoguha kuri uyu mugore akiri muto+, inzu yawe nicike nk’inzu ya Perezi, umwe Tamari yavyarira Yuda+.” 13  Bowazi rero yabira Rusi, aba umugore wiwe araheza aryamana na we. Nuko Yehova amuha gusama inda+ hanyuma avyara umuhungu. 14  Maze abagore batangura kubwira+ Nawomi bati: “Hahezagirwe Yehova+, we ataretse ngo ubure umucunguzi uno musi; kugira ngo izina ryiwe ritangazwe muri Isirayeli. 15  Kandi acitse uwuhembura ubuzima bwawe n’uwuzokubungabunga mu busaza bwawe+, kuko ari umukazana wawe yamwibarutse, umwe agukunda vy’ukuri+ kandi akakurutira abahungu indwi+.” 16  Nuko Nawomi yakira nya mwana, amushira mu gikiriza ciwe, araheza aba umurezi wiwe. 17  Maze abagore bari ababanyi+ biwe bamuha izina, mu kuvuga bati: “Nawomi avyariwe umuhungu.” Nuko bamwita Obedi+. Ni we se wa Yese+, se wa Dawidi. 18  Aya rero ni yo mayaruka ya Perezi+: Perezi yavyaye Hezironi+; 19  Hezironi avyara Ramu; Ramu+ avyara Aminadabu; 20  Aminadabu+ avyara Nahashoni+; Nahashoni avyara Salumoni; 21  Salumoni+ avyara Bowazi; Bowazi+ avyara Obedi; 22  Obedi avyara Yese+; Yese avyara Dawidi+.

Amakuru yiyongereye

Canke, “isandali.”