Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Rusi 3:1-18

3  Nawomi inabukwe amubwira ati: “Mukobwa wanje, mbega sinkwiye kukuronderera ahantu h’ukuruhukira+, kugira ngo bikugendere neza?  None Bowazi, umwe wagumana n’abasukukazi biwe bakiri bato, si incuti yacu+? Ehe iri joro ahava agosora+ sayiri ku mbuga y’ikubitiro.  Nuko uze kwoga, wisige amavuta+ maze wambare imitamana yawe+, uheze umanuke ku mbuga y’ikubitiro. Ntumwiyereke gushika arangije kurya no kunywa.  Maze niyaryama, uze kuraba ahantu aryamye; uheze ugende, umupfukure ku birenge hanyuma uryame; na we araza kukubwira ico uri bukore.”  Na we amubwira ati: “Ivyo umbwiye vyose ndabikora.”  Nuko amanuka ku mbuga y’ikubitiro, maze akora yisunze ivyo inabukwe yari yamutegetse vyose.  Ico gihe Bowazi yariko ararya yongera anywa, kandi umutima wiwe wari uryohewe+. Maze aja kuryama ku mpera y’ikirundo c’intete. Hanyuma Rusi aza yomboka, amupfukura ku birenge araheza araryama.  Maze hageze mu gicugu, nya mugabo atangura kujugumira. Nuko yunamira imbere, asanga hari umugore aryamye ku birenge vyiwe!  Maze avuga ati: “Uri nde?” Na we ati: “Ndi Rusi umushumbakazi wawe; nusanze impuzu* yawe ku mushumbakazi wawe, kuko uri umucunguzi+.” 10  Nuko avuga ati: “Uragahezagirwa na Yehova+, mukobwa wanje. Werekanye neza ubuntu bwuzuye urukundo+ bwawe ubu kuruta ubwa mbere+, mu kudakurikira imisore, yaba iyiciye bugufi canke iyitunze. 11  Ubu rero ga mukobwa wanje, ntutinye. Ivyo uvuga vyose ndabigukorera+, kuko bose mu gisagara* c’abantu banje bazi yuko uri umugore w’agahebuza+. 12  Ubu rero, naho ari ivy’ukuri yuko ndi umucunguzi+, hariho umucunguzi w’incuti ya hafi kundusha+. 13  Rara ng’aha iri joro, maze mu gitondo niyagucungura+, bizoba ari vyiza! Agucungure. Ariko nibitamuhimbara kugucungura, nzoca ndagucungura jewe ubwanje, ndahiye ukubaho kwa Yehova+. Nuryame gushika mu gitondo.” 14  Nuko aguma aryamye ku birenge vyiwe gushika mu gitondo, maze avyuka imbere y’uko umuntu yoshobora kumenya uwundi. Nuko Bowazi avuga ati: “Ntihagire uwumenya ko hari umugore yaje ku mbuga y’ikubitiro+.” 15  Yongera avuga ati: “Zana ico gikwemu kiri kuri wewe, maze ugisanze.” Nuko aragisanza, na we agera ingero zitandatu za sayiri, arazimukorera, hanyuma nya mugabo yinjira mu gisagara. 16  Rusi aja kwa inabukwe, na we aca avuga ati: “Uri nde ga mukobwa wanje?” Amubwira rero ibintu vyose nya mugabo yari yamugiriye. 17  Avuga kandi ati: “Izi ngero zitandatu za sayiri yazimpaye, kuko yambwiye ati: ‘Ntuje kwa nyokobukwe iminwe misa+.’” 18  Nawomi aca avuga ati: “Iyicarire, mukobwa wanje, gushika umenye uko bija kugenda, kuko uwo mugabo ataruhuka ico kibazo atakirangije uno musi+.”

Amakuru yiyongereye

Ijambo ku rindi ni “igice co hepfo c’impuzu.”
Ijambo ku rindi ni “irembo.”