Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Rusi 1:1-22

1  Nuko mu misi abacamanza+ bashitsa ubutungane, ikigoyi+ kiratera mu gihugu, maze umugabo umwe ava i Betelehemu+ muri Yuda kugira aje kuba mu turere twa Mowabu+ ari kavamahanga, we hamwe n’umugore wiwe n’abahungu biwe babiri.  Uyo mugabo yitwa Elimeleki, umugore wiwe yitwa Nawomi, abahungu biwe babiri na bo bitwa Mahiloni na Kiliyoni. Bari Abanyefurata+ b’i Betelehemu muri Yuda. Amaherezo bashika mu turere twa Mowabu, maze bagumayo.  Mu nyuma Elimeleki umugabo wa Nawomi arapfa, uno asigarana n’abahungu biwe babiri.  Haciye igihe, abo bagabo biyabirira abagore, abagore b’Abanyamowabukazi+. Umwe yitwa Orupa, uwundi na we akitwa Rusi+. Nuko babandanya kuba ng’aho nk’imyaka cumi.  Mu nyuma abo babiri, Mahiloni na Kiliyoni, na bo nyene barapfa, nya mugore asigara atagira abana biwe babiri n’umugabo wiwe.  Nuko arahaguruka, we hamwe n’abakazana biwe, asubira inyuma ava mu turere twa Mowabu, kuko yari yarumvise mu karere ka Mowabu yuko Yehova yari yitayeho abantu biwe+ mu kubaha umukate+.  Nuko aragenda ava aho hantu yari yarabaye+, ari kumwe na nya bakazana biwe babiri; baguma bagenda mu nzira kugira basubire mu gihugu ca Yuda.  Nawomi arahava abwira abakazana biwe bompi ati: “Nimugende, musubire inyuma, umwe wese ku nzu ya nyina. Yehova abagirire ubuntu bwuzuye urukundo+, nk’uko nyene mwabugiriye abo bagabo bāpfuye, be na jewe+.  Yehova abahe ingabirano+, muronke ahantu h’ukuruhukira+, umwe wese mu nzu y’umugabo wiwe.” Maze arabasoma+, hanyuma bashira amajwi hejuru, bararira. 10  Baguma bamubwira bati: “Oya, ahubwo turasubirana inyuma tujane mu bantu b’iwanyu+.” 11  Ariko Nawomi avuga ati: “Subire inyuma, bakobwa banje. Kubera iki mwojana nanje? Mbega hari abahungu ngifise mu nda, ngo baze babe abagabo banyu+? 12  Subire inyuma, bakobwa banje, mugende, kuko nshaje cane ku buryo ntoronka umugabo. Iyo mba navuze hoho yuko mfise icizigiro c’uko noronka umugabo muri iri joro hanyuma nkavyara abahungu+, 13  mbega mwobarindiriye gushika bakure? Mbega mwogumye muba ukwanyu ntimurongorwe kubera bo? Oya, bakobwa banje, kuko bimbereye umururazi cane kubera mwebwe, kubona ukuboko kwa Yehova kwasohotse kundwanya+.” 14  Baca bashira amajwi hejuru bongera kurira, maze Orupa asoma inabukwe. Mugabo Rusi we, amata kuri we+. 15  Ariko Nawomi avuga ati: “Ehe mugenzawe yapfakaye asubiye mu bantu b’iwabo no ku mana ziwe+. Subirana inyuma na mugenzawe yapfakaye+.” 16  Rusi avuga ati: “Yaco unyinginga ngo nguhebe, ngo nsubire inyuma ndeke kujana nawe; kuko aho uzoja ari ho nzoja, kandi aho uzorara ni ho nzorara+. Abantu bawe bazoba abantu banje+, n’Imana yawe ibe Imana yanje+. 17  Aho uzopfira ni ho nzopfira+, kandi ni ho nzohambwa. Yehova angirire gutyo, mbere n’ibirenze ivyo+, nihagira ikindi kintandukanya nawe atari urupfu.” 18  Nawomi abonye ko akobeje ngo ajane na we+, areka kumuvugisha. 19  Nuko bompi babandanya urugendo gushika bashitse i Betelehemu+. Maze bagishika i Betelehemu, igisagara cose kirashwabaduka kubera bo+; abagore baguma bavuga ngo: “Mbega uyu ni Nawomi+?” 20  Na we akababwira ati: “Ntimunyite Nawomi. Nimunyite Mara, kuko Mushoboravyose+ yatumye ibintu bimbera umururazi cane+. 21  Nagiye nuzuye+, none Yehova angarukanye iminwe misa+. Munyitira iki Nawomi kandi Yehova ari we yantetereje+, Mushoboravyose akaba ari we yanteje ivyago+?” 22  Ukwo ni ko Nawomi yagarutse, ari kumwe na Rusi umugore w’Umunyamowabukazi, umukazana wiwe, igihe yagaruka avuye mu turere twa Mowabu+; bashika i Betelehemu+ mu ntango y’iyimbura rya sayiri*+.

Amakuru yiyongereye

Sayiri ni igiterwa kimeze nk’ingano.