Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Nehemiya 9:1-38

9  Ku musi ugira mirongo ibiri na kane w’ukwo kwezi+, bene Isirayeli bakoranira hamwe bisonzesheje+ kandi bambaye amagunira*+, bishizeko n’ivu+.  Nuko uruvyaro rwa Isirayeli rwitandukanya+ n’abanyamahanga+ bose, rurahaguruka maze rwatura+ ibicumuro vyarwo+ n’amakosa ya ba se+.  Hanyuma bahagarara mu kibanza cabo+, bamara ica kane c’umusi basoma n’ijwi ryumvikana mu gitabu c’itegeko+ rya Yehova Imana yabo+; bamara n’ica kane c’umusi batura ivyaha+ vyabo bongera bunamira Yehova Imana yabo+.  Nuko Yeshuwa na Bani na Kadumiyeli na Shebaniya na Buni na Sherebiya+ na Bani na Kenani bahagarara ku mukiruruko+ w’Abalewi, maze basemerera n’ijwi rirenga+ babwira Yehova Imana yabo.  Hanyuma Abalewi Yeshuwa na Kadumiyeli na Bani na Hashabuneya na Sherebiya na Hodiya na Shebaniya na Petahiya bavuga bati: “Haguruke muhezagire+ Yehova Imana yanyu kuva igihe kitagira urugero gushika igihe kitagira urugero+. Nibahezagire izina ryawe rininahaye+, irishizwe hejuru y’umuhezagiro wose n’ishemezo ryose.  “Ni wewe Yehova wenyene+; ni wewe wakoze amajuru+, egome, ijuru ry’amajuru, n’ingabo zayo zose+, isi+ n’ibiri kuri yo vyose+, ibiyaga+ n’ibiri muri vyo vyose+; vyose ubizigamira ubuzima; kandi ingabo+ zo mu majuru zirakwunamira.  Uri Yehova Imana y’ukuri yatoye Aburamu+ ikamukura i Uri h’Abakaludaya+ maze izina ryiwe ikarigira Aburahamu+.  Wasanze umutima wiwe ari uwizigirwa imbere yawe+; nuko ugirana isezerano+ na we ryo kumuha igihugu c’Abanyakanani n’Abaheti n’Abamori n’Abaperizi n’Abayebusi n’Abagirugashi, ryo kugiha uruvyaro rwiwe+; kandi warashikije amajambo yawe, kuko ugororotse+.  “Warabonye+ rero amarushwa ya ba sogokuruza bacu mu Misiri, wumva n’amaborogo yabo ku kiyaga Gitukura+. 10  Maze utanga ibimenyetso n’ibitangaro kuri Farawo n’abasuku biwe bose n’abantu bose bo mu gihugu ciwe+, kuko wari uzi ko bitaye imbere mu kubarwanya+; maze wihesha izina+ nk’uko biri uyu musi. 11  Kandi wasatuye ikiyaga+ imbere yabo, ku buryo bajabuka baciye hagati mu kiyaga kw’isi yumutse+; maze abariko barabakurikira ubaraririza ibwina+ nk’ibuye+ mu mazi akomeye+. 12  Ku murango wabayoboje inkingi y’igicu+, mw’ijoro na ho ubayoboza inkingi y’umuriro+, kugira ngo ubaboneshereze+ inzira bakwiye kujana. 13  Wamanutse ku musozi Sinayi+, uvugana na bo uri mw’ijuru+, uraheza ubaha ingingo z’ubutungane zigororotse+ n’amategeko y’ukuri+, ingingo nyobozi nziza+ n’amabwirizwa meza+. 14  Wabamenyesheje isabato+ yawe nyeranda wongera ubategeka amabwirizwa n’ingingo nyobozi n’itegeko biciye kuri Musa umusavyi wawe+. 15  Wabahaye umukate uvuye mw’ijuru wo kubamara inzara+, ubakurira n’amazi mu rutare yo kubamara inyota+; hanyuma ubabwira kwinjira+ bakigarurira igihugu wari waradugije ukuboko ukarahira yuko uzokibaha+. 16  “Ariko bo, egome, ba sogokuruza bacu, baritaye imbere+ maze bakomantaza izosi+, ntibumviriza amabwirizwa yawe. 17  Maze banka kwumviriza+, ntibibuka+ ibikorwa vy’agatangaza vyawe wabakoreye, mugabo bakomantaza izosi+, bashiraho umukuru+ kugira basubire mu bushumba bwabo mu Misiri. Mugabo wewe uri Imana ikunda kubabarira+, y’inyempuhwe+ kandi y’inyembabazi+, iteba gushavura+ kandi igwije+ ubuntu bwuzuye urukundo, ntiwabahevye+. 18  Egome, igihe bihingurira igishushanyo c’inyana mu cuma gishongeshejwe+ maze bagatangura kuvuga bati: ‘Iyi ni yo Mana yawe yakuduganye igukuye mu Misiri+,’ bakabandanya gukora ibikorwa bikomeye vy’akagaye, 19  wewe, mu mbabazi zawe nyinshi, ntiwabahebeye+ mu gahinga. Ya nkingi y’igicu ntiyavuye hejuru yabo ku murango kugira ngo ibayobore mu nzira+, canke ya nkingi y’umuriro mw’ijoro kugira ngo ibaboneshereze inzira bakwiye kujana+. 20  Waratanze impwemu+ yawe nziza kugira ngo ubagire abigengesera; ntiwimye manu* yawe akanwa kabo+, kandi wabahaye amazi yo kubamara inyota+. 21  Wamaze imyaka mirongo ine+ ubaronsa ibifungurwa mu gahinga. Nta co babuze+. Impuzu zabo ntizashize+, kandi ibirenge vyabo ntivyavyimvye+. 22  “Wabahaye ubwami+ n’ibisata vy’abantu, ubigabanganya igipande ku kindi+; ku buryo bigarurira igihugu ca Sihoni+, egome, igihugu c’umwami wa Heshiboni+, n’igihugu ca Ogi+ umwami wa Bashani+. 23  Abana babo wabagwije nk’inyenyeri zo mu majuru+. Maze ubazana mu gihugu+ wari warasezeraniye ba sekuruza babo+ yuko bocinjiyemwo kugira bacigarurire. 24  Abahungu babo+ barinjiye rero bigarurira ico gihugu+, maze utangura kumara igabo+ imbere yabo ababa muri ico gihugu, Abanyakanani+, no kubatanga mu kuboko kwabo, egome, abami babo+ n’ibisata vy’abantu vy’ico gihugu+, kugira ngo babagire uko bagomba+. 25  Barigaruriye rero ibisagara vyabo bikingijwe ibihome+ n’ubutaka bunuze+ bongera bigarurira amazu yuzuye ibintu vyizavyiza vyose+, amatangi yimbwe+, imirima y’imizabibu+ n’imirima y’imyelayo n’ibiti bitanga ibifungurwa, ku bwinshi, maze bararya, barahaga+, baradoha+, baranezerwa rwose mu kumera neza kwawe+. 26  “Ariko baragambaraye+, barakugarariza+, baguma bashiburira itegeko ryawe inyuma yabo+, kandi bica abahanuzi bawe+ bashinze intahe babagiriza kugira babagarukane kuri wewe+; babandanya gukora ibikorwa vy’akagaye gakomeye+. 27  Ivyo vyatumye ubatanga mu kuboko kw’abarwanizi babo+, na bo baguma babateza amarushwa+; mugabo mu gihe baba bari mu marushwa barakuririra+, nawe ukumva uri mu majuru+; maze nk’uko imbabazi+ zawe nyinshi ziri warabaha abo kubakiza+, na bo bakabakiza bakabakura mu kuboko kw’abarwanizi babo+. 28  “Mugabo bakimara kuronka akaruhuko, baca bongera gukora ibibi imbere yawe+, nawe ukabatanga mu kuboko kw’abansi babo, bakabahonyangira hasi+. Baragaruka rero bakagutabaza+, nawe ukumva uri mu majuru+ maze ukabarokora nk’uko imbabazi zawe nyinshi ziri, incuro n’izindi+. 29  Naho washinga intahe+ ubagiriza kugira ubagarukane kw’itegeko ryawe+, baritaye imbere+, ntibumviriza amabwirizwa yawe; baracumuye+ ku ngingo z’ubutungane zawe+, izo ngingo iyo umuntu azishikije akaba abaho koko bivuye kuri zo+. Bagumye bakutsa urutugu n’akagagazo+, bakomantaza izosi+, ntibumviriza+. 30  Mugabo warabihanganiye imyaka myinshi+, uguma ushinga intahe+ ubagiriza ukoresheje impwemu yawe, biciye ku bahanuzi bawe, mugabo ntibateze ugutwi+. Amaherezo warabatanze mu kuboko kw’ibisata vy’abantu vy’ibihugu+. 31  Mu mbabazi zawe nyinshi ntiwabatikije+ canke ngo ubahebe+; kuko uri Imana y’inyempuhwe+ kandi y’inyembabazi+. 32  “None rero, ewe Mana yacu, Mana ihambaye+, y’inyabushobozi+ kandi iteye ubwoba+, igumya isezerano+ n’ubuntu bwuzuye urukundo+, amagume yose yadushikiye+ twe n’abami bacu+ n’abaganwa bacu+ n’abaherezi bacu+ n’abahanuzi bacu+ na ba sogokuruza bacu+ n’abantu bawe bose kuva mu misi y’abami ba Ashuri gushika n’uyu musi+, ntaboneke nk’akantu gatoyi imbere yawe+. 33  Wewe uragororotse+ mu vyadushikiye vyose, kuko wakoranye ubwizigirwa+, mugabo twebwe ni twe twakoze ivy’ububisha+. 34  Nayo abami bacu, abaganwa bacu, abaherezi bacu na ba sogokuruza bacu+, ntibashikije itegeko+ canke ngo bumvirize amabwirizwa yawe+ kibure ibishingantahe vyawe wakoresheje mu gushinga intahe+ ubagiriza. 35  Na bo, mu gihe c’ubwami bwabo+ no mu bintu vyiza vyawe vyinshi+ wabahaye no mu gihugu cagutse kandi kinuze+ wabaronkeje, ntibagukoreye+ kandi ntibahindukiye ngo bave mu ngeso zabo mbi+. 36  Ehe! Uwu musi turi abashumba+; nayo igihugu wahaye ba sogokuruza bacu ngo barye umwimbu waco n’ibintu vyiza vyaco, ehe turi abashumba kuri co+, 37  umwimbu waco na wo ukaba uriko ugwira+ ku bw’abami+ washize kuri twebwe kubera ibicumuro vyacu+; bariko baganza imibiri yacu n’ibitungwa vyacu uko bagomba, kandi turi mu marushwa akomeye+. 38  “Kubera ivyo vyose rero, dusezeranye isezerano ntabanduka+, irishizwe mu nyandiko kandi rikemezwa n’ikidodo+ c’abaganwa bacu, Abalewi bacu n’abaherezi bacu+.”

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.