Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Nehemiya 4:1-23

4  Sanibalati+ akimara kwumva yuko twariko dusubira kwubaka uruhome, aca arashavura+ kandi arababara cane, aguma atwengera mw’ijigo+ Abayuda.  Maze atangura kuvugira imbere ya bene wabo+ n’inteko za gisirikare za Samariya, egome, atangura kuvuga ati: “Aba Bayuda ba goyigoyi bariko bakora iki? Mbega bazovyishoboza? Bazoshikana ibimazi+? Bazorangiza ku musi umwe? Bazonagura ayo mabuye bayakuye mu birundo vy’ibicafu vyuzuye umukungugu+ kandi yarahiye?”  Kandi Tobiya+ Umwamoni+ yari iruhande yiwe, maze atangura kuvuga ati: “Mbere ivyo bariko barubaka, hamwe imbwebwe+ yovyurirako, yoca isenyurira hasi uruhome rwabo rw’amabuye.”  Niwumve+, ewe Mana yacu, kuko twabaye agakengerwe+; nusubize iceyi+ cabo ku mutwe wabo, kandi utume basahurwa bajanwe mu gihugu c’ubunyagano.  Ntupfuke ikosa+ ryabo n’igicumuro cabo ngo bive imbere yawe. Ntibihanagurwe, kuko bababaje abubatsi.  Nuko tuguma twubaka urwo ruhome, maze uruhome rwose rurafatanywa gushika ku ca kabiri c’amahagarara yarwo, kandi abantu babandanya kugira umutima wo gukora+.  Sanibalati+ na Tobiya+ n’Abarabu+ n’Abamoni+ n’Abashidodi+ bakimara kwumva yuko ivy’ugusanasana impome za Yeruzalemu vyari vyateye imbere, kuko ibihengeri vyari vyatanguye kuzibirwa, baca barashavura cane.  Maze bose batangura kuja umugambi mubi+ wo kuza gutera Yeruzalemu no kuntera uruhagarara.  Mugabo dusenga+ Imana yacu hanyuma kubera abo bansi, dushiraho abarinzi bo kubarwanya ku murango no mw’ijoro. 10  Yuda itangura kuvuga iti: “Inkomezi z’uwutwara imizigo+ zatsitaye, kandi hariho ibicafu vyinshi+; natwe ubwacu ntidushoboye kwubaka uruhome.” 11  Vyongeye, abarwanizi bacu baguma bavuga bati: “Ntibazogira ico bamenya+ kandi ntibazogira ico babona gushika tubashitsemwo; tuzobica ata kabuza maze duhagarike ico gikorwa.” 12  Nuko igihe cose Abayuda baba hafi yabo baje, baca batubwira incuro cumi bati: “Bazoduga bavuye ahantu hose muzozanana muje kuri twebwe.” 13  Nshira rero abagabo mu bice vyo hasi cane vy’aho hantu inyuma y’uruhome, mu bibanza vyo hanze, kandi nshiraho abantu nkurikije imiryango yabo, bafise inkota+ zabo n’amacumu+ yabo n’imiheto yabo. 14  Mbonye ubwoba bwabo, nca ndahaguruka, mbwira abanyacubahiro+ n’ivyegera vy’abatware+ n’abantu basigaye nti: “Ntimutinye+ kubera bo. Mwibuke Yehova Umwe ahambaye+ kandi ateye ubwoba+; murwanire bene wanyu+, abahungu banyu n’abakobwa banyu, abagore banyu n’imihana yanyu.” 15  Abansi bacu bakimara kwumva yuko twari twabimenye, ku buryo Imana y’ukuri yari yishe inama+ yabo kandi twese tukaba twari twasubiye ku ruhome, umwe wese ku gikorwa ciwe, 16  egome, kuva uwo musi haba ibi: ica kabiri c’imisore+ yanje caba kiri ku gikorwa, ica kabiri cayo na co kikaba gifashe amacumu n’inkinzo n’imiheto n’amakoti y’ivyuma+; abaganwa+ na bo baba bari inyuma y’inzu yose ya Yuda. 17  Nayo abubatsi bari ku ruhome n’abatwara imizigo iremereye, umwe wese yaba ari ku gikorwa, agakoresha ukuboko kumwe ukundi+ na kwo gufashe ikirwanisho batera+. 18  Kandi abubatsi baba bakenyeye umwe wese inkota yiwe mu mafyinga+, mu gihe baba bariko barubaka+; uwo kuvuza inzamba+ yaba ari iruhande yanje. 19  Nuko mbwira abanyacubahiro n’ivyegera vy’abatware+ n’abantu basigaye nti: “Igikorwa ni kinini kandi kigera kure, natwe turasabagiye ku ruhome, turi kure na kure. 20  Aho muzokwumva ijwi ry’inzamba, hazobe ari ho mukoranira, aho turi. Imana yacu ubwayo izoturwanira+.” 21  Mu gihe twaba turi ku gikorwa, ikindi ca kabiri cabo na co caba gifashe amacumu, kuva umutwenzi utambitse gushika inyenyeri ziserutse. 22  Vyongeye, ico gihe mbwira abantu nti: “Umwe wese mu bagabo arare hagati muri Yeruzalemu+ ari kumwe n’umusuku wiwe; bazotubera abarinzi mw’ijoro, batubere abakozi ku murango.” 23  Nayo jewe+ na bene wacu+ n’abasuku banje+ n’abagabo b’abarinzi+ bari inyuma yanje, ntitwambura impuzu zacu; umwe wese yaba afise mu kuboko kwiwe kw’ukuryo ikirwanisho ciwe batera+.

Amakuru yiyongereye