Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Nehemiya 3:1-32

3  Nuko Eliyashibu+ umuherezi mukuru na bene wabo, abaherezi, barahaguruka maze bubaka Irembo ry’Intama+. Bo ubwabo bararyeza+ hanyuma bashiraho imiryango yaryo; bararyeza gushika ku Munara wa Meya+, gushika ku Munara wa Hananeli+.  Abagabo b’i Yeriko+ bubaka iruhande yabo. Zakuri mwene Imuri na we yubaka iruhande ya bano.  Irembo ry’Amafi+ riba ari ryo bene Hasenaya bubaka; bo ubwabo barishirako ibiti+ maze bashiraho imiryango+ yaryo n’ivyugazo vyaryo n’ibihindizo+ vyaryo.  Hanyuma Meremoti+ mwene Uriya+, Uriya mwene Hakozi, akora igikorwa co gusanasana iruhande yabo; Meshulamu+ mwene Berekiya, Berekiya mwene Meshezabeli akora igikorwa co gusanasana iruhande yabo; Zadoki mwene Bayana akora igikorwa co gusanasana iruhande yabo.  Hanyuma Abanyatekowa+ bakora igikorwa co gusanasana iruhande yabo; mugabo abakomakomeye+ babo ntibemera gukora igikorwa ca ba shebuja.  Irembo ry’Igisagara ca Kera+ riba ari ryo Yoyada mwene Paseya na Meshulamu mwene Besodeya basanasana; bo ubwabo barishirako ibiti maze bashiraho imiryango yaryo n’ivyugazo vyaryo n’ibihindizo+ vyaryo.  Hanyuma Melatiya Umunyagibeyoni+ na Yadoni Umunyameronoti+, abagabo b’i Gibeyoni+ n’i Mizipa+ begukira intebe y’ubwami ya buramatari+ wo hakurya ya rwa Ruzi+, bakora igikorwa co gusanasana iruhande yabo.  Uziyeli mwene Harihaya, wo mu bacuzi b’inzahabu+, akora igikorwa co gusanasana iruhande yabo; hanyuma Hananiya wo mu bavanzi b’amavuta manovu+ akora igikorwa co gusanasana iruhande yiwe; nuko batangura gusasa i Yeruzalemu amabuye abase gushika ku Ruhome Rwagutse+.  Hanyuma Refaya mwene Huru, umuganwa w’igice c’intara ya Yeruzalemu, akora igikorwa co gusanasana iruhande yabo. 10  Hanyuma Yedaya mwene Harumafu akora igikorwa co gusanasana iruhande yabo imbere y’inzu yiwe+; hanyuma Hatushi mwene Hashabuneya akora igikorwa co gusanasana iruhande yiwe. 11  Ikindi gice gipimwe kiba ari co Malikiya mwene Harimu+ na Hashubu mwene Pahati-mowabu+ basanasana, be n’Umunara w’Amafuru y’Ukwotsa+. 12  Hanyuma Shalumu mwene Haloheshi, umuganwa+ w’igice c’intara ya Yeruzalemu, akora igikorwa co gusanasana iruhande yiwe, we hamwe n’abakobwa biwe. 13  Irembo ryo ku Mubande+ riba ari ryo Hanuni n’ababa i Zanowa+ basanasana; bo ubwabo bararyubaka maze bashiraho imiryango+ yaryo n’ivyugazo+ vyaryo n’ibihindizo+ vyaryo, basanasana n’amatambwe* igihumbi mu ruhome gushika kw’Irembo ry’Ibirundo vy’Umunyota+. 14  Irembo ry’Ibirundo vy’Umunyota riba ari ryo Malikiya mwene Rekabu, umuganwa w’intara ya Beti-hakeremu+, asanasana; we ubwiwe araryubaka maze ashiraho imiryango yaryo n’ivyugazo vyaryo n’ibihindizo vyaryo. 15  Irembo ryo kw’Isôko+ riba ari ryo Shaluni mwene Kolihoze, umuganwa w’intara ya Mizipa+, asanasana; we ubwiwe araryubaka, arishirako igisenge yongera ashiraho imiryango+ yaryo n’ivyugazo vyaryo n’ibihindizo vyaryo; asanasana n’uruhome rw’Ikidengeri+ c’Umugende amaja ku Murima w’Umwami+ no gushika ku Nzira y’Ingazi+ imanuka ivuye mu Gisagara ca Dawidi+. 16  Mu nyuma ziwe Nehemiya mwene Azibuki, umuganwa w’igice c’intara ya Beti-zuri+, akora igikorwa co gusanasana gushika imbere y’Imva+ za Dawidi no gushika ku kidengeri+ cari carakozwe no gushika ku Nzu y’Abanyenkomezi+. 17  Mu nyuma ziwe Abalewi+ bakora igikorwa co gusanasana bahagarikiwe na Rehumu mwene Bani+; Hashabiya, umuganwa w’igice c’intara ya Keyila+, akora igikorwa co gusanasana iruhande yiwe ku bw’intara yiwe. 18  Mu nyuma ziwe bene wabo bakora igikorwa co gusanasana bahagarikiwe na Bavayi mwene Henadadi, umuganwa w’igice c’intara ya Keyila. 19  Hanyuma Ezeri mwene Yeshuwa+, umuganwa wa Mizipa+, atangura gusanasana ikindi gice gipimwe iruhande yiwe, imbere y’umudugo uja ku Bubiko bw’Ibirwanisho ku Rwego+. 20  Mu nyuma ziwe Baruki mwene Zabayi+ akorana ubwira+, asanasana ikindi gice gipimwe, kuva ku Rwego gushika ku bwinjiriro bw’inzu ya Eliyashibu+ umuherezi mukuru. 21  Mu nyuma ziwe Meremoti mwene Uriya+, Uriya mwene Hakozi, asanasana ikindi gice gipimwe, kuva ku bwinjiriro bw’inzu ya Eliyashibu gushika ku mpera yayo. 22  Mu nyuma ziwe abaherezi, abagabo bo mu Ntara ya Yorodani+, bakora igikorwa co gusanasana. 23  Mu nyuma zabo Benyamini na Hashubu bakora igikorwa co gusanasana imbere y’inzu yabo. Mu nyuma zabo Azariya mwene Mayaseya, Mayaseya mwene Ananiya, akora igikorwa co gusanasana iruhande y’inzu yiwe. 24  Mu nyuma ziwe Binuwi mwene Henadadi asanasana ikindi gice gipimwe, kuva ku nzu ya Azariya gushika ku Rwego+ no gushika ku mfuruka. 25  Mu nyuma ziwe Palali mwene Uzayi akora igikorwa co gusanasana imbere y’Urwego n’umunara wometse ku Nzu y’Umwami+, uwo haruguru wegukira Ikigo c’Abarinzi+. Mu nyuma ziwe hari Pedaya mwene Paroshi+. 26  Kandi Abanetinimu+ baba i Ofeli+; bakora igikorwa co gusanasana gushika imbere y’Irembo ry’Amazi+ mu buseruko be n’umunara wometseko. 27  Mu nyuma zabo Abanyatekowa+ basanasana ikindi gice gipimwe, kuva imbere y’umunara munini wometseko gushika ku ruhome rw’i Ofeli. 28  Abaherezi bakora igikorwa co gusanasana hejuru y’Irembo ry’Amafarasi+, umwe wese imbere y’inzu yiwe. 29  Mu nyuma zabo Zadoki+ mwene Imeri akora igikorwa co gusanasana imbere y’inzu yiwe. Mu nyuma ziwe na ho Shemaya mwene Shekaniya, umurinzi w’Irembo ryo mu Buseruko+, akora igikorwa co gusanasana. 30  Mu nyuma ziwe Hananiya mwene Shelemiya na Hanuni umuhungu agira gatandatu wa Zalafu basanasana ikindi gice gipimwe. Mu nyuma ziwe Meshulamu+ mwene Berekiya akora igikorwa co gusanasana imbere y’icumba ciwe+. 31  Mu nyuma ziwe Malikiya, uwo mw’ishirahamwe ry’abacuzi b’inzahabu+, akora igikorwa co gusanasana gushika ku nzu y’Abanetinimu+ n’abacuruza+, imbere y’Irembo ry’Igendura no gushika ku cumba co hejuru co ku mfuruka. 32  Nuko abacuzi b’inzahabu n’abacuruza bakora igikorwa co gusanasana hagati y’icumba co hejuru co ku mfuruka n’Irembo ry’Intama+.

Amakuru yiyongereye

Ni amatambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora. Itambwe rimwe ni nka cm 44,5.