Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Nehemiya 11:1-36

11  Ico gihe abaganwa+ b’abantu baba i Yeruzalemu+; mugabo ku bijanye n’abantu basigaye, hapfindwa ubupfindo+ kugira ngo umwe kuri cumicumi azanwe kuba i Yeruzalemu igisagara ceranda+, icenda basigaye na bo babe mu bindi bisagara.  Vyongeye, abantu bahezagira+ abantu bose bitanze+ kugira babe i Yeruzalemu.  Aba ni bo bakuru b’intara y’ubutware+ baba i Yeruzalemu+; mugabo mu bisagara vya Yuda haba Isirayeli+, abaherezi+ n’Abalewi+, Abanetinimu+ n’abahungu b’abasuku ba Salomo+, umwe wese mu ntoranwa yiwe, mu bisagara vyabo+.  I Yeruzalemu haba kandi bamwe muri bene Yuda na bamwe muri bene Benyamini+. Muri bene Yuda yari Ataya mwene Uziya, Uziya mwene Zekariya, Zekariya mwene Amariya, Amariya mwene Shefatiya, Shefatiya mwene Mahalaleli, wo muri bene Perezi+;  na Mayaseya mwene Baruki, Baruki mwene Kolihoze, Kolihoze mwene Hazaya, Hazaya mwene Adaya, Adaya mwene Yoyaribu, Yoyaribu mwene Zekariya, Zekariya umuhungu w’Umushela.  Bene Perezi bose baba i Yeruzalemu bari amajana ane na mirongo itandatu n’umunani, abagabo babishoboye.  Bene Benyamini+ ni aba: Salu mwene Meshulamu+, Meshulamu mwene Yowedi, Yowedi mwene Pedaya, Pedaya mwene Kolaya, Kolaya mwene Mayaseya, Mayaseya mwene Itiyeli, Itiyeli mwene Yeshaya;  agakurikirwa na Gabayi na Salayi, bose bakaba bari amajana icenda na mirongo ibiri n’umunani;  na Yoweli mwene Zikiri, umucungezi wabo, na Yuda mwene Hasenuwa uwagira kabiri mu kuganza igisagara. 10  Mu baherezi ni aba: Yedaya mwene Yoyaribu+, Yakini+, 11  Seraya mwene Hilikiya, Hilikiya mwene Meshulamu+, Meshulamu mwene Zadoki+, Zadoki mwene Merayoti, Merayoti mwene Ahitubu+, indongozi y’inzu y’Imana y’ukuri; 12  na bene wabo, abakora igikorwa c’iyo nzu+, bose bakaba bari amajana umunani na mirongo ibiri na babiri; na Adaya mwene Yerohamu+, Yerohamu mwene Pelaliya, Pelaliya mwene Amuzi, Amuzi mwene Zekariya, Zekariya mwene Pashuri+, Pashuri mwene Malikiya+, 13  na bene wabo, abakuru b’amazu ya ba sekuru+, bose bakaba bari amajana abiri na mirongo ine na babiri, na Amashisayi mwene Azareli, Azareli mwene Ahazayi, Ahazayi mwene Meshilemoti, Meshilemoti mwene Imeri, 14  na bene wabo, abagabo b’abanyenkomezi kandi b’intwari+, bose bakaba bari ijana na mirongo ibiri n’umunani, kandi hariho umucungezi+ wabo, ari we Zabidiyeli umuhungu w’abahambaye. 15  Mu Balewi+ ni aba: Shemaya mwene Hashubu, Hashubu mwene Azirikamu, Azirikamu mwene Hashabiya+, Hashabiya mwene Buni, 16  na Shabetayi+ na Yozabadi+, bo mu bakuru b’Abalewi, bakaba bari bajejwe ivyo hanze y’inzu y’Imana y’ukuri; 17  na Mataniya+ mwene Mika, Mika mwene Zabidi, Zabidi mwene Asafu+, umurongozi w’indirimbo zo gushemeza+, akaba ari we yahaya Imana mu gihe c’isengesho+, na Bakibukiya yagira kabiri muri bene wabo, na Abuda mwene Shamuwa, Shamuwa mwene Galali+, Galali mwene Yedutuni+. 18  Abalewi bose mu gisagara ceranda+ bari amajana abiri na mirongo umunani na bane. 19  Abarinzi b’amarembo+ bari Akubu, Talimoni+ na bene wabo bacungera mu marembo+, bose bakaba bari ijana na mirongo irindwi na babiri. 20  Abasigaye bo muri Isirayeli, bo mu baherezi no mu Balewi, bari mu bindi bisagara vyose vya Yuda, umwe wese mu ntoranwa yiwe+. 21  Abanetinimu+ baba i Ofeli+; Ziha na Gishipa ni bo bari abakuru b’Abanetinimu. 22  Umucungezi+ w’Abalewi i Yeruzalemu yari Uzi mwene Bani, Bani mwene Hashabiya, Hashabiya mwene Mataniya+, Mataniya mwene Mika+, wo mu bahungu ba Asafu+, abaririmvyi+, ku bijanye n’igikorwa c’inzu y’Imana y’ukuri. 23  Kuko hariho ibwirizwa ry’umwami ku biberekeye+, kandi hariho intunganyo yashinzwe yari igenewe abaririmvyi bivanye n’ivyo bakenera ku musi ku musi+. 24  Petahiya mwene Meshezabeli wo muri bene Zera, Zera mwene Yuda, yari iruhande y’umwami ku bijanye n’ikibazo cose c’abantu. 25  Ku bijanye n’imihana irundanye+ yo mu turere twabo, hari bamwe muri bene Yuda baba i Kiriyati-aruba+ no mu bisagara bihakukira, i Diboni no mu bisagara bihakukira, i Yekabuzeyeli+ no mu mihana irundanye ihakukira, 26  i Yeshuwa, i Molada+, i Beti-peleti+, 27  i Hazari-shuwali+, i Beyeri-sheba+ no mu bisagara bihakukira, 28  i Zikulagi+, i Mekona no mu bisagara bihakukira, 29  i Eni-rimoni+, i Zora+, i Yarimuti+, 30  i Zanowa+, i Adulamu+ no mu mihana irundanye ihakukira, i Lakishi+ no mu turere twaho, be n’i Azeka+ no mu bisagara bihakukira. Nuko bakambika kuva i Beyeri-sheba gushika ku mubande wa Hinomu+. 31  Bene Benyamini baba kuva i Geba+ kubandanya i Mikimashi+, i Ayija+, i Beteli+ no mu bisagara bihakukira, 32  i Anatoti+, i Nobu+, i Ananiya, 33  i Hazori, i Rama+, i Gitayimu+, 34  i Hadidi, i Zeboyimu, i Nebalati, 35  i Lodi+, i Ono+, mu mubande w’abahinguzi b’utugenegene. 36  Mu Balewi, hari imice ya Yuda yaba muri Benyamini.

Amakuru yiyongereye