Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Nehemiya 10:1-39

10  Kandi abavyemeje n’ikidodo+ bari aba: Nehemiya+ Buramatari*+ mwene Hakaliya+, Na Zedekiya,  Seraya+, Azariya, Yeremiya,  Pashuri, Amariya, Malikiya,  Hatushi, Shebaniya, Maluku,  Harimu+, Meremoti, Obadiya,  Daniyeli+, Ginetoni, Baruki,  Meshulamu, Abiya, Miyamini,  Mayaziya, Biligayi na Shemaya, bano bakaba bari abaherezi.  N’Abalewi: Yeshuwa+ mwene Azaniya, Binuwi wo muri bene Henadadi+, Kadumiyeli 10  na bene wabo ari bo Shebaniya+, Hodiya, Kelita, Pelaya, Hanane, 11  Mika, Rehobu, Hashabiya, 12  Zakuri, Sherebiya+, Shebaniya, 13  Hodiya, Bani na Beninu. 14  Abakuru b’abantu: Paroshi, Pahati-mowabu+, Elamu, Zatu, Bani, 15  Buni, Azigadi, Bebayi, 16  Adoniya, Bigivayi, Adini, 17  Ateri, Hezekiya, Azuri, 18  Hodiya, Hashumu, Bezayi, 19  Harifu, Anatoti, Nebayi, 20  Magipiyashi, Meshulamu, Heziri, 21  Meshezabeli, Zadoki, Yaduwa, 22  Pelatiya, Hanane, Anaya, 23  Hosheya, Hananiya, Hashubu, 24  Haloheshi, Piliha, Shobeki, 25  Rehumu, Hashabuna, Mayaseya, 26  na Ahiya, Hanane, Anane, 27  Maluku, Harimu, Bayana. 28  Abantu basigaye na bo, abaherezi+, Abalewi+, abarinzi b’amarembo+, abaririmvyi+, Abanetinimu+, n’abantu bose bariko bitandukanya n’ibisata vy’abantu vy’ibihugu+ kugira bakurikize itegeko+ ry’Imana y’ukuri, abagore babo, abahungu babo n’abakobwa babo, abantu bose bari bafise ubumenyi n’ubwenge+, 29  bifatanya na bene wabo+, abakomakomeye babo+, bararahira+, bemera no kuvumwa baramutse babirenzeko+, yuko bazogendera mw’itegeko ry’Imana y’ukuri, iryari ryaratanzwe biciye ku kuboko kwa Musa umusavyi w’Imana y’ukuri+, be n’uko bazogumya+ bakongera bagashitsa amabwirizwa yose ya Yehova Umukama+ wacu n’ingingo z’ubutungane ziwe n’ingingo nyobozi ziwe+; 30  dusezerana kandi yuko tutohaye abakobwa bacu ibisata vy’abantu vyo mu gihugu, kandi ko abakobwa babo tutobasabiye abahungu bacu+. 31  Ku bijanye n’ibisata vy’abantu vyo mu gihugu+ vyari bisanzwe bizana ibidandazwa n’ubwoko bwose bw’intete ku musi w’isabato kubigurisha, dusezerana yuko ata kintu na kimwe cabo twokwakiriye kw’isabato+ canke ku musi mweranda+, be n’uko twohevye ivyo mu mwaka ugira indwi+ n’umwenda w’umuntu wese+. 32  Vyongeye, twitegeka gutanga umwe wese muri twebwe ica gatatu ca shekeli ku mwaka ku mwaka ku bw’igikorwa c’inzu y’Imana yacu+, 33  ku bw’imikate igerekeranye+, n’ishikanwa ry’intete ry’ubudasiba+, n’ishikanwa riturirwa ry’ubudasiba ry’amasabato+ n’imboneko z’ukwezi+, ku bw’imisi mikuru yashinzwe+, ku bw’ibintu vyeranda+, no ku bw’amashikanwa y’igicumuro+ yo gutangira impongano* Isirayeli, no ku bw’igikorwa cose c’inzu y’Imana yacu+. 34  Vyongeye, dupfinda ubupfindo+ ku bijanye no gutanga inkwi+, izo abaherezi, Abalewi n’abantu bakwiye kuzana ku nzu y’Imana yacu, hakurikijwe inzu ya ba sogokuruza bacu, ku bihe vyashinzwe, ku mwaka ku mwaka, kugira ngo zicanwe ku gicaniro* ca Yehova Imana yacu+, hisunzwe ivyanditswe mw’itegeko+; 35  twitegeka no kuzana ku nzu ya Yehova ivyamwa vya mbere vyeze vy’ubutaka bwacu+ n’ivyamwa vya mbere vyeze mu vyamwa vyose vy’ubwoko bwose bw’ibiti+, ku mwaka ku mwaka; 36  n’imfura+ mu bahungu bacu be n’ivy’uburiza mu bitungwa vyacu+, hisunzwe ivyanditswe mw’itegeko+, n’ivy’uburiza mu masho yacu no mu mikuku yacu+, tukabizana ku nzu y’Imana yacu, ku baherezi bariko bakorera mu nzu y’Imana yacu+. 37  N’ikindi kandi, umushuzo w’ifu itanoze+ yacu n’intererano+ zacu n’ivyamwa vy’ubwoko bwose bw’ibiti+, umuvinyu mushasha+ n’amavuta+, tubwirizwa kubizanira abaherezi, mu vyumba vy’uburiro+ vy’inzu y’Imana yacu, tukazanira kandi Abalewi+ ic’icumi c’umwimbu w’ubutaka bwacu, kuko Abalewi ari bo bakira ic’icumi mu bisagara vy’uburimyi vyacu vyose. 38  Kandi umuherezi, mwene Aroni, ategerezwa kuba ari kumwe n’Abalewi igihe Abalewi bakira ic’icumi; Abalewi na bo babwirizwa gushikana ic’icumi c’ic’icumi ku nzu y’Imana yacu+, mu vyumba vy’uburiro+ vy’inzu y’ububiko. 39  Kuko mu vyumba vy’uburiro ari ho bene Isirayeli n’abahungu b’Abalewi bakwiye kuzana intererano+ y’intete, n’umuvinyu mushasha+ n’amavuta, kandi ni ho hari ibikoresho vy’aheranda n’abaherezi bakora igikorwa+, n’abarinzi b’amarembo+ n’abaririmvyi+; kandi tubwirizwa kudafata minenegwe inzu y’Imana yacu+.

Amakuru yiyongereye

Raba Neh 8:9, akajambo k’epfo.
Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.