Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Nahumu 2:1-13

2  Uwushwiragiza arakudugiye*+. Rinda ikibanza gikingijwe ibihome. Rereka inzira. Komeza amafyinga. Ongereza inguvu cane+.  Kuko Yehova azokoranya koko ubwiza bwa Yakobo+ nk’ubwiza bwa Isirayeli, kubera ko bageshejwe n’abageseza+; kandi bahoneje imivyaro yabo+.  Inkinzo y’abagabo biwe b’abanyenkomezi isizwe ibara ritukura; abagabo biwe b’inguvu bambaye ibisa n’ibara ry’umutukutuku rihinze+. Ku musi w’ukwitegura kwiwe, umukogote w’intambara uraca ibibatsi nk’umuriro w’ibikoresho vy’icuma, kandi amacumu y’igiti c’umuberoshi+ yajugumiye.  Imikogote y’intambara iguma igenda nk’iyasaze mu mabarabara+. Iguma yirasa irya n’ino mu bibanza vya bose. Isa n’ibimuri. Iguma yiruka nk’imiravyo+.  Umwami azokwibuka abakomakomeye biwe+. Bazogenda batsitagurika+. Bazokwihutira kuja ku ruhome rwiwe*, kandi ibizibizo bizokomezwa.  Amarembo y’inzuzi azokwugururwa ata kabuza, ikirimba na co kizoshonga koko.  Ivyo vyarashinzwe; yakuweko impuzu, azojanwa ata kabuza+, kandi abashumbakazi biwe bazonihagira n’ijwi nk’iry’inuma+, baguma bikubitagura ku mutima+.  Ninewe, kuva ibaho+, yamye imeze nk’ikidengeri c’amazi+; mugabo bariko barahunga. Barasemerera bati: “Hagarare! Hagarare!” Ariko nta n’umwe ahindukira+.  Nimusahure ifeza; nimusahure inzahabu+; kuko ibintu birundanijwe bitagira uko bingana. Hari isinzi ry’ibintu bihimbaye vy’ubwoko bwose+. 10  Igisagara kiragaragara, cogejwe, kandi gisigaye ari igiharabuga+! Umutima urashonze+, amavi ariko aradegedwa+, kandi amafyinga yose ari n’ububabare bukaze+; nayo mu maso habo hose, hajonjogoye+. 11  Buri hehe bwa butaho bw’intambwe, na rya senga ry’intambwe z’imikangara z’imigāra, hamwe intambwe yahora igendagenda ikongera ikinjira+, hamwe hahora icana c’intambwe, ata n’umwe abijugumiza+? 12  Intambwe yahora itabagurira ivyana vyayo ibikwiye, ikanigira ingore zayo. Yaguma yujuje ivyobo vyayo ivyo yacakiye, ikuzuza ubwikingo bwayo ibikoko yatabaguye+. 13  “Ehe ngira nkurwanye,” ni ko Yehova nyen’ingabo* avuze+, “kandi nzoturirira mu mwotsi umukogote w’intambara wiwe+. Inkota izorigata intambwe zawe z’imikangara z’imigāra+. Nzorandura kw’isi ivyo ucakira, kandi ijwi ry’intumwa zawe ntirizosubira kwumvikana+.”

Amakuru yiyongereye

Uwudugiwe ni Ninewe.
Rwa Ninewe.
Raba Inyongera ya 21.