Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Nahumu 1:1-15

1  Ijambo ryamenyeshejwe kuri Ninewe+: Igitabu c’ivyo Nahumu Umwelikoshi yeretswe:  Yehova ni Imana isaba kwiheberwa yonyene gusa+ kandi yihora; Yehova arihora+ kandi arashangashirwa+. Yehova arihora abarwanizi biwe+, kandi agirira inzika abansi biwe+.  Yehova ateba gushavura+ kandi afise ububasha bwinshi+; Yehova nta ho azoreka guhana+. Inzira yiwe iri mu muyaga utema ugatongora no mu kirura, ibicu ni vyo ntumo itumurwa n’ibirenge vyiwe+.  Ahambarira ikiyaga+, akagikamya; yumisha inzuzi zose+. Bashani na Karumeli birakabiranye+, n’ishurwe rya Libani rirakabiranye.  Imisozi iratigise kubera we, n’imirambi irashonze+. Isi izosebagirika kubera mu maso hiwe; n’ubutaka bwimbuka buzosebagirika, be n’ababa kuri bwo bose+.  Ni nde ashobora guhagarara imbere y’uburake bwiwe+? Kandi ni nde ashobora guhangara ishavu ryiwe rirurumba+? Emwe, ubushangashirwe bwiwe buzosukwa nk’umuriro+, kandi ibitandara bizositurirwa hasi kubera we.  Yehova ni mwiza+, ni igihome gikomeye+ ku musi w’amarushwa+. Arazi abaronderera ubuhungiro muri we+.  Azotikiza ahantu hiwe* biciye ku mwuzure w’amazi usendanisha+, kandi umwiza uzokurikirana abansi biwe+.  Ni ibiki muzokwiyumvira kugirira Yehova+? Aratikiza ntihagire igisigara. Amarushwa ntazoza ubugira kabiri+. 10  Naho bariko basobanywa nk’amahwa+ kandi bakaba baborewe nk’ababorejwe n’inzoga yabo y’ingano+, ntibazobura kuyigizwa nk’ibishakara vyumye neza+. 11  Muri wewe hazova uwiyumvira kugirira nabi Yehova+, agapfundika ibitagira ikimazi+. 12  Ibi ni vyo Yehova avuze: “Naho boba ata co bahajije kandi benshi bakaba bameze gutyo, ivyo ntibizobuza ko barandurwa+; hari uwuzoca muri bo. Nzoguteza amarushwa, ku buryo ntazosubira kuguteza amarushwa+. 13  Ubu rero nzovuna ingǒgo yiwe yo gutwarako ibintu ikuveko+, ncagagure n’imizana iri kuri wewe+. 14  Kandi Yehova yategetse ku bikwerekeye ati: ‘Nta citirirwa izina ryawe kizosubira kubibwa+. Nzorandura mu nzu y’imana zawe igishusho c’ikibazano n’igishushanyo co mu cuma gishongeshejwe+. Nzogutegurira imva+, kuko ata co wamaze.’ 15  “Ehe ku misozi ibirenge vy’uwuzanye inkuru nziza, uwamamaza amahoro+. Ewe Yuda, himbaza imisi mikuru yawe+. Shitsa indagano zawe+; kuko ata muntu w’imburakimazi azosubira guca muri wewe+. Vy’ukuri azorandurwa wese uko yakabaye+.”

Amakuru yiyongereye

Ha Ninewe.