Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Mika 6:1-16

6  Ndabinginze mwumve ivyo Yehova avuga+. Haguruka uburanire imbere y’imisozi, kandi imirambi niyumve ijwi ryawe+.  Nimwumve, yemwe misozi, imburano za Yehova, namwe bintu biramba, mwebwe mishinge y’isi+; kuko Yehova afitaniye imburano n’abantu biwe, azoburana na Isirayeli+:  “Yemwe bantu banje+, mbega nabakoreye iki? Kandi nabaruhishije gute+? Nimunyagirize+.  Kuko nabaduganye ndabakuye mu gihugu ca Misiri+, nkabacungura ndabakuye mu nzu y’abashumba+; maze narungitse imbere yanyu Musa na Aroni na Miriyamu+.  Yemwe bantu banje, ndabinginze mwibuke+ umugambi wa Balaki umwami wa Mowabu+ be n’ivyo Balamu mwene Beyori yamwishuye+. Mwibuke ivyabaye kuva i Shitimu+ gushika i Gilugali+, kugira ngo ibikorwa bigororotse vya Yehova bimenyekane+.”  Mbega nzorengukana iki+ imbere ya Yehova? Mbega nzokwunamana iki imbere y’Imana yo hejuru+? None nzorengukana imbere yiwe amashikanwa aturirwa uko yakabaye+, inyana zimaze umwaka?  Mbega Yehova azohimbarwa n’amapfizi y’intama ibihumbi, n’inzuzi z’amavuta ibihumbi mirongo+? Mbega nzotanga umuhungu wanje w’imfura ku bw’umugararizo wanje, icamwa c’inda yanje ku bw’igicumuro canje+?  Yaraguhishuriye iciza ico ari co+, ewe muntu yakuwe mw’ivu! None hari ikindi Yehova agusaba atari ugukurikiza ubutungane+ no gukunda ubuntu+ no kugendana n’Imana yawe+ wifashe ruto+?  Ijwi rya Yehova rirasemerera ribwira igisagara+, kandi umuntu w’ubukerebutsi ngirakamaro azotinya izina ryawe+. Nimwumve inkoni n’uwayishinze igikorwa+. 10  Mbega mu nzu y’umubisha haracariyo amatunga y’ububisha+, n’ingero ya efa igeruye yiyamirizwa? 11  Mbega noba nera mfise umunzane mubi n’isaho y’amabuye y’ugupimisha ahendana+? 12  Kuko abatunzi biwe basigaye buzuye ubukazi, ababa muri we na bo bakaba bavuze ikinyoma+, kandi ururimi rwabo ni urunyamayeri mu kanwa kabo+. 13  “Nanje rero nzogukubita urware+; uzogirwa umusaka, kubera ibicumuro vyawe+. 14  Uzorya ntuhage, muri wewe hagume hagaragara+. Uzotwara ibintu mugabo ntuzobijana ahatagira inkomanzi; n’ivyo wojanye ahatagira inkomanzi, nzobiha inkota+. 15  Uzobiba imbuto mugabo ntuzoshwabura. Uzoganisha ibirenge imyelayo, mugabo ntuzokwisiga amavuta; uzogana n’umuvinyu usosa, mugabo ntuzonywa umuvinyu+. 16  Ivyagezwe vya Omuri+ n’igikorwa cose c’inzu ya Ahabu birubahirizwa+, kandi mugendera mu nama zabo+; ni co gituma nzobagira akajoreza, ababa muri we na bo nkabagira ikintu co kuvugiriza agahwa+; kandi muzokwikorera iceyi c’ibisata vy’abantu+.”

Amakuru yiyongereye