Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Mika 5:1-15

5  “Ubu urikebagura+, ewe mukobwa atewe; yadusugereje+. Umucamanza wa Isirayeli bazomukubita inkoni kw’itama+.  “Nayo wewe, ewe Betelehemu Efurata+, wewe mutoyi cane ku buryo utoharurwa mu bihumbi vya Yuda+, muri wewe+ hazomviramwo uwuzoba umutware muri Isirayeli+, amamo yiwe akaba ari ayo kuva mu bihe vya kera, kuva mu misi ya kera*+.  “Ni co gituma azobaheba+ gushika aho uwibaruka azokwibarukira koko+. Kandi amasigarira ya bene wabo azogaruka kuri bene Isirayeli.  “Emwe, azohagarara aragire umukuku mu nkomezi za Yehova+, mu bukuru bw’izina rya Yehova Imana yiwe+. Bazoguma baba ng’aho+, kuko ico gihe azoba uwuhambaye gushika ku mpera z’isi+.  Uwo vy’ukuri azocika amahoro+. Nayo Umwashuri, niyinjira mu gihugu cacu agakandagira ku minara yacu yo kubamwo+, tuzomuhagurukiriza rero abungere indwi, egome, abatware umunani bo mu bantu.  Bazoragiza inkota igihugu ca Ashuri+, n’igihugu ca Nimurodi+ mu minjiriro yaco. Azoturokora vy’ukuri adukize Umwashuri+, niyinjira mu gihugu cacu, niyakandagira mu karere kacu.  “Amasigarira ya Yakobo+, hagati mu bisata vy’abantu vyinshi azoba nk’ikime kivuye kuri Yehova+, nk’imicuncubuko y’imvura ku bimera+, bititega umuntu canke ngo birindire abana b’umuntu yakuwe mw’ivu+.  Kandi amasigarira ya Yakobo, mu mahanga menshi, mu bisata vy’abantu vyinshi, azoba nk’intambwe mu bikoko vyo mu kibira, nk’intambwe y’umukangara y’umugāra mu masho y’intama, iyikandagira ikongera igatabagura iyo irenganye+; kandi nta murokozi aboneka.  Ukuboko kwawe kuzoba hejuru cane y’abarwanizi bawe+, kandi abansi bawe bose bazorandurwa+.” 10  “Kuri uwo musi,” ni ko Yehova avuze, “nzorandura amafarasi yawe hagati muri wewe kandi ntikize imikogote yawe+. 11  Nzorandura ibisagara vyo mu gihugu cawe, nsambure ibibanza vyawe vyose bikingijwe ibihome+. 12  Nzorandura ubupfumu ndabukure mu kuboko kwawe, kandi ntuzoba ukigira abanyamageza+. 13  Nzorandura muri wewe ibishusho vyawe bibajwe be n’inkingi zawe, kandi ntuzoba ucunamira ivyakozwe n’amaboko yawe+. 14  Nzorandura muri wewe ibikingi vyawe vyeranda+ nongere nzimanganye ibisagara vyawe. 15  Nzokwihora amahanga atagamburutse, nshavuye kandi nshangashiwe+.”

Amakuru yiyongereye

Canke, “y’igihe kitagira urugero.”