Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Mika 1:1-16

1  Ijambo rya Yehova ryaje kuri Mika+ w’i Moresheti mu misi ya Yotamu+ n’iya Ahazi+ n’iya Hezekiya+, abami ba Yuda+, iryo yeretswe ku bijanye na Samariya+ na Yeruzalemu+:  “Nimwumve, mwa bisata vy’abantu mwese; niwumvirize wa si we n’ibikwuzuye+, kandi Umukama Segaba Yehova abe icabona kibagiriza+, Yehova ari mu rusengero rwiwe rweranda+.  Kuko ehe, Yehova arasohotse avuye ahantu hiwe+, kandi azomanuka koko, ahonyange ibibanza bikirurutse* vy’isi+.  Imisozi izoshongera munsi yiwe+, kandi ibiyaya vyo hasi bizosatagurika, nk’ishashara kubera umuriro+, nk’amazi asutswe ahantu hashunguruka.  “Ivyo vyose vyatewe n’umugararizo wa Yakobo, egome, vyatewe n’ibicumuro vy’inzu ya Isirayeli+. None umugararizo wa Yakobo ni uwuhe? Mbega si Samariya+? Kandi ibibanza bikirurutse vya Yuda ni ibihe+? Mbega si Yeruzalemu?  Emwe, Samariya nzoyigira ikirundo c’ibihomvagurike co mu gahinga+, ahantu ho gutera imizabibu; amabuye yiwe nzoyasanzariza mu mubande, imishinge yiwe na yo ndayishire ahabona+.  Ibishusho vyiwe bibajwe bizojanjagurwa vyose+, kandi ingabirano zose yahaweko ingero zizoturirirwa mu muriro+; ibigirwamana vyiwe vyose nzobihonya. Kuko ivyo vyose yabirundanije abikuye mu bintu yahaweko ingero y’umumaraya, kandi bizosubira kuba ikintu gitanzweko ingero y’umumaraya+.”  Ku bw’ivyo, nzoboroga nongere ndire+; nzogenda ibirenge bigaragara kandi ndi gusa+. Nzoboroga nk’imbwebwe, ngandare nk’ibinyoni vyitwa imbuni vy’ibigore.  Kuko uruguma ruri kuri we rudashobora gukira+; kuko rwashitse no kuri Yuda+, icago kigashika kw’irembo ry’abantu banje, kigashika i Yeruzalemu+. 10  “Ntimubimenyeshe i Gati; oya ntimurire+. “Niwikumbagaze mu mukungugu mu nzu ya Afura+. 11  Jabuka uri gusa bimwe vy’akamaramaza, ewe mugore uba i Shafiri+! Umugore aba i Zayanani ntiyasohotse. Ukuboroga kwa Beti-ezeli kuzobaka ahantu haho ho guhagarara. 12  Kuko umugore aba i Maroti yarindiriye ivyiza+, mugabo ibibi biba ari vyo bimanuka kw’irembo rya Yeruzalemu bivuye kuri Yehova+. 13  Bohera umukogote ku mugwi w’amafarasi, ewe mugore uba i Lakishi+! Yabereye umukobwa wa Siyoni intango y’igicumuro+, kuko imigararizo ya Isirayeli yabonetse muri wewe+. 14  Ni co gituma uzoha Moresheti-gati+ ingabirano z’agasaga. Amazu ya Akizibu+ yabereye abami ba Isirayeli nk’ikintu c’uruhendo. 15  Nzokuzanira umunyazi+, ewe mugore uba i Maresha+! Ubuninahazwa bwa Isirayeli buzoshika i Adulamu+. 16  Niwitobore ubuhanza, wimoshe umushatsi kubera abana bawe baguhimbara cane+. Niwagure ubuhanza bwawe bube nk’ubw’inkona, kuko bagiye mu bunyagano kure yawe+.”

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.