Matayo 9:1-38

9  Nuko yurira ubwato, arajabuka aja mu gisagara c’iwabo+.  Hanyuma bamuzanira umuntu amugaye aryamye ku gitanda+. Yezu abonye ukwizera kwabo, abwira ico kimuga ati: “Rema, kibondo; ibicumuro vyawe birababariwe+.”  Bamwebamwe mu banditsi baca bibwira bati: “Uyu muntu ariko ararogota+.”  Yezu na we amenya ivyiyumviro vyabo+, avuga ati: “Kubera iki mwiyumvira ibintu bibi mu mitima yanyu+?  Nk’akarorero, icoroshe ni ikihe? Ni ukuvuga ngo: Ibicumuro vyawe birababariwe, canke kuvuga ngo: Haguruka utambuke+?  Ariko kugira mumenye yuko Umwana w’umuntu afise ububasha kw’isi bwo kubabarira ibicumuro+...,” maze abwira nya kimuga ati: “Haguruka, tora igitanda cawe witahire+.”  Na we aca arahaguruka, aritahira.  Amasinzi ngo abibone, atekerwa n’ubwoba, aninahaza Imana+, yo yahaye abantu ububasha+ mwene ubwo.  Hanyuma Yezu ariko ararengana avuye aho hantu, abona umuntu yitwa Matayo yicaye ku biro vy’ikori, amubwira ati: “Nkurikira+.” Aca arahaguruka aramukurikira+. 10  Mu nyuma, igihe Yezu yari ku meza mu nzu+, abatozakori n’abacumuzi benshi baraza, bicarana na we be n’abigishwa biwe. 11  Mugabo Abafarizayo ngo babibone, babwira abigishwa biwe bati: “Kubera iki umwigisha wanyu asangira n’abatozakori be n’abacumuzi+?” 12  Arabumva, aca avuga ati: “Abafise amagara meza ntibakenera umuganga+, ahubwo abarwaye ni bo bamukenera. 13  Nimugende rero mwige ico ibi bisobanura ngo: ‘Ico nshaka ni imbabazi, si ibimazi+.’ Kuko ntaje guhamagara abagororotsi, ahubwo naje guhamagara abacumuzi.” 14  Maze abigishwa ba Yohani baza kuri we, babaza bati: “Kubera iki twe n’Abafarizayo twisonzesha mugabo abigishwa bawe ntibisonzeshe+?” 15  Yezu aca ababwira ati: “None abagenzi b’umukwe hari impamvu bafise yo kugandara kandi umukwe+ akiri kumwe na bo? Mugabo hazoza imisi aho umukwe azokurwa+ muri bo, ni ho rero bazoheza bakisonzesha+. 16  Nta wushonera ikiremo c’impuzu nshasha* ku mpuzu yo hejuru ishaje; kuko inkomezi zaco zose zokwega nya mpuzu yo hejuru, ugutabuka kugaca kwunyuka+. 17  Eka mbere nta bashira umuvinyu mushasha mu mikuza y’inshato ishaje; kuko babigize iyo mikuza y’inshato iturika, nya muvinyu ugaseseka, ya mikuza na yo igashwanyagurika+. Mugabo umuvinyu mushasha bawushira mu mikuza y’inshato mishasha, maze vyompi bikarama+.” 18  Akiriko arababwira ivyo, umutware umwe+ yari yegereye atangura kwikubita imbere yiwe+, avuga ati: “Ubu umukobwa wanje ategerezwa kuba amaze gupfa+; mugabo ingo umurambikeko ikiganza, araheza asubire kuba muzima+.” 19  Nuko Yezu arahaguruka, aramukurikira; abigishwa biwe na bo nyene baramukurikira. 20  Maze umugore amaze imyaka cumi n’ibiri ava amaraso+, azanana inyuma yiwe, akora ku buyonga bw’impuzu yiwe yo hejuru+; 21  kuko yaguma yibwira ati: “Ninapfa gukora ku mpuzu yiwe yo hejuru, ndakira+.” 22  Yezu arahindukira, aramubona, avuga ati: “Rema, mukobwa wanje; ukwizera kwawe kuragukijije+.” Kuva kuri iyo saha nya mugore arakira+. 23  Hanyuma Yezu yinjiye mu nzu ya wa mutware+ akabona abariko bavuza imyironge n’isinzi riri mu ruyogoyogo+, 24  avuga ati: “Nimuhave, kuko ako gakobwa katapfuye, ahubwo karasinziriye+.” Avuze ivyo, batangura kumutwenga bamushinyagurira+. 25  Nya sinzi rikimara gusohorwa hanze, arinjira, afata ukuboko nya gakobwa+, gaca karahaguruka+. 26  Emwe, inkuru y’ivyo ica ikwira muri ako karere kose. 27  Yezu ariko ararengana avuye aho hantu, abagabo babiri b’impumyi+ baramukurikira, basemerera bati: “Tugirire imbabazi+, Mwana wa Dawidi.” 28  Amaze kwinjira mu nzu, nya bagabo b’impumyi baza kuri we, hanyuma Yezu ababaza ati: “Murizeye+ ko ivyo nshobora kubikora?” Baramwishura bati: “Egome, Mukama.” 29  Maze akora ku maso yabo+, avuga ati: “Nibibabere nk’uko mwizeye.” 30  Amaso yabo aca arabona. Vyongeye Yezu arabihanikiriza ati: “Murabe neza ntihagire uwubimenya+.” 31  Mugabo bamaze gusohoka hanze, baca bakwiragiza ivyiwe muri ako karere kose+. 32  Buno bariko baragenda, bamuzanira umugabo w’ikiragi yiziziwe n’idayimoni+; 33  hanyuma iyo dayimoni imaze kwirukanwa, nya mugabo w’ikiragi aravuga+. Emwe, amasinzi arumirwa+, avuga ati: “Ikintu nk’iki nticari bwakaboneke muri Isirayeli.” 34  Ariko Abafarizayo bavuga bati: “Umutware w’amadayimoni ni we amushoboza kwirukana amadayimoni+.” 35  Hanyuma Yezu agendagenda mu bisagara vyose no mu bigwati vyose, yigisha mu masinagogi yabo, yamamaza inkuru nziza y’ubwami yongera akiza indwara z’ubwoko bwose n’ubumuga bw’ubwoko bwose+. 36  Abonye amasinzi, bamutera ikigongwe+, kuko bari baratabaguwe, basabagiye nk’intama zitagira umwungere+. 37  Maze abwira abigishwa biwe ati: “Egome, ivyimburwa ni vyinshi mugabo abakozi ni bake+. 38  Nimwinginge rero Umukuru w’iyimbura arungike abakozi mw’iyimbura ryiwe+.”

Utujambo tw'epfo

Ni ukuvuga, “impuzu itaritunatuna.”