Matayo 8:1-34
8 Amaze kumanuka avuye ku musozi, amasinzi menshi aramukurikira.
2 Maze haza umuntu arwaye imibembe+, atangura kwikubita imbere yiwe, avuga ati: “Mukama, ubishatse gusa, urashobora kumpumanura.”
3 Nuko aramvura ukuboko amukorako, avuga ati: “Ndabishaka. Humanuka+.” Buno nyene imibembe yiwe ica iramuvako, arahumanuka+.
4 Maze Yezu amubwira ati: “Urabe ntihagire uwo ubibwira+, mugabo genda, wiyereke umuherezi+, hanyuma ushikane ishikanwa+ Musa yashinze, kugira bibabere intahe.”
5 Yinjiye i Kaperinawumu+, intwazangabo imwe iza kuri we, iramwinginga
6 iti: “Mutungwa, umusuku wanje aryamye mu nzu kubera ubumuga, akaba ababazwa bimwe biteye ubwoba.”
7 Amubwira ati: “Ninashikayo ndamukiza.”
8 Ya ntwazangabo yishura iti: “Mutungwa, ntibimbereye ko winjira mu nzu yanje, mugabo pfa kurivuga gusa, umusuku wanje aca akira.
9 Kuko na jewe ngabwa, nkagira abasoda ngaba, nkabwira uyu nti: ‘Genda+!’, akagenda, nabwira uwundi nti: ‘Ngwino!’, akaza, nabwira umushumba wanje nti: ‘Kora iki!’, akagikora.”
10 Yezu avyumvise, arumirwa, abwira abariko bamukurikira ati: “Ndababwiye ukuri: Muri Isirayeli nta n’umwe nasanganye ukwizera kwinshi gutyo+.
11 Mugabo ndababwiye yuko benshi bo mu mihingo yo mu buseruko no mu burengero+ bazoza bakicarana na Aburahamu na Izahaki na Yakobo ku meza mu bwami+ bwo mw’ijuru+;
12 nayo abana b’ubwami+ bazotererwa mu mwiza hanze. Aho ni ho hazoba ukurira kwabo n’uguhekenya amenyo+.”
13 Maze Yezu abwira ya ntwazangabo ati: “Genda. Nibikubere nk’uko wizeye+.” Kandi nya musuku yakize kuri iyo saha.
14 Maze Yezu aje mu nzu kwa Petero, abona inabukwe+ wiwe aryamye, arwaye inyonko+.
15 Nuko amukora ku kuboko+, ya nyonko ica iramuvako, hanyuma arahaguruka atangura kumukorera+.
16 Mugabo bumaze kugoroba, bamuzanira abantu benshi biziziwe n’amadayimoni; na we yirukana izo mpwemu akoresheje ijambo, yongera akiza abari bamerewe nabi bose,
17 kugira haranguke ivyavuzwe biciye kuri Yesaya umuhanuzi ngo: “Ubwiwe yikoreye indwara zacu yongera yiremeka ubumuga bwacu+.”
18 Aho Yezu aboneye isinzi rimukikije, atanga itegeko ngo basoze baje ku yindi nkengera+.
19 Haza umwanditsi umwe, amubwira ati: “Mwigisha, nzogukurikira iyo uzoja hose+.”
20 Mugabo Yezu amubwira ati: “Imbwebwe zirafise imyobo n’inyoni zo mu kirere zikagira ubwikingo, mugabo Umwana w’umuntu we ntagira aho arambika umutwe+.”
21 Maze uwundi mwigishwa amubwira ati: “Mukama, ndeka mbanze ngende mpambe dawe.”
22 Yezu amubwira ati: “Guma unkurikira, ureke abapfu bahambe abapfu babo+.”
23 Hanyuma yuriye ubwato+, abigishwa biwe baramukurikira.
24 Buno mu kiyaga havyuka inkuruma ikomeye ku buryo ubwato bwariko bupfukwa n’imipfunda; ariko we yari asinziriye+.
25 Baraza baramukangura+, bati: “Mukama, dukize, tugira duhone!”
26 Mugabo ababwira ati: “Kubera iki muri n’umutima uhuha, mwa bantu b’ukwizera guke mwe+?” Maze arahaguruka akankamira nya miyaga na nya kiyaga, haca haratekana cane+.
27 Nuko nya bantu barumirwa, bavuga bati: “Uyu ni umuntu bwoko ki+, ko n’imiyaga n’ikiyaga bimugamburukira?”
28 Aho ashikiye ku yindi nkengera, mu gihugu c’Abagadareni+, abagabo babiri biziziwe n’amadayimoni+ baza kumusanganira bavuye hagati mu mva, bakaba bari bakaze bimwe bidasanzwe ku buryo ata watinyuka guca muri iyo nzira.
29 Maze barasemerera, bati: “Duhuriye ku ki nawe ga Mwana w’Imana+? Waje ng’aha kutubabaza+ igihe cashinzwe kitaragera+?”
30 Mugabo kure yabo hari ubusho bw’ingurube bwariko burarisha.
31 Nuko nya madayimoni atangura kumwinginga ati: “Uramutse utwirukanye, uturungike muri buriya busho bw’ingurube+.”
32 Nuko ayabwira ati: “Gende!” Nya madayimoni arasohoka aja muri za ngurube; maze bwa busho bwose bushunguruka imanga bwitera mu kiyaga, bupfira mu mazi+.
33 Mugabo nya bungere barahunga, binjira mu gisagara, bigana ivyabaye vyose, harimwo n’ivya ba bantu bari biziziwe n’amadayimoni.
34 Maze igisagara cose kirasohoka gusanganira Yezu; bamaze kumubona, bamwinginga bashimitse ngo ave mu ntara zabo+.