Matayo 8:1-34

8  Amaze kumanuka avuye ku musozi, amasinzi menshi aramukurikira.  Maze haza umuntu arwaye imibembe+, atangura kwikubita imbere yiwe, avuga ati: “Mukama, ubishatse gusa, urashobora kumpumanura.”  Nuko aramvura ukuboko amukorako, avuga ati: “Ndabishaka. Humanuka+.” Buno nyene imibembe yiwe ica iramuvako, arahumanuka+.  Maze Yezu amubwira ati: “Urabe ntihagire uwo ubibwira+, mugabo genda, wiyereke umuherezi+, hanyuma ushikane ishikanwa+ Musa yashinze, kugira bibabere intahe.”  Yinjiye i Kaperinawumu+, intwazangabo imwe iza kuri we, iramwinginga  iti: “Mutungwa, umusuku wanje aryamye mu nzu kubera ubumuga, akaba ababazwa bimwe biteye ubwoba.”  Amubwira ati: “Ninashikayo ndamukiza.”  Ya ntwazangabo yishura iti: “Mutungwa, ntibimbereye ko winjira mu nzu yanje, mugabo pfa kurivuga gusa, umusuku wanje aca akira.  Kuko na jewe ngabwa, nkagira abasoda ngaba, nkabwira uyu nti: ‘Genda+!’, akagenda, nabwira uwundi nti: ‘Ngwino!’, akaza, nabwira umushumba wanje nti: ‘Kora iki!’, akagikora.” 10  Yezu avyumvise, arumirwa, abwira abariko bamukurikira ati: “Ndababwiye ukuri: Muri Isirayeli nta n’umwe nasanganye ukwizera kwinshi gutyo+. 11  Mugabo ndababwiye yuko benshi bo mu mihingo yo mu buseruko no mu burengero+ bazoza bakicarana na Aburahamu na Izahaki na Yakobo ku meza mu bwami+ bwo mw’ijuru+; 12  nayo abana b’ubwami+ bazotererwa mu mwiza hanze. Aho ni ho hazoba ukurira kwabo n’uguhekenya amenyo+.” 13  Maze Yezu abwira ya ntwazangabo ati: “Genda. Nibikubere nk’uko wizeye+.” Kandi nya musuku yakize kuri iyo saha. 14  Maze Yezu aje mu nzu kwa Petero, abona inabukwe+ wiwe aryamye, arwaye inyonko+. 15  Nuko amukora ku kuboko+, ya nyonko ica iramuvako, hanyuma arahaguruka atangura kumukorera+. 16  Mugabo bumaze kugoroba, bamuzanira abantu benshi biziziwe n’amadayimoni; na we yirukana izo mpwemu akoresheje ijambo, yongera akiza abari bamerewe nabi bose, 17  kugira haranguke ivyavuzwe biciye kuri Yesaya umuhanuzi ngo: “Ubwiwe yikoreye indwara zacu yongera yiremeka ubumuga bwacu+.” 18  Aho Yezu aboneye isinzi rimukikije, atanga itegeko ngo basoze baje ku yindi nkengera+. 19  Haza umwanditsi umwe, amubwira ati: “Mwigisha, nzogukurikira iyo uzoja hose+.” 20  Mugabo Yezu amubwira ati: “Imbwebwe zirafise imyobo n’inyoni zo mu kirere zikagira ubwikingo, mugabo Umwana w’umuntu we ntagira aho arambika umutwe+.” 21  Maze uwundi mwigishwa amubwira ati: “Mukama, ndeka mbanze ngende mpambe dawe.” 22  Yezu amubwira ati: “Guma unkurikira, ureke abapfu bahambe abapfu babo+.” 23  Hanyuma yuriye ubwato+, abigishwa biwe baramukurikira. 24  Buno mu kiyaga havyuka inkuruma ikomeye ku buryo ubwato bwariko bupfukwa n’imipfunda; ariko we yari asinziriye+. 25  Baraza baramukangura+, bati: “Mukama, dukize, tugira duhone!” 26  Mugabo ababwira ati: “Kubera iki muri n’umutima uhuha, mwa bantu b’ukwizera guke mwe+?” Maze arahaguruka akankamira nya miyaga na nya kiyaga, haca haratekana cane+. 27  Nuko nya bantu barumirwa, bavuga bati: “Uyu ni umuntu bwoko ki+, ko n’imiyaga n’ikiyaga bimugamburukira?” 28  Aho ashikiye ku yindi nkengera, mu gihugu c’Abagadareni+, abagabo babiri biziziwe n’amadayimoni+ baza kumusanganira bavuye hagati mu mva, bakaba bari bakaze bimwe bidasanzwe ku buryo ata watinyuka guca muri iyo nzira. 29  Maze barasemerera, bati: “Duhuriye ku ki nawe ga Mwana w’Imana+? Waje ng’aha kutubabaza+ igihe cashinzwe kitaragera+?” 30  Mugabo kure yabo hari ubusho bw’ingurube bwariko burarisha. 31  Nuko nya madayimoni atangura kumwinginga ati: “Uramutse utwirukanye, uturungike muri buriya busho bw’ingurube+.” 32  Nuko ayabwira ati: “Gende!” Nya madayimoni arasohoka aja muri za ngurube; maze bwa busho bwose bushunguruka imanga bwitera mu kiyaga, bupfira mu mazi+. 33  Mugabo nya bungere barahunga, binjira mu gisagara, bigana ivyabaye vyose, harimwo n’ivya ba bantu bari biziziwe n’amadayimoni. 34  Maze igisagara cose kirasohoka gusanganira Yezu; bamaze kumubona, bamwinginga bashimitse ngo ave mu ntara zabo+.

Utujambo tw'epfo